Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abanyefeso 2:1-22

2  Vyongeye, ni mwebwe Imana yagize bazima naho mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu n’ibicumuro vyanyu+,  ivyo mwagenderamwo kera mwisunga ibintu*+ vy’iyi si, mwisunga umutware+ w’ububasha bw’ikirere, ya mpwemu+ ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi+.  Egome, muri bo ni ho twese twahora tugendera kera duhuza n’ivyipfuzo vy’umubiri wacu+, dukora ivyo umubiri+ n’ivyiyumviro bigomba, kandi twari dusanzwe turi abana bo kurakirwa+ nk’abandi bose.  Mugabo Imana, imwe igwije imbabazi+, kubera urukundo rwinshi yadukunze+,  yaratugize bazima hamwe na Kristu, mu gihe nyene twari twarapfiriye mu makosa+—mukaba mwakirishijwe ubuntu ata wari abukwiriye+  kandi yatuzuriye+ hamwe, itwicarika hamwe mu bibanza vyo mw’ijuru+ mu bumwe na Kristu Yezu,  kugira ngo mu bihe bizoza+ haze herekanwe ubutunzi buhebuje+ bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo mu butoni bwayo itugirira mu bumwe+ na Kristu Yezu.  Mu vy’ukuri, ubwo buntu ata wari abukwiriye ni bwo mwakirishijwe biciye mu kwizera+; kandi ivyo ntibiva kuri mwebwe+, ni ingabirano y’Imana+.  Oya, ntibiva ku bikorwa+, kugira ngo ntihagire umuntu aronka imvo yo kwirata+. 10  Kuko turi igikorwa cayo+, tukaba twaremwe+ mu bumwe+ na Kristu Yezu kugira dukore ibikorwa vyiza+, ivyo Imana yaduteguriye imbere y’igihe+ ngo tubigenderemwo. 11  Mwibuke rero yuko kera mwari abanyamahanga ku bijanye n’umubiri+; ico gihe mwitwa “ukutagenyerwa” muvyiswe na kimwe bita “ukugenyerwa” gikorwa n’amaboko mu mubiri+ 12  mwibuke yuko ico gihe nyene mutari mufise Kristu+, mukaba mwari mwarigijwe kure+ y’ihanga rya Isirayeli mukaba na ba kavantara ku masezerano y’umuhango+, nta n’icizigiro mwari mufise+, kandi nta Mana mwagira mw’isi+. 13  Mugabo ubu, mu bumwe na Kristu Yezu, mwebwe abari kure cane kera mwarigiye hafi biciye ku maraso+ ya Kristu. 14  Kuko ari we mahoro yacu+, we yafashe ya migwi ibiri+ akayigira umwe+, agasenyura ca gihome+ cari hagati kiyitandukanya+. 15  Biciye ku mubiri wiwe+ yarakuyeho bwa bwankanyi+, rya Tegeko ry’amabwirizwa rigizwe n’ingingo zashinzwe+, kugira ngo vya bisata bibiri+ abirememwo umuntu mushasha umwe+ mu bumwe na we, agarukane amahoro; 16  no kugira ngo asubirize hamwe+ rwose Imana ivyo bisata vyompi mu mubiri umwe+ biciye kuri ca giti co kubabarizwako+, kubera ko yari yishe ubwo bwankanyi+ biciye kuri we nyene. 17  Kandi yaraje amenyesha inkuru nziza y’amahoro+ mwebwe abari kure cane, amenyesha n’amahoro abari hafi+, 18  kubera ko biciye kuri we, twebwe, vya bisata vyompi+, dushobora kwegera+ Data biciye ku mpwemu imwe+. 19  Vy’ukuri rero, ntimukiri ab’ahandi+ na kavamahanga+, ahubwo musangiye ubwenegihugu+ n’aberanda+, mukaba n’abo mu rugo+ rw’Imana, 20  kandi mwubatswe ku mushinge+ w’intumwa+ n’abahanuzi+, Kristu Yezu na we ubwiwe akaba ari we buye ry’umushinge rigumya imfuruka+. 21  Mu bumwe na we inyubakwa yose, mu kuba ifatanirijwe hamwe ikanywana+, irakura ikaba urusengero rweranda ku bwa Yehova+. 22  Mu bumwe na we+, na mwebwe nyene muriko murubakirwa hamwe ngo muhinduke ahantu Imana iba biciye mu mpwemu+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “urutonde rw’ibintu.”