Abaroma 15:1-33

15  Mugabo, twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye+, ntitwishimishe ubwacu+.  Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza kugira ngo yubakwe+.  Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe+; mugabo nk’uko vyanditswe: “Ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+.”  Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe+ kugira bitwigishe+, kugira ngo biciye ku kwihangana+ kwacu no ku ruhoza+ ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro+.  Ya Mana rero itanga ukwihangana n’uruhoza ibahe kugira hagati yanyu wa mutima+ nyene Kristu Yezu yari afise,  kugira ngo muhuje inama+ muninahaze n’akanwa kamwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu.  Muhane ikaze rero+, nk’uko na Kristu yaduhaye ikaze+, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.  Kuko mvuga yuko Kristu mu vy’ukuri yacitse umusuku+ w’abagenyerewe+ ku bw’ukuri kw’Imana+, kugira ngo yemeze imihango+ Imana yahaye ba sekuruza babo,  no kugira ngo amahanga+ aninahaze Imana kubera imbabazi zayo+. Nk’uko vyanditswe ngo: “Ni co gituma wewe nzokwemanga icese mu mahanga, kandi nzohibongoreza izina ryawe+.” 10  Irongera ikavuga iti: “Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+.” 11  Vyongeye kandi iti: “Shemeze Yehova, mwa mahanga mwese, kandi ibisata vy’abantu vyose nibimushemeze+.” 12  Yesaya arongera akavuga kandi ati: “Hazoba umuzi wa Yese+, kandi hazoba uwuhaguruka ngo aganze amahanga+; kuri we ni ho amahanga azoshingira icizigiro cayo+.” 13  Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu, kugira ngo mugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda+. 14  Na jewe ubwanje rero naranyuzwe ku biberekeye, bavukanyi banje, yuko na mwebwe ubwanyu mwuzuye ukumera neza, kuko mwujujwe ubumenyi bwose+, be n’uko mushobora no gukeburana+. 15  Ariko ndabandikiye ndushiriza kutarya umunwa ku bintu bimwebimwe, nk’aho nongeye kubibutsa+, kubera ubuntu ata wari abukwiriye nahawe buvuye ku Mana+ 16  kugira ngo mbe umukozi akorera abantu wa Kristu Yezu ku mahanga+, akora igikorwa ceranda c’inkuru nziza+ y’Imana, kugira ngo ishikanwa+, ni ukuvuga, ayo mahanga, riboneke ko ryemerwa+, ryejejwe biciye ku mpwemu nyeranda+. 17  Ndafise rero imvo yo kwigina muri Kristu Yezu+ ku bintu vyerekeye Imana+. 18  Kuko ntohirahira ngo mvuge ikintu na kimwe nimba atari ico mu vyo Kristu yakoreye muri jewe+ kugira ngo amahanga agamburuke+ biciye kw’ijambo+ ryanje no ku gikorwa canje, 19  hamwe n’ububasha bw’ibimenyetso n’ibitangaza+, hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda; ku buryo kuva i Yeruzalemu no kuzunguruka+ gushika muri Iliriya namamaje bimwe binogangije inkuru nziza yerekeye Kristu+. 20  Muri ubwo buryo koko, nihaye intumbero yo kutamenyesha inkuru nziza aho Kristu yari amaze kuvugwa, kugira ngo sinsange ndiko nubakira ku mushinge w’uwundi muntu+; 21  mugabo, nk’uko vyanditswe: “Abatamenyeshejwe ikintu na kimwe ku bimwerekeye bazobona, kandi abatumvise bazotegera+.” 22  Ni na co catumye ngira ikintangira kenshi kimbuza gushika iwanyu+. 23  Mugabo ubu ko ata cibare ngifise kitarakorwa muri izi ntara, kandi nkaba maze imyaka mikeyi ncambirwa gushika iwanyu+ 24  igihe nzoba ngiye muri Esupanye+, nizigiye imbere ya vyose yuko igihe nzoba ndi ku nzira ngiyeyo, nzoca kubaraba hanyuma mukamperekezayo+ gatoyi, mbanje kwumva yuko inkumbu ndabafitiye ziheze ku rugero kanaka. 25  Mugabo ubu ngira nje i Yeruzalemu gukorera aberanda+. 26  Kuko ab’i Makedoniya n’i Akaya+ bahimbawe no gusangira ivyabo n’abandi mu gutanga imfashanyo+ y’aboro bo mu beranda i Yeruzalemu. 27  Ego ni ko, barahimbawe no kubigira, yamara bari babafitiye umwenda; kuko nimba amahanga yararonse ku bintu vy’impwemu vyabo+, na yo nyene abwirizwa kubakorera ku mugaragaro akoresheje ibintu bifasha umubiri w’inyama+. 28  Ku bw’ivyo rero ninarangiza ivyo nkongera nkabashikiriza ico camwa+ ata nkomanzi, nzoja muri Esupanye nciye iwanyu+. 29  Vyongeye, ndazi yuko ninaza iwanyu nzoza mfise ingero yuzuye y’umuhezagiro uva kuri Kristu+. 30  Ndabahimiriza rero, bene wacu, biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu no ku rukundo rw’impwemu+, ngo mwihate hamwe nanje mu masengesho aturwa Imana ku bwanje+, 31  ngo ndokorwe+ mu gukizwa abatemera i Yudaya no kugira ngo ubusuku bwanje ndangurira Yeruzalemu+ bwemerwe n’aberanda+, 32  kugira ngo ninashika iwanyu ndi n’akanyamuneza kava ku kugomba kw’Imana, numve ko nduhuriwe+ kumwe namwe. 33  Ya Mana itanga amahoro ibane namwe mwese+. Amen.

Amakuru yiyongereye