Abaroma 16:1-27
16 Ndashimagije kuri mwebwe mushiki wacu Foyibe, umusuku+ w’ishengero riri i Kenkireya+,
2 kugira ngo mumuhe ikaze+ mu Mukama mu buryo bubereye aberanda, no kugira ngo mumusahirize mu kintu cose yobakenerako+, kuko na we ubwiwe yerekanye ko arwanira benshi, egome, na jewe ubwanje.
3 Mundamukirize Pirisika na Akwila+ abakozi bagenzanje+ muri Kristu Yezu,
4 abemeye guhakwa gucibwa amazosi+ yabo bwite kubera ubuzima bwanje, kandi si jewe gusa ndabakengurukira, mugabo n’amashengero yose yo mu mahanga+;
5 kandi muramutse ishengero riri mu nzu yabo+. Muramutse umukundwa wanje Epeneto, umushuzo+ wo muri Aziya ku bwa Kristu.
6 Muramutse Mariya, uwabize akuya cane ku bwanyu.
7 Muramutse Andoroniko na Yuniya incuti+ zanje n’imbohe bagenzanje+, abantu bamenyekana mu ntumwa kandi bamaze igihe kirekire kundusha bunze ubumwe+ na Kristu.
8 Mundamukirize+ Ampuliyato umukundwa wanje mu Mukama.
9 Muramutse Urubano umukozi mugenzi wacu muri Kristu, n’umukundwa wanje Sitaku.
10 Muramutse+ Apele, uwushimwa muri Kristu. Muramutse abo mu rugo rwa Arisitobulo.
11 Muramutse Herodiyoni incuti yanje+. Muramutse abo mu rugo rwa Narasisi bari mu Mukama+.
12 Muramutse Tirifena na Tirifoza, abagore bakora cane mu Mukama. Muramutse Perusi umukundwa wacu, kuko yabize akuya cane mu Mukama.
13 Muramutse Rufo uwatowe mu Mukama, be na nyina wiwe akaba na mawe.
14 Muramutse Asinkirito, Filegoni, Herume, Patiroba, Heruma, na bene wacu bari kumwe na bo.
15 Muramutse Filologo na Yuliya, Nereya na mushikiwe, na Olimpa, be n’aberanda bose bari kumwe na bo+.
16 Muramukanishe ugusomana kweranda+. Amashengero yose ya Kristu arabaramutsa.
17 Ndabahimiriza rero, bene wacu, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri+ n’ibitsitaza mu buryo buteye kubiri n’inyigisho+ mwize, mubazibukire+.
18 Kuko abantu mwene abo atari abashumba b’Umukama wacu Kristu, ahubwo ni ab’inda zabo bwite+; kandi bakoresha akarimi gasosa+ n’amajambo yo gushimagiza+ bakaryosharyosha imitima y’abantu b’inziraburyarya.
19 Kuko ubugamburutsi bwanyu bwamenyekanye kuri bose+. Ndanezerwa rero kubera mwebwe. Mugabo nshaka yuko muba inkerebutsi+ ku bijanye n’iciza, mugabo mukaba intungane+ ku bijanye n’ikibi+.
20 Nayo ya Mana itanga amahoro+, vuba izofyonyora Shetani+ munsi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu bubane namwe+.
21 Timoteyo umukozi mugenzanje arabaramutsa, na Lusiyo na Yasoni na Sosipatero incuti zanje+.
22 Jewe, Teritiyo, uwanditse iri kete, ndabaramutsa mu Mukama.
23 Gayo+, uwumpaye indaro akayiha n’ishengero ryose, arabaramutsa. Erasito umubwiriza w’igisagara+ arabaramutsa, na Kwaruto mwene wabo.
24 * ——
25 Imwe+ rero ishoboye kubashikamisha hisunzwe inkuru nziza menyesha be n’iyamamazwa rya Yezu Kristu, nk’uko ihishurwa rya rya banga ryeranda+ ryagumijwe mu gacerere igihe kirekire cane riri,
26 mugabo ubu rikaba ryarahishuwe+ ryongera riramenyekanishwa mu mahanga yose biciye ku vyanditswe vy’ubuhanuzi hisunzwe itegeko rya ya Mana yamaho, kugira ngo haremeshwe ubugamburutsi buvuye ku kwizera+;
27 Imana, imwe y’inkerebutsi yonyene+, ubuninahazwa+ bube ubwayo biciye kuri Yezu Kristu+ ibihe vyose. Amen.