Abaroma 15:1-33
15 Mugabo, twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye+, ntitwishimishe ubwacu+.
2 Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza kugira ngo yubakwe+.
3 Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe+; mugabo nk’uko vyanditswe: “Ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+.”
4 Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe+ kugira bitwigishe+, kugira ngo biciye ku kwihangana+ kwacu no ku ruhoza+ ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro+.
5 Ya Mana rero itanga ukwihangana n’uruhoza ibahe kugira hagati yanyu wa mutima+ nyene Kristu Yezu yari afise,
6 kugira ngo muhuje inama+ muninahaze n’akanwa kamwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu.
7 Muhane ikaze rero+, nk’uko na Kristu yaduhaye ikaze+, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.
8 Kuko mvuga yuko Kristu mu vy’ukuri yacitse umusuku+ w’abagenyerewe+ ku bw’ukuri kw’Imana+, kugira ngo yemeze imihango+ Imana yahaye ba sekuruza babo,
9 no kugira ngo amahanga+ aninahaze Imana kubera imbabazi zayo+. Nk’uko vyanditswe ngo: “Ni co gituma wewe nzokwemanga icese mu mahanga, kandi nzohibongoreza izina ryawe+.”
10 Irongera ikavuga iti: “Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+.”
11 Vyongeye kandi iti: “Shemeze Yehova, mwa mahanga mwese, kandi ibisata vy’abantu vyose nibimushemeze+.”
12 Yesaya arongera akavuga kandi ati: “Hazoba umuzi wa Yese+, kandi hazoba uwuhaguruka ngo aganze amahanga+; kuri we ni ho amahanga azoshingira icizigiro cayo+.”
13 Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu, kugira ngo mugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda+.
14 Na jewe ubwanje rero naranyuzwe ku biberekeye, bavukanyi banje, yuko na mwebwe ubwanyu mwuzuye ukumera neza, kuko mwujujwe ubumenyi bwose+, be n’uko mushobora no gukeburana+.
15 Ariko ndabandikiye ndushiriza kutarya umunwa ku bintu bimwebimwe, nk’aho nongeye kubibutsa+, kubera ubuntu ata wari abukwiriye nahawe buvuye ku Mana+
16 kugira ngo mbe umukozi akorera abantu wa Kristu Yezu ku mahanga+, akora igikorwa ceranda c’inkuru nziza+ y’Imana, kugira ngo ishikanwa+, ni ukuvuga, ayo mahanga, riboneke ko ryemerwa+, ryejejwe biciye ku mpwemu nyeranda+.
17 Ndafise rero imvo yo kwigina muri Kristu Yezu+ ku bintu vyerekeye Imana+.
18 Kuko ntohirahira ngo mvuge ikintu na kimwe nimba atari ico mu vyo Kristu yakoreye muri jewe+ kugira ngo amahanga agamburuke+ biciye kw’ijambo+ ryanje no ku gikorwa canje,
19 hamwe n’ububasha bw’ibimenyetso n’ibitangaza+, hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda; ku buryo kuva i Yeruzalemu no kuzunguruka+ gushika muri Iliriya namamaje bimwe binogangije inkuru nziza yerekeye Kristu+.
20 Muri ubwo buryo koko, nihaye intumbero yo kutamenyesha inkuru nziza aho Kristu yari amaze kuvugwa, kugira ngo sinsange ndiko nubakira ku mushinge w’uwundi muntu+;
21 mugabo, nk’uko vyanditswe: “Abatamenyeshejwe ikintu na kimwe ku bimwerekeye bazobona, kandi abatumvise bazotegera+.”
22 Ni na co catumye ngira ikintangira kenshi kimbuza gushika iwanyu+.
23 Mugabo ubu ko ata cibare ngifise kitarakorwa muri izi ntara, kandi nkaba maze imyaka mikeyi ncambirwa gushika iwanyu+
24 igihe nzoba ngiye muri Esupanye+, nizigiye imbere ya vyose yuko igihe nzoba ndi ku nzira ngiyeyo, nzoca kubaraba hanyuma mukamperekezayo+ gatoyi, mbanje kwumva yuko inkumbu ndabafitiye ziheze ku rugero kanaka.
25 Mugabo ubu ngira nje i Yeruzalemu gukorera aberanda+.
26 Kuko ab’i Makedoniya n’i Akaya+ bahimbawe no gusangira ivyabo n’abandi mu gutanga imfashanyo+ y’aboro bo mu beranda i Yeruzalemu.
27 Ego ni ko, barahimbawe no kubigira, yamara bari babafitiye umwenda; kuko nimba amahanga yararonse ku bintu vy’impwemu vyabo+, na yo nyene abwirizwa kubakorera ku mugaragaro akoresheje ibintu bifasha umubiri w’inyama+.
28 Ku bw’ivyo rero ninarangiza ivyo nkongera nkabashikiriza ico camwa+ ata nkomanzi, nzoja muri Esupanye nciye iwanyu+.
29 Vyongeye, ndazi yuko ninaza iwanyu nzoza mfise ingero yuzuye y’umuhezagiro uva kuri Kristu+.
30 Ndabahimiriza rero, bene wacu, biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu no ku rukundo rw’impwemu+, ngo mwihate hamwe nanje mu masengesho aturwa Imana ku bwanje+,
31 ngo ndokorwe+ mu gukizwa abatemera i Yudaya no kugira ngo ubusuku bwanje ndangurira Yeruzalemu+ bwemerwe n’aberanda+,
32 kugira ngo ninashika iwanyu ndi n’akanyamuneza kava ku kugomba kw’Imana, numve ko nduhuriwe+ kumwe namwe.
33 Ya Mana itanga amahoro ibane namwe mwese+. Amen.