Abaroma 13:1-14
13 Umuntu wese nayobokere+ abakuru bari hejuru+, kuko ata bukuru+ buriho bitavuye ku Mana+; abakuru bahari bashizwe n’Imana+ mu bibanza vyabo bigereranye+.
2 Uwurwanya ubukuru rero aba arwanije indinganizo y’Imana; ababurwanije bazoronka urubanza rwabo+.
3 Kuko abaganza ari abo gutinywa, atari ku wukora igikorwa ciza ahubwo ku wukora ikibi+. Ushaka none kudatinya ubukuru? Guma ukora iciza+, na bwo buzogushimagiza;
4 kuko ari umusuku w’Imana kuri wewe ku neza yawe+. Mugabo nimba ukora ikibi+, tinya: kuko budatwarira inkota ubusa; kuko ari umusuku w’Imana, umuhozi+ wo gushitsa uburake ku wuza arakora ikibi.
5 Hariho rero imvo ituma biba ngombwa ko muyoboka, atari gusa kubera ubwo burake, mugabo kandi kubera ijwi ryo mu mutima ryanyu+.
6 Kuko ari co gituma kandi muriha amakori; kuko ari abakozi b’Imana bakorera abantu+, bama bakora ku bw’iyo ntumbero nyene.
7 Muhe bose ivyabo, uwusaba ikori, mumuhe ikori+; uwusaba ikibuguro, mumuhe ikibuguro; uwusaba gutinywa, mumutinye+; uwusaba iteka, mumuhe iryo teka+.
8 Ntihagire uwo mugirira umwenda w’ikintu na kimwe+, atari ugukundana+; kuko uwukunda mugenziwe aba ashikije itegeko+.
9 Kuko ya mategeko ngo: “Ntukarenge ibigo+, Ntukice+, Ntukibe+, Ntukagire umwina+,” hamwe n’irindi bwirizwa iryo ari ryo ryose rihari, apoperanirijwe muri iri jambo, ari ryo: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.”
10 Urukundo+ ntirukorera ikibi umugenzi+; urukundo rero ni ryo ranguka ry’itegeko+.
11 Ivyo mubikore kandi kubera muzi iki kiringo, yuko isaha y’uko mwikangura+ mukava mw’itiro imaze kugera, kuko ubu ubukiriro bwacu buri hafi kuruta igihe twacika abemera+.
12 Ijoro rigeze kure; bugira buce+. Twiyambure rero ibikorwa vy’umwiza+ maze twambare ibirwanisho+ vy’umuco.
13 Nko ku murango, tugende mu buryo bubereye+, atari mu kwidagadura no kunywera akaborerwe+, atari mu guhuza ibitsina kutemewe no mu bushirasoni*+, atari mu gushihana+ no kugira ishari.
14 Mugabo mwambare Umukama Yezu Kristu+, kandi ntimutegekanye guhaza ivyipfuzo vy’umubiri+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.