Abanyefeso 6:1-24
6 Bana, mugamburukire abavyeyi banyu+ mu bumwe+ n’Umukama, kuko ivyo bigororotse+:
2 “Tera iteka so na nyoko+”; ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango+:
3 “Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi+.”
4 Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera+ mu kubatoza indero+ no mu kuyobora ivyiyumviro+ vyabo nk’uko Yehova yashinze.
5 Yemwe bashumba, mugamburukire ba shobuja bo mu buryo bw’umubiri+, mutinya kandi mujugumira+ ata buryarya mufise mu mitima yanyu, nk’abagamburukira Kristu,
6 atari mu gukorera ijisho nk’abahimbara abantu+, mugabo nk’abashumba ba Kristu, mukora ukugomba kw’Imana ata kwiziganya+.
7 Mube abashumba bakorana agatima keza, nk’abakorera Yehova+, atari nk’abakorera abantu,
8 kuko muzi yuko ineza yose umwe wese yokora azoyishurwa na Yehova+, yaba umushumba canke uwidegemvya+.
9 Namwe ba shebuja, mugume mubagirira ivyo nyene, mureke iterabwoba+, kuko muzi yuko Shebuja wabo akaba n’uwanyu+ ari mw’ijuru, kandi nta kugira nkunzi+ kuba muri we.
10 Ubwa nyuma, mubandanye kwironsa ububasha+ mu Mukama no mu bushobozi+ bw’inkomezi ziwe.
11 Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho+ biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye imbere y’amayeri+ ya Shetani*;
12 kuko dufise intambara yo kunigana+, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro+, n’ubukuru+, n’abatware b’iyi si+ y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha+ mu bibanza vyo mw’ijuru.
13 Ku bw’ivyo, mutore umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana+, kugira ngo mushobore kunana kuri wa musi mubi, kandi nimwamara gukora vyose mukanoganza, muhagarare mushikamye+.
14 Muhagarare mushikamye rero, mukenyeje+ ukuri+ mu mafyinga, mwambaye ubugororotsi nk’igikingirizo c’igikiriza+,
15 ibirenge+ vyanyu na vyo vyambaye inkuru nziza y’amahoro+ nk’inkweto.
16 Hejuru ya vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera+, ari yo izobashoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha+.
17 Vyongeye, mwakire inkofero+ y’ubukiriro, be n’inkota+ y’impwemu+, ni ryo jambo ry’Imana+,
18 mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Kandi ku bw’ivyo, mugume murikanuye mudatezura mwongera mutakamba ku bw’aberanda bose,
19 no ku bwanje, kugira ngo mpabwe ubushobozi bwo kuvuga+ iyo nteranuye akanwa, mfise umwidegemvyo wo kuvuga+ ngo menyekanishe ibanga ryeranda ry’inkuru nziza+,
20 ari yo mbereye umuserukizi+ mu minyororo; kugira ngo nshobore kuvugana ubutinyutsi ku bijanye na yo nk’uko mbwirizwa kuvuga+.
21 Kugira ngo rero namwe mumenye ivyanje, ibijanye n’ukuntu merewe, Tikiko+ umuvukanyi mukundwa akaba n’umusuku w’umwizigirwa mu Mukama, azobamenyesha vyose+.
22 Ico nyene ni co gitumye ndamubarungikira, kugira ngo mumenye ibitwerekeye no kugira ngo ahoze imitima yanyu+.
23 Abavukanyi bagire amahoro n’urukundo hamwe n’ukwizera biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu.
24 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bubane n’abo bose bakunda Umukama wacu Yezu Kristu urukundo rutabora.