Abaroma 2:1-29

2  Nta co wireguza rero, yewe muntu+, waba nde, nimba uca urubanza+; kuko ku kintu ucirako uwundi urubanza, ubwawe witsindisha, kubera ko wewe uca urubanza+ uza urakora bino nyene+.  Ubu turazi yuko urubanza rw’Imana, nk’uko ukuri kuri+, ruri ku baza barakora mwene ivyo.  Mugabo woba wiyumvira ga yewe muntu+, yuko uzokira urubanza rw’Imana mu gihe ucira urubanza abaza barakora mwene ivyo kandi na wewe ari vyo ukora+?  Canke usuzugura ubutunzi bw’ubuntu bwayo+ n’ukwirengagiza kwayo+ n’ukwiyumanganya kwayo+, kubera ko utazi yuko ubuntu bw’Imana buriko burondera kukujana ku kwigaya+?  Mugabo nk’uko ubukomantare bwawe+ n’umutima wawe utigaya biri+, uriko wirundaniriza uburake+ ku musi w’uburake+ n’uw’uguhishurwa+ kw’urubanza rugororotse rw’Imana+.  Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+:  ubuzima budahera ku bariko barondera ubuninahazwa n’iteka n’ukutabora+ mu kwihangana mu gikorwa ciza;  ariko ku banyamahane+ kandi bagambararira ukuri+ mugabo bakagamburukira ibitagororotse hazoba uburake n’ishavu+,  amakuba n’amarushwa, ku buzima bw’umuntu wese akora ikibi, ubwa mbere ku bw’Umuyuda+ hanyuma no ku bw’Umugiriki+; 10  mugabo ubuninahazwa n’iteka n’amahoro ku muntu wese akora iciza+, ubwa mbere ku Muyuda+, hanyuma no ku Mugiriki+. 11  Kuko Imana itagira nkunzi+. 12  Nk’akarorero, abo bose bacumuye ata tegeko bazopfa ata tegeko nyene+; mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’itegeko+ bazocirwa urubanza n’itegeko+. 13  Kuko abumva itegeko atari bo bagororotsi imbere y’Imana, mugabo abakora+ ivyo itegeko rivuga ni bo bazokwitwa abagororotsi+. 14  Kuko igihe cose abanyamahanga+ badafise itegeko+ bakoze ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo+, abo bantu, naho batagira itegeko, baba babaye itegeko kuri bo ubwabo. 15  Ni bo nyene berekana ko ibiri mw’itegeko vyanditse mu mitima yabo+, mu gihe ijwi ryo mu mutima ryabo+ rishinga intahe hamwe na bo, kandi mu vyiyumviro vyabo bararegwa+ canke mbere bakaregurwa. 16  Ivyo bizoba umusi Imana izocira urubanza ibintu abantu+ bagize ibanga+, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu+, nk’uko inkuru nziza menyekanisha iri+. 17  Nimba rero witwa Umuyuda+ ukaba wishimikiza itegeko+ kandi ukishimira Imana yawe+, 18  vyongeye ukaba uzi ukugomba kwayo+ kandi ugashima ibintu vy’agahebuza kuko wigishwa ku munwa mw’Itegeko+; 19  kandi ukaba waranyuzwe yuko uri indongozi y’impumyi+, umuco ku bari mu mwiza+, 20  uwukosora imburabwenge+, umwigisha w’inzoya+, ukaba kandi ufise mw’Itegeko igikanka+ c’ubumenyi n’ic’ukuri+... 21  ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha+? Wewe wamamaza ngo: “Ntiwibe+,” uriba+? 22  Wewe uvuga ngo: “Nturenge ibigo+,” urarenga ibigo? Wewe werekana ko uzinukwa ibigirwamana, urasahura+ insengero? 23  Wewe wishimira itegeko, uratetereza Imana mu kurenga Itegeko+? 24  Kuko “izina ry’Imana ririko rirogotwako mu mahanga kubera mwebwe+”; ni nk’uko vyanditswe. 25  Nkako, ukugenyerwa+ kugira akamaro igihe gusa uguma ukora ivyo itegeko rivuga+; mugabo nimba urenga itegeko, ukugenyerwa kwawe+ kuba gucitse ukutagenyerwa+. 26  Nimba rero uwutagenyerewe+ agumije ibisabwa bigororotse+ vyo mw’Itegeko, ukutagenyerwa kwiwe ntikuzoharurwa none nk’ukugenyerwa+? 27  Kandi uwutagenyerewe asanzwe ameze gutyo, ashikije Itegeko, azogucira urubanza wewe+ ufise amategeko yaryo yanditse be n’ukugenyerwa mugabo ukaba urenga amategeko. 28  Kuko uwuri Umuyuda inyuma atari we Muyuda+, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa+. 29  Mugabo Umuyuda ni uwuri we imbere+, kandi ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima+ biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse+. Ishimagizwa+ ry’uwo ntiriva ku bantu, ahubwo riva ku Mana+.

Amakuru yiyongereye