Abaroma 12:1-21
12 Ku bw’ivyo rero ndabinginga, bene wacu, ku bw’impuhwe z’Imana, ngo mushikirize imibiri+ yanyu nk’ikimazi+ kizima+, ceranda+, cemerwa ku Mana+, igikorwa ceranda+ kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira+.
2 Kandi mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe*+, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha+, kugira mwiyemeze neza+ ukugomba+ kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.
3 Kuko biciye ku buntu ata wari abukwiriye nahawe, mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira+; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye+, umwe wese nk’uko urugero+ rw’ukwizera+ Imana yamuhaye ruri.
4 Kuko nk’uko dufise mu mubiri umwe ibihimba vyinshi+, mugabo nya bihimba bikaba vyose bidakora igikorwa kimwe,
5 ni ko na twebwe, naho turi benshi, turi umubiri umwe+ mu bumwe na Kristu, mugabo umwe wese akaba igihimba ca mugenziwe+.
6 Ko rero dufise ingabirano zitandukanye+ nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye+ twahawe buri, bwaba ubuhanuzi, tuvuge ubuhanuzi nk’uko ukwizera twahawe kuri;
7 canke ubusuku, twijukire ubwo busuku+; canke uwigisha+, yijukire ukwigisha kwiwe+;
8 canke uwuhimiriza, yijukire uguhimiriza kwiwe+; uwugabura, abikore ata kwitangira+; uwuhagarikira+, abigirane ubwira nyabwo; uwugira imbabazi+, abigirane akamwemwe.
9 Urukundo+ rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi+. Muzinukwe ikibi+, mwumire ku ciza+.
10 Mu vy’urukundo rwa kivukanyi+ mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka+ mube aba mbere.
11 Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu+. Mururumbe impwemu+. Mushumbire Yehova+.
12 Munezerwe mu cizigiro+. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+.
13 Musangire n’aberanda nk’uko ivyo bakeneye biri+. Mukurikire inzira y’ubwakiranyi+.
14 Mugume muhezagira ababahama+; muhezagire+, ntimuvume+.
15 Munezeranwe n’abanezerewe+; murirane n’abarira.
16 Mwiyumvire ivy’abandi nk’uko mwiyumvira ivyanyu+; ntimwiyumvire ibintu bihanitse+, ahubwo murongorwe n’ibintu biciye bugufi+. Ntimube abanyabwenge mu maso yanyu bwite+.
17 Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi+. Mukore ivyiza mu maso y’abantu bose.
18 Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro+ n’abantu bose.
19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.”
20 Mugabo, “nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa+; kuko niwagira ivyo uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe+.”
21 Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.