Abalewi 8:1-36
8 Yehova abwira Musa ati:
2 “Tora Aroni n’abahungu biwe bari kumwe na we+, na za mpuzu+, na ya mavuta yo kurobanuza+, na ya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro+, na za mpfizi z’intama zibiri, na ca gisimbo c’udutsima tutarimwo umwambiro+,
3 uheze ukoranirize ikoraniro ryose+ ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+.”
4 Maze Musa akora nk’uko Yehova yari amutegetse, ikoraniro riraheza rikoranira ku bwinjiriro+ bw’ihema ry’ihuriro.
5 Musa rero abwira ikoraniro ati: “Ibi ni vyo Yehova yategetse ngo bikorwe+.”
6 Nuko Musa azana hafi Aroni n’abahungu biwe, araboza+ n’amazi+.
7 Hanyuma amushirako ya kanzu+ yongera amukenyeza ca gikenyezo+, amwambika wa mwitero utagira amaboko+, amushirako na ya efodi+ hanyuma amukenyeza wa mukanda+ wa efodi, maze awukoresheje ayimuboherako iraguma.
8 Ubukurikira amushirako ka kambarwa ko ku gikiriza+, yongera agashiramwo Urimu na Tumimu*+.
9 Maze ashira ku mutwe wiwe ca gitambara co mu mutwe+, ku ruhande rwaco rw’imbere ahashira ka kabate k’inzahabu gaca ibibatsi, ca kimenyetso ceranda c’iyegurwa+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
10 Hanyuma Musa atora ya mavuta yo kurobanuza, ayarobanuza ya taberenakulo*+ n’ivyari muri yo vyose, aravyeza.
11 Inyuma y’ivyo acucagira makeyi kuri yo incuro indwi kuri ca gicaniro+, araheza arakiyarobanuza be n’ibikoresho vyaco vyose, na ca kibesani n’igitereko caco kugira ngo vyezwe.
12 Amaherezo asuka ku mutwe wa Aroni makeyi kuri ya mavuta yo kurobanuza, aramurobanura, kugira ngo yezwe+.
13 Musa araheza yigiza hafi abahungu ba Aroni+, abambika amakanzu yongera abakenyeza ibikenyezo+, araheza azingira kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
14 Maze adugana ya shūri+ y’ishikanwa ry’igicumuro hanyuma Aroni n’abahungu biwe barambika ibiganza vyabo ku mutwe+ wayo.
15 Hanyuma Musa arayikerera+, atora amaraso+ ayashira n’urutoke rwiwe ku mahembe y’igicaniro hirya no hino araheza atyorora nya gicaniro ngo kiveko igicumuro, mugabo ayasigaye ayasuka ku ntaba y’igicaniro, kugira aceze ku bwo kugihongerako+.
16 Inyuma y’ivyo Musa atora ikinure cose cari ku mara, na ka gahimba ko ku gitigu na ya mafyigo abiri n’ikinure cayo, araheza abifumbisha umwotsi ku gicaniro+.
17 Hanyuma ategeka ko ya shūri n’urushato rwayo n’inyama zayo n’amayezi yayo biturizwa umuriro hanze y’ikambi+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
18 Maze azana hafi ya mpfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa, Aroni n’abahungu biwe baraheza barambika ibiganza vyabo ku mutwe wa nya mpfizi y’intama+.
19 Inyuma y’ivyo Musa arayikerera, amijagira amaraso hirya no hino ku gicaniro+.
20 Ahimbagura nya mpfizi y’intama mu bipande vyayo+, hanyuma Musa atangura gufumbisha umwotsi umutwe wayo na nya bipande be n’umurayirayi.
21 Hanyuma amara be n’amaguru* Musa aravyoza n’amazi, araheza afumbisha umwotsi ya mpfizi y’intama yose ku gicaniro+. Ryari ishikanwa riturirwa ry’akamoto karuhura+. Ryari ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
22 Maze yigiza hafi ya mpfizi y’intama ya kabiri, ya mpfizi y’intama y’iyatira+, Aroni n’abahungu biwe baraheza barambika ibiganza vyabo ku mutwe wayo.
23 Inyuma y’ivyo Musa arayikerera, atora makeyi ku maraso yayo ayashira kw’ibabi ry’ugutwi kwa Aroni kw’iburyo, no ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo+.
24 Ubukurikira Musa yigiza hafi abahungu ba Aroni, ashira makeyi kuri ya maraso kw’ibabi ry’ugutwi kwabo kw’iburyo, no ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo. Mugabo ayasigaye Musa ayamijagira hirya no hino ku gicaniro+.
25 Maze atora ca kinure na ca gitsembe kinuze na ca kinure cose cari ku mara+, na ka gahimba ko ku gitigu, na ya mafyigo abiri n’ikinure cayo, na kwa kuguru kw’ukuryo+.
26 Hanyuma muri ca gisimbo c’udutsima tutarimwo umwambiro cari imbere ya Yehova, atora agatsima kamwe katarimwo umwambiro kameze nk’ikigōmbo+ n’agatsima kamwe kameze nk’ikigōmbo k’umukate w’amavuta+, n’agakate+ kamwe. Maze abishira kuri vya bipande binuze na kwa kuguru kw’ukuryo.
27 Inyuma y’ivyo ashira vyose ku biganza vya Aroni no ku biganza vy’abahungu biwe, atangura kubizungagiza irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa imbere ya Yehova+.
28 Maze Musa abikura mu biganza vyabo, abifumbisha umwotsi ku gicaniro hejuru ya rya shikanwa riturirwa+. Vyari ikimazi c’iyatira+ c’akamoto karuhura+. Ryari ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+.
29 Hanyuma Musa atora ya nkoro+, ayizungagiza irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa imbere ya Yehova+. Yakuwe kuri ya mpfizi y’intama y’iyatira, icika umugabane+ wa Musa, nk’uko Yehova yari yamutegetse.
30 Inyuma y’ivyo Musa atora makeyi kuri ya mavuta yo kurobanuza+, na makeyi kuri ya maraso yari ku gicaniro, ayacucagira Aroni n’impuzu ziwe n’abahungu biwe bari kumwe na we n’impuzu zabo. Gutyo yeza+ Aroni n’impuzu ziwe be n’abahungu biwe+ bari kumwe na we n’impuzu zabo.
31 Maze Musa abwira Aroni n’abahungu biwe ati: “Tekera+ izo nyama ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, kandi ni ho muzozirira+ na wa mukate uri mu gisimbo c’iyatira, nk’uko nategetswe, ngo: ‘Aroni n’abahungu biwe bazobirya.’
32 Ibisigaye na vyo kuri izo nyama no ku mukate muzobiturira n’umuriro+.
33 Kumara imisi indwi+ ntimuze musohoke ngo muve mu bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, gushika ku musi ukwiza imisi y’iyatirwa ryanyu, kuko kwuzuza ukuboko kwanyu ububasha+ bizofata imisi indwi.
34 Nk’uko nyene bigizwe uyu musi, ni ko Yehova yategetse ko bikorwa kugira mutangirwe impongano+.
35 Muzoguma ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro umurango n’ijoro kumara imisi indwi+, kandi mutegerezwa kwubahiriza izamu ritegerezwa rya Yehova+, kugira ntimupfe; kuko ukwo ari ko nategetswe.”
36 Aroni n’abahungu biwe bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse biciye kuri Musa.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.