Abaroma 3:1-31
3 None Umuyuda asumvya abandi iki+, canke akamaro k’ukugenyerwa ni akahe+?
2 Birimwo uturusho twinshi mu buryo bwose. Imbere ya vyose, ni kubera ko amajambo meranda y’Imana ari bo yajejwe+.
3 None bimeze bite? Nimba bamwe baterekanye ukwizera+, mbega ukutizera kwabo kwoba kuzotuma ubwizigirwa+ bw’Imana butagira ico bumara+?
4 Ntibikabe! Mugabo Imana iboneke ko ari inyakuri+, naho umuntu wese yoboneka ko ari umunyakinyoma+, nk’uko vyanditswe ngo: “Kugira ngo uboneke ko ugororotse mu majambo yawe kandi utsinde igihe uriko uracirwa urubanza+.”
5 Ariko nimba ukutagororoka kwacu gushira imbere ubugororotsi bw’Imana+, tuvuge iki none? Imana yoba irenganya+ igihe irekura uburake bwayo? (Ndiko mvuga nk’umuntu+.)
6 Ntibikabe! Ahandiho none, Imana izocira urubanza isi gute+?
7 Yamara nimba ukuri kw’Imana+ kurushirije kuja ahabona ku bw’ubuninahazwa bwayo bivuye ku kinyoma canje, kubera iki none nanje noba ngicirwa urubanza rw’umucumuzi+?
8 Kandi, nk’uko tuvyagirizwa tubesherwa+ kandi bamwe bakavuga ko ari ko tuvuga, twobuzwa n’iki kuvuga ngo: “Dukore ibibi kugira ngo ivyiza bibone kuza+”? Urubanza+ rucirwa abo bantu rurahuye n’ubutungane+.
9 Tuvuge iki none? Ivyacu vyoba ari vyo vyiza kuruta+? Habe namba! Kuko aho haruguru duhejeje gushikiriza ikirego c’uko Abayuda n’Abagiriki bagabwa n’igicumuro bose+;
10 ni nk’uko vyanditswe ngo: “Nta mugororotsi ariho, habe n’umwe+;
11 nta n’umwe ariho afise ugutahura na gukeyi, nta n’umwe ariho arondera Imana+.
12 Bose barahuvye, bose hamwe bacitse abatagira ico bamaze; nta n’umwe ariho agira ubuntu, ntihagira n’umwe+.”
13 “Umuhogo wabo ni imva irangaye, bahendanishije indimi zabo+.” “Ubumara bw’incira buri inyuma y’iminwa yabo+.”
14 “Kandi akanwa kabo kuzuye ukuvumana be n’amajambo y’umururazi+.”
15 “Ibirenge vyabo vyihutira gusesa amaraso+.”
16 “Agatikizo n’amagorwa biri mu nzira zabo+,
17 kandi ntibamenye inzira y’amahoro+.”
18 “Nta gutinya Imana kuri imbere y’amaso yabo+.”
19 Ubu turazi yuko ibintu vyose Itegeko+ rivuga rivyerekeza ku bagabwa n’Itegeko, kugira ngo iminwa yose izibwe+, n’isi yose icike iyikwiriye+ igihano imbere y’Imana+.
20 Biciye ku bikorwa vy’itegeko rero nta muntu n’umwe azokwitwa umugororotsi+ imbere yayo, kuko biciye kw’itegeko+ ari ho ubumenyi butagira amakosa bwerekeye igicumuro buboneka+.
21 Mugabo ubu, ubugororotsi bw’Imana+ bwarabonetse bidaciye kw’itegeko, nk’uko bishingirwa intahe+ n’Itegeko+ be n’Abahanuzi+;
22 egome, ubugororotsi bw’Imana biciye ku kwizera Yezu Kristu+, ku bw’abo bose bafise ukwizera+. Kuko ata tandukaniro rihari+.
23 Kuko bose bacumuye+ bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana+,
24 kandi ni nk’ingabirano ya gusa+ kubona bariko bitwa abagororotsi ku buntu ata wari abukwiriye bwayo+, mu kubohorwa biciye ku ncungu*+ yarishwe na Kristu Yezu.
25 Imana yaramushizeho ngo abe ishikanwa ry’impongano+ biciye ku kwizera amaraso yiwe+. Kwari ukugira ngo yerekane ubugororotsi bwayo bwite kuko yariko ibabarira ibicumuro+ vyabaye kera igihe Imana yagira ukwirengagiza+;
26 kugira ngo yerekane ubugororotsi+ bwayo bwite muri iki kiringo, ngo ibe iyigororotse mbere n’igihe yita umugororotsi+ umuntu yizera Yezu.
27 None ukwirata kuri hehe+? Kurakuwemwo. Biciye kw’itegeko irihe+? Rimwe ry’ibikorwa+? Oya, habe namba! ahubwo biciye kw’itegeko ry’ukwizera+.
28 Kuko tubona ko umuntu yitwa umugororotsi bivuye ku kwizera, bitavuye ku bikorwa vy’itegeko+.
29 Canke yoba ari Imana y’Abayuda gusa+? Mbega si iy’abanyamahanga na bo+? Egome, ni iy’abanyamahanga na bo+,
30 nimba vy’ukuri Imana ari imwe+, ari na yo izokwita abagenyerewe+ abagororotsi bivuye ku kwizera, n’abatagenyerewe+ ikabita abagororotsi biciye ku kwizera kwabo.
31 None itegeko turarikuraho biciye ku kwizera kwacu+? Ntibikabe! Ahubwo riho turashimangira itegeko+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.