Abalewi 7:1-38
7 “‘Kandi iri ni ryo tegeko rigenga ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+: Ni ikintu ceranda rwose+.
2 Ha hantu+ bakererera ubudasiba ishikanwa riturirwa ni ho bazokererera ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, kandi amaraso+ yaryo umuntu azoyamijagira+ irya n’ino ku gicaniro.
3 Nayo ku vy’ikinure+ caryo cose, azoshikiriza ca gitsembe kinuze na ca kinure gipfuka amara,
4 na ya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, cokimwe na kirya co mu kiyunguyungu. Nayo ka gahimba ko ku gitigu, azogakuranako n’amafyigo+.
5 Umuherezi aze abifumbishe umwotsi ku gicaniro bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+. Ni ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha.
6 Uw’igitsina-gabo wese mu baherezi azorirya+. Ahantu heranda ni ho rizoririrwa. Ni ikintu ceranda rwose+.
7 Nk’uko biri kw’ishikanwa ry’igicumuro, ni ko biri no kw’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha. Itegeko ni rimwe+. Rizokwegukira umuherezi azotanga impongano arikoresheje.
8 “‘Nayo umuherezi ashikirije ishikanwa riturirwa ry’umuntu uwo ari we wese, urushato+ rwa nya shikanwa riturirwa ashikirije ruzokwegukira nya muherezi.
9 “‘Kandi ishikanwa ryose ry’intete ryokejwe mw’ifuru+ be n’iryo ryose ryakorewe mw’isafuriya idengereyemwo amavuta+ no kw’ikarayi+, ni iry’umuherezi arishikirije. Rizomwegukira+.
10 Mugabo ishikanwa ryose ry’intete ribombekeshejwe amavuta+ canke ryumye+, rizoba irya bene Aroni bose, iry’umwe ribe kimwe n’iry’uwundi.
11 “‘Iri rero ni ryo tegeko rigenga ikimazi c’ugusangira+ umuntu wese azoshikiriza Yehova:
12 Hamwe yogishikiriza agomba guserura ugukenguruka+, nya kimazi c’ugukenguruka aze agishikirize kumwe n’udutsima tumeze nk’ikigōmbo tutarimwo umwambiro tubombekeshejwe amavuta, n’udukate tutarimwo umwambiro dusizwe amavuta+, n’ifu inoze ivanze neza yacumbwemwo udutsima tumeze nk’ikigōmbo tubombekeshejwe amavuta.
13 Azoshikiriza ishikanwa ryiwe kumwe n’ikimazi c’ugukenguruka c’ibimazi vyiwe vy’ugusangira, biri kumwe n’udutsima tumeze nk’ikigōmbo tw’umukate wambiye+.
14 Kandi muri vyo, aze ashikirize umuturi uvuye kw’ishikanwa rimwe ryose bwa mugabane uhabwa Yehova+; nayo umuherezi amijagiye amaraso y’ibimazi vy’ugusangira, ni we rizokwegukira+.
15 Inyama z’ikimazi c’ugukenguruka c’ibimazi vyiwe vy’ugusangira, zize ziribwe ku musi w’ishikanwa ryiwe. Ntaze agire izo abikako gushika mu gitondo+.
16 “‘Kandi nimba ikimazi c’ishikanwa ryiwe ari indagano+ canke ishikanwa ritangwa ku bushake+, kize kiribwe ku musi ashikiriza ikimazi ciwe. Ku musi ukurikira, ibisigaye kuri co na vyo nyene vyoshobora kuribwa.
17 Mugabo izisigaye ku nyama za nya kimazi ku musi ugira gatatu zibwirizwa guturizwa umuriro+.
18 Ariko hamwe hogira inyama z’ikimazi ciwe c’ugusangira ziribwa ku musi ugira gatatu, uwugishikirije ntazoshimwa+. Ntazogiharurwako+. Kizocika ikintu gihumanye, kandi uwuzokiryako azokwishura ikosa ryiwe+.
