Abaroma 11:1-36

11  Ndabaza rero nti: Mbega Imana yarataye abantu bayo+? Ntibikabe! Kuko na jewe ndi Umwisirayeli+, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini+.  Imana ntiyataye abantu bayo, abo yamenye ubwa mbere+. Burya, ntimuzi ico Icanditswe kivuga ku bijanye na Eliya igihe yatakambira Imana arega Isirayeli+? Avuga ati:  “Yehova, bishe abahanuzi bawe, basambuye ibicaniro* vyawe, none ni jewe jenyene nsigaye, bakaba bariko barondera ubuzima bwanje+.”  Yamara, ijambo ry’Imana+ rimubwira ngw’iki? “Nisigarije abagabo ibihumbi indwi, abagabo batapfukamiye Bayali+.”  Muri ubwo buryo rero, no muri iki kiringo harabonetse amasigarira+ nk’uko yatowe+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye.  Nimba rero biva ku buntu ata wari abukwiriye+, ntibikivuye ku bikorwa+; ahandiho, ubuntu ata wari abukwiriye ntibwoba bukibaye ubuntu ata wari abukwiriye+.  Tuvuge iki none? Ikintu nyene Isirayeli iriko ironderana ubwira ntiyakironse+, mugabo abatowe+ barakironse. Abasigaye barakomantajwe imitima+;  nk’uko vyanditswe ngo: “Imana yabahaye impwemu y’itiro rirerire+, ibaha amaso kugira ntibabone, n’amatwi kugira ntibumve, gushika n’uyu musi+.”  Vyongeye, Dawidi avuga ati: “Imeza yabo nibabere umushibuka n’umutego n’igitsitaza n’agahembo+; 10  amaso yabo nacure umwiza kugira ngo ntibabone, kandi wame ubahetamitse umugongo+.” 11  Ndabaza rero nti: Mbega baratsitaye ku buryo baguye+ rwose? Ntibikabe! Mugabo mu gutirimuka+ kwabo harimwo ubukiriro ku banyamahanga+, kugira ngo baterwe ishari+. 12  Nimba rero ugutirimuka kwabo gusobanura ubutunzi kw’isi, ukugabanuka kwabo na kwo kugasobanura ubutunzi ku banyamahanga+, hari akantu igitigiri+ cuzuye cabo! 13  Ubu na ho ndabwira mwebwe abanyamahanga. Kubera ko mu vy’ukuri ndi intumwa+ ku mahanga+, ndaninahaza+ ubusuku bwanje+, 14  nimba hari ukuntu noshobora gutera ishari ab’umubiri wanje bwite ngakiza+ bamwe muri bo+. 15  Kuko nimba ugutabwa kwabo+ kuzanira isi ugusubiza hamwe n’Imana+, none ukwakirwa kwabo kuzozana iki atari ukugirwa bazima mu bapfuye? 16  Bitayeko, nimba igice gifatwa nk’umushuzo+ ari ceranda, n’ikibumbe c’ibumba ni ukwo; kandi nimba umuzi ari mweranda+, n’amashami ni ukwo. 17  Ariko nimba amwe mu mashami yarahanyuwe mugabo wewe, naho uri umwelayo w’umunyeshamba, ukomekwa hagati muri yo+ hanyuma mugasangira umuzi unuze+ w’umwelayo+, 18  ntiwirate kuri ayo mashami. Mugabo nimba uyiratako+, si wewe ufashe umuzi+, ahubwo umuzi ni wo ugufashe+. 19  Wovuga rero uti: “Amashami yarahanyuwe+ kugira nomekweko+.” 20  Ni vyiza! Kubera ukutizera+ kwabo barahanyuwe, mugabo wewe uhagaze ubihawe n’ukwizera+. Reka kugira ivyiyumviro vyo kwishira hejuru+, ahubwo tinya+. 21  Kuko nimba Imana itazigurije amashami y’akame, na wewe ntizokuziguriza+. 22  Raba rero ubuntu+ n’ubuhambazi+ vy’Imana. Ku baguye ni ubuhambazi+, mugabo kuri wewe ni ubuntu bw’Imana, ukire gusa kuguma+ mu buntu bwayo; ahandiho, na wewe uzocacurwa+. 23  Na bo nyene, nibataguma mu kutizera kwabo, bazokwomekwako+; kuko Imana ishoboye kwongera kubomekako. 24  Kuko nimba wewe waciwe ku giti c’umwelayo gisanzwe ari ikinyeshamba hanyuma ukomekwa+ ku giti c’umwelayo co mu murima uko bidasanzwe bigirwa, none amashami y’akame ntazorushiriza riho kwomekwa ku giti c’umwelayo cayo bwite+! 25  Kuko ntashaka, bene wacu, ko mutamenya iri banga ryeranda+, kugira ngo ntimube ab’ubwenge mu maso yanyu bwite: yuko ugukomantaza umutima+ kwashikiye Isirayeli, ariko atari yose, gushika igitigiri cuzuye+ c’abanyamahanga cinjiye+, 26  kandi muri ubwo buryo Isirayeli+ yose izokizwa. Nk’uko vyanditswe ngo: “Umurokozi azova i Siyoni+ akure kuri Yakobo imigenzo yo kutibanga Imana+. 27  Kandi iri ni ryo sezerano hagati yanje na bo+, ninakuraho ibicumuro vyabo+.” 28  Ego ni ko, ku bijanye n’inkuru nziza ni abansi ku bwanyu+, mugabo ku bijanye n’ugutora kw’Imana ni abakundwa ku bwa ba sogokuruza babo+. 29  Kuko ingabirano be n’ihamagara ry’Imana atari ibintu izokwicuza+. 30  Kuko nk’uko mwagambararira+ Imana kera mugabo ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi+ kubera ubugambarazi bwabo+, 31  ni ko n’abo nyene ubu babaye abagambarazi bituma mwebwe mugirirwa imbabazi+, kugira ngo na bo ubwabo ubu bagirirwe imbabazi. 32  Kuko Imana yabugaraniye bose mu bugambarazi+, kugira ngo ibagirire imbabazi bose+. 33  Ewe bwimbike bw’ubutunzi+ n’ubukerebutsi+ n’ubumenyi+ vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika+ be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora! 34  Kuko “ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova+, canke ni nde yabaye umujanama wiwe+?” 35  Canke, “Ni nde yabanje kumuha, kugira ngo bibe ngombwa ko avyishurwa+?” 36  Kubera ko vyose biriho bivuye kuri we, bigizwe na we, no ku bwiwe+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe vyose+. Amen.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.