Abaroma 7:1-25
7 Vyoba bishoboka ko mutazi ga bene wacu (kuko ndiko mbwira abazi itegeko), ko Itegeko riganza umuntu igihe akiriho+?
2 Nk’akarorero, umugore yubatse aboherwa n’itegeko ku mugabo wiwe igihe uno akiri muzima; mugabo iyo umugabo wiwe apfuye, aba abohowe itegeko ry’umugabo wiwe+.
3 Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+.
4 Nuko rero, bavukanyi banje, na mwebwe nyene mwaragizwe abapfuye kw’Itegeko+ biciye ku mubiri wa Kristu, ngo mucike ab’uwundi+, ab’umwe yazurwa mu bapfuye+, kugira ngo twamire ivyamwa+ Imana.
5 Kuko igihe twabaho duhuza n’umubiri+, inambu z’umubiri zihengamiye ku gicumuro zakaburwa n’Itegeko zarakora mu bihimba vyacu kugira ngo twamire ivyamwa urupfu+.
6 Mugabo ubu twarabohowe Itegeko+, kubera ko twapfuye+ kuri kirya twari twarafatishijwe, kugira ngo tube abashumba+ mu buryo bushasha biciye ku mpwemu+, atari mu buryo bwa kera biciye ku mategeko yanditse+.
7 None rero tuvuge iki? Mbega Itegeko ni igicumuro+? Ntibikabe! Mu vy’ukuri simba naramenye igicumuro+ iyo hataba Itegeko; kandi nk’akarorero, simba naramenye umwina+ ico ari co iyo Itegeko ritavuga riti: “Ntukagire umwina+.”
8 Mugabo igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa+, carazanye muri jewe umwina w’ubwoko bwose, kuko igihe ata tegeko ryariho igicumuro cari capfuye+.
9 Nkako, kera nari muzima ata tegeko+; mugabo aho ibwirizwa rishikiye+, igicumuro carasubiye kuba kizima, mugabo jewe ndapfa+.
10 Kandi ibwirizwa ryajana ku buzima+, nasanze rijana ku rupfu+.
11 Kuko igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa, carandyosharyosheje+ kiranyica biciye kuri ryo.
12 Ni co gituma Itegeko ryoryo ari ryeranda+, kandi ibwirizwa ni ryeranda n’irigororotse+ rikaba na ryiza+.
13 None iciza cacitse urupfu kuri jewe? Ntibikabe! Ahubwo ni igicumuro, kugira ngo cerekanwe nk’igicumuro kinzanira urupfu biciye ku ciza+; kugira ngo igicumuro kirushirize gucika igicumuzi biciye kw’ibwirizwa+.
14 Kuko tuzi ko Itegeko ari iry’impwemu+; mugabo jewe ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro+.
15 Kuko ico nkora ata co nzi. Kuko ico nshaka atari co nguma nkora; mugabo ico nanka ni co nkora.
16 Ariko nimba ico ntashaka ari co nkora+, ndemera yuko Itegeko ari ryiza+.
17 Mugabo ubu uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+.
18 Kuko nzi yuko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo+; kuko ubushobozi bwo gushaka+ buri kumwe nanje, mugabo ubushobozi bwo gukora+ iciza ntabwo.
19 Kuko iciza nshaka atari co nkora+, mugabo ikibi ntashaka kikaba ari co nguma nkora.
20 Nimba rero ico ntashaka ari co nkora, uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+.
21 Mbona rero iri tegeko ku binyerekeye: ni uko iyo nshatse gukora ikigororotse+, ikibi kibana nanje+.
22 Mu vy’ukuri ndahimbarwa+ n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu+ ndi imbere muri jewe ari,
23 mugabo mbona mu bihimba vyanje+ irindi tegeko+ rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje+ rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro+ riri mu bihimba vyanje.
24 Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu+?
25 Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu+! Nuko rero, mu muzirikanyi wanje jewe ndi umushumba w’itegeko ry’Imana+, mugabo mu mubiri wanje nkaba umushumba w’itegeko ry’igicumuro+.