Abaroma 11:1-36
11 Ndabaza rero nti: Mbega Imana yarataye abantu bayo+? Ntibikabe! Kuko na jewe ndi Umwisirayeli+, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini+.
2 Imana ntiyataye abantu bayo, abo yamenye ubwa mbere+. Burya, ntimuzi ico Icanditswe kivuga ku bijanye na Eliya igihe yatakambira Imana arega Isirayeli+? Avuga ati:
3 “Yehova, bishe abahanuzi bawe, basambuye ibicaniro* vyawe, none ni jewe jenyene nsigaye, bakaba bariko barondera ubuzima bwanje+.”
4 Yamara, ijambo ry’Imana+ rimubwira ngw’iki? “Nisigarije abagabo ibihumbi indwi, abagabo batapfukamiye Bayali+.”
5 Muri ubwo buryo rero, no muri iki kiringo harabonetse amasigarira+ nk’uko yatowe+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye.
6 Nimba rero biva ku buntu ata wari abukwiriye+, ntibikivuye ku bikorwa+; ahandiho, ubuntu ata wari abukwiriye ntibwoba bukibaye ubuntu ata wari abukwiriye+.
7 Tuvuge iki none? Ikintu nyene Isirayeli iriko ironderana ubwira ntiyakironse+, mugabo abatowe+ barakironse. Abasigaye barakomantajwe imitima+;
8 nk’uko vyanditswe ngo: “Imana yabahaye impwemu y’itiro rirerire+, ibaha amaso kugira ntibabone, n’amatwi kugira ntibumve, gushika n’uyu musi+.”
9 Vyongeye, Dawidi avuga ati: “Imeza yabo nibabere umushibuka n’umutego n’igitsitaza n’agahembo+;
10 amaso yabo nacure umwiza kugira ngo ntibabone, kandi wame ubahetamitse umugongo+.”
11 Ndabaza rero nti: Mbega baratsitaye ku buryo baguye+ rwose? Ntibikabe! Mugabo mu gutirimuka+ kwabo harimwo ubukiriro ku banyamahanga+, kugira ngo baterwe ishari+.
12 Nimba rero ugutirimuka kwabo gusobanura ubutunzi kw’isi, ukugabanuka kwabo na kwo kugasobanura ubutunzi ku banyamahanga+, hari akantu igitigiri+ cuzuye cabo!
13 Ubu na ho ndabwira mwebwe abanyamahanga. Kubera ko mu vy’ukuri ndi intumwa+ ku mahanga+, ndaninahaza+ ubusuku bwanje+,
14 nimba hari ukuntu noshobora gutera ishari ab’umubiri wanje bwite ngakiza+ bamwe muri bo+.
15 Kuko nimba ugutabwa kwabo+ kuzanira isi ugusubiza hamwe n’Imana+, none ukwakirwa kwabo kuzozana iki atari ukugirwa bazima mu bapfuye?
16 Bitayeko, nimba igice gifatwa nk’umushuzo+ ari ceranda, n’ikibumbe c’ibumba ni ukwo; kandi nimba umuzi ari mweranda+, n’amashami ni ukwo.
17 Ariko nimba amwe mu mashami yarahanyuwe mugabo wewe, naho uri umwelayo w’umunyeshamba, ukomekwa hagati muri yo+ hanyuma mugasangira umuzi unuze+ w’umwelayo+,
18 ntiwirate kuri ayo mashami. Mugabo nimba uyiratako+, si wewe ufashe umuzi+, ahubwo umuzi ni wo ugufashe+.
19 Wovuga rero uti: “Amashami yarahanyuwe+ kugira nomekweko+.”
20 Ni vyiza! Kubera ukutizera+ kwabo barahanyuwe, mugabo wewe uhagaze ubihawe n’ukwizera+. Reka kugira ivyiyumviro vyo kwishira hejuru+, ahubwo tinya+.
21 Kuko nimba Imana itazigurije amashami y’akame, na wewe ntizokuziguriza+.
22 Raba rero ubuntu+ n’ubuhambazi+ vy’Imana. Ku baguye ni ubuhambazi+, mugabo kuri wewe ni ubuntu bw’Imana, ukire gusa kuguma+ mu buntu bwayo; ahandiho, na wewe uzocacurwa+.
23 Na bo nyene, nibataguma mu kutizera kwabo, bazokwomekwako+; kuko Imana ishoboye kwongera kubomekako.
24 Kuko nimba wewe waciwe ku giti c’umwelayo gisanzwe ari ikinyeshamba hanyuma ukomekwa+ ku giti c’umwelayo co mu murima uko bidasanzwe bigirwa, none amashami y’akame ntazorushiriza riho kwomekwa ku giti c’umwelayo cayo bwite+!
25 Kuko ntashaka, bene wacu, ko mutamenya iri banga ryeranda+, kugira ngo ntimube ab’ubwenge mu maso yanyu bwite: yuko ugukomantaza umutima+ kwashikiye Isirayeli, ariko atari yose, gushika igitigiri cuzuye+ c’abanyamahanga cinjiye+,
26 kandi muri ubwo buryo Isirayeli+ yose izokizwa. Nk’uko vyanditswe ngo: “Umurokozi azova i Siyoni+ akure kuri Yakobo imigenzo yo kutibanga Imana+.
27 Kandi iri ni ryo sezerano hagati yanje na bo+, ninakuraho ibicumuro vyabo+.”
28 Ego ni ko, ku bijanye n’inkuru nziza ni abansi ku bwanyu+, mugabo ku bijanye n’ugutora kw’Imana ni abakundwa ku bwa ba sogokuruza babo+.
29 Kuko ingabirano be n’ihamagara ry’Imana atari ibintu izokwicuza+.
30 Kuko nk’uko mwagambararira+ Imana kera mugabo ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi+ kubera ubugambarazi bwabo+,
31 ni ko n’abo nyene ubu babaye abagambarazi bituma mwebwe mugirirwa imbabazi+, kugira ngo na bo ubwabo ubu bagirirwe imbabazi.
32 Kuko Imana yabugaraniye bose mu bugambarazi+, kugira ngo ibagirire imbabazi bose+.
33 Ewe bwimbike bw’ubutunzi+ n’ubukerebutsi+ n’ubumenyi+ vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika+ be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!
34 Kuko “ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova+, canke ni nde yabaye umujanama wiwe+?”
35 Canke, “Ni nde yabanje kumuha, kugira ngo bibe ngombwa ko avyishurwa+?”
36 Kubera ko vyose biriho bivuye kuri we, bigizwe na we, no ku bwiwe+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe vyose+. Amen.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.