Abanyefeso 6:1-24

6  Bana, mugamburukire abavyeyi banyu+ mu bumwe+ n’Umukama, kuko ivyo bigororotse+:  “Tera iteka so na nyoko+”; ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango+:  “Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi+.”  Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera+ mu kubatoza indero+ no mu kuyobora ivyiyumviro+ vyabo nk’uko Yehova yashinze.  Yemwe bashumba, mugamburukire ba shobuja bo mu buryo bw’umubiri+, mutinya kandi mujugumira+ ata buryarya mufise mu mitima yanyu, nk’abagamburukira Kristu,  atari mu gukorera ijisho nk’abahimbara abantu+, mugabo nk’abashumba ba Kristu, mukora ukugomba kw’Imana ata kwiziganya+.  Mube abashumba bakorana agatima keza, nk’abakorera Yehova+, atari nk’abakorera abantu,  kuko muzi yuko ineza yose umwe wese yokora azoyishurwa na Yehova+, yaba umushumba canke uwidegemvya+.  Namwe ba shebuja, mugume mubagirira ivyo nyene, mureke iterabwoba+, kuko muzi yuko Shebuja wabo akaba n’uwanyu+ ari mw’ijuru, kandi nta kugira nkunzi+ kuba muri we. 10  Ubwa nyuma, mubandanye kwironsa ububasha+ mu Mukama no mu bushobozi+ bw’inkomezi ziwe. 11  Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho+ biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye imbere y’amayeri+ ya Shetani*; 12  kuko dufise intambara yo kunigana+, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro+, n’ubukuru+, n’abatware b’iyi si+ y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha+ mu bibanza vyo mw’ijuru. 13  Ku bw’ivyo, mutore umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana+, kugira ngo mushobore kunana kuri wa musi mubi, kandi nimwamara gukora vyose mukanoganza, muhagarare mushikamye+. 14  Muhagarare mushikamye rero, mukenyeje+ ukuri+ mu mafyinga, mwambaye ubugororotsi nk’igikingirizo c’igikiriza+, 15  ibirenge+ vyanyu na vyo vyambaye inkuru nziza y’amahoro+ nk’inkweto. 16  Hejuru ya vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera+, ari yo izobashoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha+. 17  Vyongeye, mwakire inkofero+ y’ubukiriro, be n’inkota+ y’impwemu+, ni ryo jambo ry’Imana+, 18  mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Kandi ku bw’ivyo, mugume murikanuye mudatezura mwongera mutakamba ku bw’aberanda bose, 19  no ku bwanje, kugira ngo mpabwe ubushobozi bwo kuvuga+ iyo nteranuye akanwa, mfise umwidegemvyo wo kuvuga+ ngo menyekanishe ibanga ryeranda ry’inkuru nziza+, 20  ari yo mbereye umuserukizi+ mu minyororo; kugira ngo nshobore kuvugana ubutinyutsi ku bijanye na yo nk’uko mbwirizwa kuvuga+. 21  Kugira ngo rero namwe mumenye ivyanje, ibijanye n’ukuntu merewe, Tikiko+ umuvukanyi mukundwa akaba n’umusuku w’umwizigirwa mu Mukama, azobamenyesha vyose+. 22  Ico nyene ni co gitumye ndamubarungikira, kugira ngo mumenye ibitwerekeye no kugira ngo ahoze imitima yanyu+. 23  Abavukanyi bagire amahoro n’urukundo hamwe n’ukwizera biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu. 24  Ubuntu ata wari abukwiriye+ bubane n’abo bose bakunda Umukama wacu Yezu Kristu urukundo rutabora.

Utujambo tw'epfo

Raba Ef 4:27, akajambo k’epfo.