Abaroma 8:1-39

8  Abunze ubumwe na Kristu Yezu rero ntibatsindwa n’urubanza+.  Kuko itegeko+ rya ya mpwemu+ itanga ubuzima+ mu bumwe na Kristu Yezu ryabagize abidegemvya+ mukava kw’itegeko ry’igicumuro rikaba n’iry’urupfu+.  Kuko, bitumwe n’uko Itegeko+ ata bubasha ryari rifise igihe ryari goyigoyi+ bivuye ku mubiri, Imana yatsindishije igicumuro mu mubiri, mu kurungika Umwana+ wayo bwite mu mubiri usa n’uwucumura+ no ku vyerekeye igicumuro+,  kugira ngo igisabwa kigororotse c’Itegeko kirangukire+ muri twebwe abatagenda bisunga umubiri, ahubwo bagenda bisunga impwemu+.  Kuko abisunga umubiri bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri+, mugabo abisunga impwemu bakayishira ku bintu vy’impwemu+.  Kuko kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo urupfu+, mugabo kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu+ bivamwo ubuzima n’amahoro;  kubera ko kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo ukwankana+ n’Imana, kuko umubiri utayobokera+ itegeko ry’Imana, eka mbere ntibinashoboka.  Nuko rero abahuza n’umubiri+ ntibashobora gushimisha Imana.  Ariko mwebwe ntimuhuza n’umubiri, ahubwo muhuza n’impwemu+, nimba impwemu y’Imana iba vy’ukuri muri mwebwe+. Mugabo nimba umuntu adafise impwemu ya Kristu+, uyo si uwiwe. 10  Mugabo nimba Kristu yunze ubumwe namwe+, umubiri koko warapfuye kubera igicumuro, mugabo impwemu ni ubuzima+ kubera ubugororotsi. 11  Nimba rero impwemu y’umwe yazura Yezu mu bapfuye iba muri mwebwe, uwazuye Kristu Yezu mu bapfuye+ azotuma kandi ya mibiri yanyu ipfa iba mizima+ biciye ku mpwemu yiwe iba muri mwebwe. 12  Nuko rero, bene wacu, turiko ibwirizwa, atari ku bijanye n’umubiri kugira ngo tubeho twisunga umubiri+; 13  kuko nimba mubaho mwisunga umubiri, nta nkeka muzopfa+; mugabo nimba ingeso z’umubiri muzicisha+ impwemu, muzobaho. 14  Kuko abo bose bayoborwa n’impwemu y’Imana, abo ni bo bana b’Imana+. 15  Kuko mutaronse impwemu y’ubushumba yongera guteza ubwoba+, ahubwo mwaronse impwemu+ y’ukugirwa abana+, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: “Abba+, Data!” 16  Impwemu+ ubwayo irashinga intahe+ hamwe n’impwemu yacu+ yuko turi abana b’Imana+. 17  Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa: ba samuragwa koko b’Imana, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana+ na we kugira ngo kandi tuninahazanywe na we+. 18  Ku bw’ivyo rero mbona yuko imibabaro+ yo muri iki kiringo ata co ivuze igereranijwe n’ubuninahazwa+ bugiye guhishurwa muri twebwe. 19  Kuko ivyaremwe+ vyiteze bibishashaye+ ihishurwa ry’abana b’Imana+. 20  Kuko ivyaremwe vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi+, atari ku kugomba kwavyo bwite mugabo biciye ku wabitanze, hishimikijwe icizigiro+ 21  c’uko ivyaremwe+ na vyo bizogirwa ivyidegemvya+ bikava mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana. 22  Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu. 23  Si ivyo gusa, ahubwo na twebwe ubwacu abafise umushuzo+ ari yo mpwemu, egome, twebwe ubwacu turaniha+ imbere muri twebwe, mu gihe turindiranye igishika ukugirwa abana+, ukubohorwa biciye ku ncungu tukava mu mibiri yacu. 24  Kuko twakijijwe muri ico cizigiro+; mugabo icizigiro umuntu abona si icizigiro, kuko iyo umuntu abona ikintu, none yocizigira? 25  Mugabo nimba twizigira+ ico tutabona+, tuguma tukirindiriye twihanganye+. 26  N’impwemu+ na yo irahaseruka ngo ifashe mu bugoyagoye bwacu+; kuko ingorane ari uko tutakizi ico dukwiye gusaba Imana iyo tubikeneye+, mugabo impwemu+ ubwayo iratakamba ku bwacu mu miniho itavuzwe. 27  Yamara umwe asesangura imitima+ arazi ico impwemu+ ishaka kuvuga, kuko itakamba ihuza n’Imana ku bw’aberanda+. 28  Ariko turazi yuko Imana ituma ibikorwa vyayo vyose+ bisenyera ku mugozi umwe ku neza y’abakunda Imana, bakaba ari abahamagawe hisunzwe intumbero yayo+; 29  kuko abo yitwararitse ubwa mbere+ yabageneye kandi imbere y’igihe+ gushushanywa+ n’ishusho+ y’Umwana wayo, kugira ngo abe imfura+ muri bene wabo benshi+. 30  Vyongeye, abo yagenye imbere y’igihe+ ni na bo yahamagaye+; kandi abo yahamagaye ni na bo yise abagororotsi+. Amaherezo abo yise abagororotsi ni na bo yaninahaje+. 31  None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+? 32  Iyitazigurije n’Umwana wayo bwite+ mugabo ikamutanga ku bwacu twese+, izobuzwa n’iki kandi kuduhana na we ibindi bintu vyose n’umutima ukunze+? 33  Ni nde azorega abatowe n’Imana+? Imana ni Yo ibita abagororotsi+. 34  Ni nde azobatsindisha? Kristu Yezu ni we yapfuye, egome, nako ni we yazuwe mu bapfuye, akaba ari iburyo+ bw’Imana, ari na we kandi atakamba ku bwacu+. 35  Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristu+? Mbega ni amakuba, canke amarushwa, canke uruhamo, canke inzara, canke ukugenda gusa, canke akaga, canke inkota+? 36  Nk’uko vyanditswe ngo: “Twirirwa turicwa duhorwa wewe, tubonwa nk’intama zo gukererwa+.” 37  Ahubwo riho, muri ivyo vyose turatahukana intsinzi+ bimwe bishitse biciye ku wadukunze. 38  Kuko najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima+, canke abamarayika+, canke intwaro+, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha+, 39  canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu+.

Amakuru yiyongereye