Abanyefeso 5:1-33

5  Nimwigane Imana+ rero nk’abana ikunda,  kandi mubandanye kugendera mu rukundo+, nk’uko na Kristu yabakunze+ akabigura, akaba ishikanwa+ n’ikimazi bihawe Imana ngo bibe akamoto keza+.  Ubusambanyi+ n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho+, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe+, nk’uko bibereye abantu beranda+;  ntihakabe n’ingeso ziteye isoni+ canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni+, ivyo bikaba ari ibintu bitabereye, ahubwo habe ugukenguruka+.  Kuko ibi mubizi mukaba kandi muvyemera icese, yuko ata musambanyi+ canke umuntu ahumanye canke umunyamunoho+—bisobanura uwusenga ibigirwamana—azogira ico atorana mu bwami bwa Kristu n’Imana+.  Ntihagire umuntu abahendesha amajambo agaragara+, kuko ivyo bintu bihejeje kuvugwa ari vyo bituma uburake bw’Imana buza ku bana b’ubugambarazi+.  Nuko rero ntimukifatanye na bo+;  kuko kera mwari umwiza+, mugabo ubu muri umuco+ mu bijanye n’Umukama. Mubandanye kugenda nk’abana b’umuco,  kuko ivyamwa vy’umuco bigizwe n’ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri+. 10  Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa+ ku Mukama ivyo ari vyo; 11  kandi mureke gufatanya+ na bo mu bikorwa vyabo birumvye vy’umwiza+, ahubwo nyabuna mubikangire+, 12  kuko ivyo bakorera mu mpisho biteye isoni ku buryo ata n’uwokwubahuka kubicisha mu kanwa+. 13  Kandi ibintu vyose bikangirwa+ birashirwa ahabona n’umuco, kuko ikintu cose gishirwa ahabona+ ari umuco. 14  Ni co gituma ivuga iti: “Ikangure+ wewe wisinzirira, uzuke uve mu bapfuye+, Kristu azoheza akurasire+ umuco.” 15  Nuko rero mugume muraba neza ukuntu mugenda+, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, 16  mwicungurira umwanya ubereye+, kubera ko imisi ari mibi+. 17  Mureke rero kuba imburabwenge, ahubwo mubandanye gutahura+ ukugomba+ kwa Yehova ukwo ari kwo. 18  Vyongeye, ntimuborerwe+ umuvinyu ari wo urimwo ubuhumbu+, ahubwo mugume mwuzuzwa impwemu+, 19  mubwirana amazaburi+ n’amashemezo+ aturwa Imana be n’indirimbo z’ivy’impwemu, muririmba+ mwongera mujanisha n’umuziki+ mu mitima yanyu mubigirira Yehova, 20  kandi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu mukama mukenguruka+ ku bw’ibintu vyose, mubikengurukira Imana yacu ikaba na Data. 21  Umwe wese muri mwebwe nayobokere mugenziwe+ mutinya Kristu. 22  Abagore bayobokere+ abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama, 23  kubera ko umugabo ari umutwe w’umugore wiwe+ nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero+, akaba umukiza w’uyo mubiri. 24  Nkako, nk’uko ishengero riyobokera Kristu, abe ari ko n’abagore bayobokera abagabo babo muri vyose+. 25  Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu+ nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura+, 26  kugira ngo aryeze+, aryuhagize amazi biciye kuri rya jambo+, 27  kugira ngo azane ishengero kuri we nyene mu bwiza bwakaka bwaryo+, ritagira agatosi canke umunkanyari canke ico ari co cose muri mwene ivyo, ahubwo ribe ryeranda kandi ritagira ikirabagu+. 28  Ukwo ni ko abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, 29  kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo+, nk’uko na Kristu agirira ishengero, 30  kubera ko turi ibihimba vy’umubiri wiwe+. 31  “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya* n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” 32  Iryo banga ryeranda+ rirakomeye. Aha ndiko mvuga ku bijanye na Kristu be n’ishengero+. 33  Yamara rero kandi, umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe+ nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro+ kigera kure.

Utujambo tw'epfo

Raba Mt 19:5, akajambo k’epfo.