Abaroma 7:1-25

7  Vyoba bishoboka ko mutazi ga bene wacu (kuko ndiko mbwira abazi itegeko), ko Itegeko riganza umuntu igihe akiriho+?  Nk’akarorero, umugore yubatse aboherwa n’itegeko ku mugabo wiwe igihe uno akiri muzima; mugabo iyo umugabo wiwe apfuye, aba abohowe itegeko ry’umugabo wiwe+.  Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+.  Nuko rero, bavukanyi banje, na mwebwe nyene mwaragizwe abapfuye kw’Itegeko+ biciye ku mubiri wa Kristu, ngo mucike ab’uwundi+, ab’umwe yazurwa mu bapfuye+, kugira ngo twamire ivyamwa+ Imana.  Kuko igihe twabaho duhuza n’umubiri+, inambu z’umubiri zihengamiye ku gicumuro zakaburwa n’Itegeko zarakora mu bihimba vyacu kugira ngo twamire ivyamwa urupfu+.  Mugabo ubu twarabohowe Itegeko+, kubera ko twapfuye+ kuri kirya twari twarafatishijwe, kugira ngo tube abashumba+ mu buryo bushasha biciye ku mpwemu+, atari mu buryo bwa kera biciye ku mategeko yanditse+.  None rero tuvuge iki? Mbega Itegeko ni igicumuro+? Ntibikabe! Mu vy’ukuri simba naramenye igicumuro+ iyo hataba Itegeko; kandi nk’akarorero, simba naramenye umwina+ ico ari co iyo Itegeko ritavuga riti: “Ntukagire umwina+.”  Mugabo igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa+, carazanye muri jewe umwina w’ubwoko bwose, kuko igihe ata tegeko ryariho igicumuro cari capfuye+.  Nkako, kera nari muzima ata tegeko+; mugabo aho ibwirizwa rishikiye+, igicumuro carasubiye kuba kizima, mugabo jewe ndapfa+. 10  Kandi ibwirizwa ryajana ku buzima+, nasanze rijana ku rupfu+. 11  Kuko igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa, carandyosharyosheje+ kiranyica biciye kuri ryo. 12  Ni co gituma Itegeko ryoryo ari ryeranda+, kandi ibwirizwa ni ryeranda n’irigororotse+ rikaba na ryiza+. 13  None iciza cacitse urupfu kuri jewe? Ntibikabe! Ahubwo ni igicumuro, kugira ngo cerekanwe nk’igicumuro kinzanira urupfu biciye ku ciza+; kugira ngo igicumuro kirushirize gucika igicumuzi biciye kw’ibwirizwa+. 14  Kuko tuzi ko Itegeko ari iry’impwemu+; mugabo jewe ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro+. 15  Kuko ico nkora ata co nzi. Kuko ico nshaka atari co nguma nkora; mugabo ico nanka ni co nkora. 16  Ariko nimba ico ntashaka ari co nkora+, ndemera yuko Itegeko ari ryiza+. 17  Mugabo ubu uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+. 18  Kuko nzi yuko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo+; kuko ubushobozi bwo gushaka+ buri kumwe nanje, mugabo ubushobozi bwo gukora+ iciza ntabwo. 19  Kuko iciza nshaka atari co nkora+, mugabo ikibi ntashaka kikaba ari co nguma nkora. 20  Nimba rero ico ntashaka ari co nkora, uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+. 21  Mbona rero iri tegeko ku binyerekeye: ni uko iyo nshatse gukora ikigororotse+, ikibi kibana nanje+. 22  Mu vy’ukuri ndahimbarwa+ n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu+ ndi imbere muri jewe ari, 23  mugabo mbona mu bihimba vyanje+ irindi tegeko+ rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje+ rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro+ riri mu bihimba vyanje. 24  Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu+? 25  Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu+! Nuko rero, mu muzirikanyi wanje jewe ndi umushumba w’itegeko ry’Imana+, mugabo mu mubiri wanje nkaba umushumba w’itegeko ry’igicumuro+.

Amakuru yiyongereye