Abaroma 4:1-25

4  Ko bimeze bityo, tuvuge iki kuri Aburahamu sogokuruza wacu+ ku mubiri?  Nk’akarorero, iyo Aburahamu yitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa+, yari kugira imvo yo kwirata; mugabo atari ku Mana.  None icanditswe kivuga iki? Kivuga giti: “Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+.”  Ku muntu akora rero+, impembo ntiharurwa nk’ubuntu ata wari abukwiriye+, ahubwo iharurwa nk’umwenda+.  Ariko ku wudakora mugabo akizera+ umwe yita uwutibanga Imana umugororotsi, ukwizera kwiwe kuraharurwa nk’ubugororotsi+.  Nk’uko na Dawidi avuga ivy’ubuhirwe bw’umuntu Imana iharurako ubugororotsi bitavuye ku bikorwa, ati:  “Hahiriwe abo ibikorwa vyabo vy’ubugarariji bihariwe+, n’ibicumuro vyabo bigapfukwa+;  hahiriwe umuntu igicumuro ciwe Yehova atazogenda agiharuye+.”  None ubwo buhirwe bwoba buza ku bantu bagenyerewe canke no ku bantu batagenyerewe+? Kuko tuvuga duti: “Aburahamu ukwizera kwiwe yaguharuweko nk’ubugororotsi+.” 10  None kwaharuwe ibintu vyifashe gute? Igihe yari yaragenyerewe canke ataragenyerwa+? Si igihe yari yaragenyerewe, ahubwo ni igihe atari bwagenyerwe. 11  Kandi yararonse ikimenyetso+, ni co kugenyerwa, bwa kidodo c’ubugororotsi bivuye ku kwizera yari afise igihe atari bwagenyerwe, kugira abe se+ w’abari n’ukwizera bose+ ataragenyerwa, kugira ngo baharurweko ubugororotsi; 12  abe na se w’uruvyaro rutagenyerewe, atari gusa ku bumira ku kugenyerwa, mugabo no ku bagendera ku rutonde mu makanda y’ukwo kwizera bataragenyerwa, ari na ko data+ Aburahamu yari ari. 13  Kuko bitaciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro* rwiwe aronke wa muhango+ w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera+. 14  Kuko nimba abumira kw’itegeko ari ba samuragwa, ukwizera kuzoba kubaye impfagusa, n’umuhango ukaba ukuweho+. 15  Mu vy’ukuri Itegeko rizana uburake+, mugabo ahatagira itegeko, nta kugabitanya kuba kukihabaye+. 16  Ni co gituma vyavuye ku kwizera, kugira bibe nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye buri+, ngo umuhango+ ube ntakekeranywa ku ruvyaro rwiwe rwose+, atari gusa ku rwumira kw’Itegeko, ahubwo no ku rwumira ku kwizera kwa Aburahamu. (Ni data+ wacu twese, 17  nk’uko vyanditswe ngo: “Ngushizeho ngo ube se w’amahanga menshi+.”) Ivyo vyabereye imbere y’Uwo yari yizeye, ari we Mana, imwe igira bazima abapfuye+ kandi igahamagara ibitariho nk’aho vyoba biriho+. 18  Naho yari ageze aho atakigira icizigiro, nticabujije ko yizera+ yishimikije icizigiro, kugira acike se w’amahanga menshi+ nk’uko vyari vyaravuzwe ngo: “Ukwo ni ko uruvyaro rwawe ruzoba+.” 19  Kandi naho atagoyagoye mu kwizera, yararavye umubiri wiwe bwite, ico gihe ukaba wasa n’uwapfuye+, kuko yari yegereje imyaka ijana+, araba n’ingene inda ya Sara yasa n’iyapfuye+. 20  Mugabo kubera umuhango+ w’Imana ntiyahungabanijwe n’ukutizera+, ahubwo yabaye umunyabubasha biciye ku kwizera kwiwe+, aninahaza Imana 21  akaba kandi yari yarajijutse rwose yuko ivyo yari yarasezeranye yari ishoboye no kubikora+. 22  Ni co gituma “yabiharuweko nk’ubugororotsi+.” 23  Ariko kuba handitswe ngo: “yabiharuweko+”, ntivyanditswe ku bwiwe gusa+, 24  ahubwo vyanditswe no ku bwa twebwe abagenewe kubiharurwako, kuko twemera umwe yazura Yezu Umukama wacu mu bapfuye+. 25  Yaratanzwe ku bw’amakosa yacu+, hanyuma arazurwa kugira twitwe abagororotsi+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”