Abaroma 6:1-23

6  None rero, tuvuge iki? Tugume mu gicumuro, kugira ngo ubuntu ata wari abukwiriye bugwire+?  Ntibikabe! Ko twapfuye ku bijanye n’igicumuro+, twoba tukibandanya gute kuba muri co+?  Canke ntimuzi yuko twese ababatijwe muri Kristu Yezu+ twabatijwe mu rupfu rwiwe+?  Twahambanywe+ na we rero biciye ku kubatizwa kwacu mu rupfu rwiwe, kugira ngo nk’uko Kristu yazuwe mu bapfuye biciye ku buninahazwa bwa Se+, na twebwe nyene tugendere mu buzima bushasha+.  Kuko nimba twacitse abunze ubumwe na we mu rupfu rusa n’urwiwe+, nta nkeka kandi ko tuzokwunga ubumwe na we mw’izuka risa n’iryiwe+;  kuko tuzi yuko umuntu wacu wa kera yamanikanywe na we+, kugira ngo umubiri wacu w’umucumuzi ntugire ico ushikako+, ntitwongere kubandanya kuba abashumba b’igicumuro+.  Kuko uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe+.  Vyongeye, nimba twarapfanye na Kristu, turemera yuko kandi tuzobanaho na we+.  Kuko tuzi yuko Kristu, ubu yazuwe mu bapfuye+, atagipfa+; urupfu ntirukimuganza. 10  Kuko urupfu yapfuye, yarupfuye ku bijanye n’igicumuro rimwe rizima+; mugabo ubuzima abayeho, abubayeho ku bijanye n’Imana+. 11  Na mwebwe nyene: mwibone ko mwapfuye+ koko ku bijanye n’igicumuro mugabo ko muri bazima+ ku bijanye n’Imana biciye kuri Kristu Yezu. 12  Ntimureke rero ngo igicumuro kibandanye kuganza+ nk’umwami mu mibiri yanyu ipfa, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo+. 13  Eka ntimunabandanye gushikiriza ibihimba vyanyu igicumuro+ nk’ibirwanisho vy’ukutagororoka+, ahubwo mwishikirize Imana nk’abazima+ bavuye mu bapfuye, n’ibihimba vyanyu mubishikirize Imana nk’ibirwanisho+ vy’ukugororoka. 14  Kuko igicumuro kidategerezwa kubaganza, kuko mutagabwa n’itegeko+ mugabo mugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye+. 15  Tuvuge iki none? Dukore igicumuro kubera ko tutagabwa n’itegeko+ mugabo tugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye+? Ntibikabe! 16  Ntimuzi yuko nimba mugumye mwishikiriza umuntu nk’abashumba bamugamburukira muba muri abashumba biwe kuko mumugamburukira+, mukaba ab’igicumuro+ bikavamwo urupfu+ canke ab’ubugamburutsi+ bikavamwo ubugororotsi+? 17  Ariko hashimirwe Imana kubona mwari abashumba b’igicumuro mugabo mukaba mwacitse abagamburukira ubwo bwoko bw’inyigisho bivuye ku mutima, ari yo mwahawe+. 18  Egome, ko mwagizwe abidegemvya+ mukava mu gicumuro, mwacitse abashumba+ b’ubugororotsi+. 19  Ndiko mvuga nkoresheje amajambo y’abantu kubera ubugoyagoye bw’umubiri wanyu+: kuko nk’uko mwashikirije ibihimba vyanyu+ ngo bibe abashumba b’ubuhumane+ n’ubugarariji ngo mukore ivy’ubugarariji, n’ubu nimushikirize ibihimba vyanyu ngo bibe abashumba b’ubugororotsi ngo mukore ivy’ubweranda+. 20  Kuko igihe mwari abashumba b’igicumuro+, mwari abidegemvya ku bijanye n’ubugororotsi. 21  None icamwa+ mwari mufise ico gihe cari igiki? Vyari ibintu+ ubu bibatera isoni. Kuko iherezo ry’ivyo ari urupfu+. 22  Ariko ubu, kubera ko mwagizwe abidegemvya mukava mu gicumuro mugabo mugacika abashumba b’Imana+, muriko muraronka icamwa canyu+ mu buryo bw’ubweranda, kandi iherezo ni ubuzima budahera+. 23  Kuko impembo igicumuro gitanga ari urupfu+, mugabo ingabirano+ Imana itanga ni ubuzima budahera+ biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.

Amakuru yiyongereye