Abaroma 2:1-29
2 Nta co wireguza rero, yewe muntu+, waba nde, nimba uca urubanza+; kuko ku kintu ucirako uwundi urubanza, ubwawe witsindisha, kubera ko wewe uca urubanza+ uza urakora bino nyene+.
2 Ubu turazi yuko urubanza rw’Imana, nk’uko ukuri kuri+, ruri ku baza barakora mwene ivyo.
3 Mugabo woba wiyumvira ga yewe muntu+, yuko uzokira urubanza rw’Imana mu gihe ucira urubanza abaza barakora mwene ivyo kandi na wewe ari vyo ukora+?
4 Canke usuzugura ubutunzi bw’ubuntu bwayo+ n’ukwirengagiza kwayo+ n’ukwiyumanganya kwayo+, kubera ko utazi yuko ubuntu bw’Imana buriko burondera kukujana ku kwigaya+?
5 Mugabo nk’uko ubukomantare bwawe+ n’umutima wawe utigaya biri+, uriko wirundaniriza uburake+ ku musi w’uburake+ n’uw’uguhishurwa+ kw’urubanza rugororotse rw’Imana+.
6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+:
7 ubuzima budahera ku bariko barondera ubuninahazwa n’iteka n’ukutabora+ mu kwihangana mu gikorwa ciza;
8 ariko ku banyamahane+ kandi bagambararira ukuri+ mugabo bakagamburukira ibitagororotse hazoba uburake n’ishavu+,
9 amakuba n’amarushwa, ku buzima bw’umuntu wese akora ikibi, ubwa mbere ku bw’Umuyuda+ hanyuma no ku bw’Umugiriki+;
10 mugabo ubuninahazwa n’iteka n’amahoro ku muntu wese akora iciza+, ubwa mbere ku Muyuda+, hanyuma no ku Mugiriki+.
11 Kuko Imana itagira nkunzi+.
12 Nk’akarorero, abo bose bacumuye ata tegeko bazopfa ata tegeko nyene+; mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’itegeko+ bazocirwa urubanza n’itegeko+.
13 Kuko abumva itegeko atari bo bagororotsi imbere y’Imana, mugabo abakora+ ivyo itegeko rivuga ni bo bazokwitwa abagororotsi+.
14 Kuko igihe cose abanyamahanga+ badafise itegeko+ bakoze ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo+, abo bantu, naho batagira itegeko, baba babaye itegeko kuri bo ubwabo.
15 Ni bo nyene berekana ko ibiri mw’itegeko vyanditse mu mitima yabo+, mu gihe ijwi ryo mu mutima ryabo+ rishinga intahe hamwe na bo, kandi mu vyiyumviro vyabo bararegwa+ canke mbere bakaregurwa.
16 Ivyo bizoba umusi Imana izocira urubanza ibintu abantu+ bagize ibanga+, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu+, nk’uko inkuru nziza menyekanisha iri+.
17 Nimba rero witwa Umuyuda+ ukaba wishimikiza itegeko+ kandi ukishimira Imana yawe+,
18 vyongeye ukaba uzi ukugomba kwayo+ kandi ugashima ibintu vy’agahebuza kuko wigishwa ku munwa mw’Itegeko+;
19 kandi ukaba waranyuzwe yuko uri indongozi y’impumyi+, umuco ku bari mu mwiza+,
20 uwukosora imburabwenge+, umwigisha w’inzoya+, ukaba kandi ufise mw’Itegeko igikanka+ c’ubumenyi n’ic’ukuri+...
21 ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha+? Wewe wamamaza ngo: “Ntiwibe+,” uriba+?
22 Wewe uvuga ngo: “Nturenge ibigo+,” urarenga ibigo? Wewe werekana ko uzinukwa ibigirwamana, urasahura+ insengero?
23 Wewe wishimira itegeko, uratetereza Imana mu kurenga Itegeko+?
24 Kuko “izina ry’Imana ririko rirogotwako mu mahanga kubera mwebwe+”; ni nk’uko vyanditswe.
25 Nkako, ukugenyerwa+ kugira akamaro igihe gusa uguma ukora ivyo itegeko rivuga+; mugabo nimba urenga itegeko, ukugenyerwa kwawe+ kuba gucitse ukutagenyerwa+.
26 Nimba rero uwutagenyerewe+ agumije ibisabwa bigororotse+ vyo mw’Itegeko, ukutagenyerwa kwiwe ntikuzoharurwa none nk’ukugenyerwa+?
27 Kandi uwutagenyerewe asanzwe ameze gutyo, ashikije Itegeko, azogucira urubanza wewe+ ufise amategeko yaryo yanditse be n’ukugenyerwa mugabo ukaba urenga amategeko.
28 Kuko uwuri Umuyuda inyuma atari we Muyuda+, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa+.
29 Mugabo Umuyuda ni uwuri we imbere+, kandi ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima+ biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse+. Ishimagizwa+ ry’uwo ntiriva ku bantu, ahubwo riva ku Mana+.