19 Kandi inyama zikoze ku kintu ico ari co cose gihumanye+, si izo kuribwa. Ni izo guturira n’umuriro. Nayo izindi nyama, umuntu wese adahumanye arashobora kuzirya.
20 “‘Umuntu* arya inyama z’ikimazi c’ugusangira, ikimazi ca Yehova, kandi ubuhumane bwiwe buri kuri we, uyo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+.
21 Umuntu niyakora ku kintu cose gihumanye, bwaba ubuhumane bw’umuntu+, canke igikoko gihumanye+, canke ikintu cose gishisha gihumanye+, kandi vy’ukuri akarya ku nyama z’ikimazi c’ugusangira, ikimazi ca Yehova, uyo muntu aze arandurwe mu bantu b’iwabo.’”
22 Yehova abandanya kubarira Musa ati:
23 “Barira bene Isirayeli uti: ‘Ntimuze murye ikinure+ na kimwe c’ishūri canke c’impfizi y’intama y’umukangara canke c’impene.
24 Ikinure c’umuvyimba w’icamaze gupfa be n’ikinure c’igikoko catabaguwe+, gishobora gukoreshwa ikindi kintu cose ciyumvirwa, mugabo ntimuze mukirye namba.
25 Kuko uwo wese ariye ikinure kivuye ku gikoko yakuyeko ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova, uwo muntu akiriyeko ategerezwa kurandurwa+ mu bantu b’iwabo.
26 “‘Ntimuze murye amaraso+ y’ubwoko na bumwe ahantu na hamwe muba, yaba ay’ikiguruka canke ay’igikoko.
27 Umuntu wese ariye amaraso ayo ari yo yose, uyo muntu ategerezwa kurandurwa+ mu bantu b’iwabo.’”
28 Yehova abandanya kubarira Musa ati:
29 “Barira bene Isirayeli uti: ‘Uwushikirije Yehova ikimazi ciwe c’ugusangira, azozanira Yehova ishikanwa ryiwe arikuye ku kimazi ciwe c’ugusangira+.
30 Amaboko yiwe azozana ikinure+ co ku nkoro bwa mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro. Azokizanana na ya nkoro kugira kizungagizwe irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa*+ imbere ya Yehova.
31 Umuherezi aze afumbishe umwotsi+ nya kinure ku gicaniro, mugabo inkoro ize yegukire Aroni n’abahungu biwe+.
32 “‘Kandi muzoha umuherezi ukuguru kw’ukuryo bwa mugabane mweranda+ uvuye ku bimazi vyanyu vy’ugusangira.
33 Uwo muri bene Aroni ashikirije amaraso y’ibimazi vy’ugusangira be n’ikinure, nya kuguru kw’ukuryo kuzocika umugabane wiwe+.
34 Kuko ya nkoro y’ishikanwa rizungagizwa+, be na kwa kuguru kw’umugabane mweranda, ndabitwaye bene Isirayeli ndabikuye ku bimazi vyabo vy’ugusangira, nkabiha Aroni umuherezi n’abahungu biwe bikuwe kuri bene Isirayeli, iyo ikaba ari ingingo nyobozi gushika igihe kitagira urugero.
35 “‘Uwo ni wo wari umugabane ujanye n’ubuherezi wa Aroni n’abahungu biwe uvuye ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro, ku musi yabashikirije+ ngo bakorere Yehova bwa baherezi,
36 nk’uko Yehova yari yategetse kuwubaha ku musi yabarobanuza amavuta+ muri bene Isirayeli. Ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero ku mayaruka yabo+.’”
37 Iryo ni ryo tegeko ku vyerekeye ishikanwa riturirwa+, ishikanwa ry’intete+ n’ishikanwa ry’igicumuro+ n’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ n’ikimazi c’iyatira+ n’ikimazi c’ugusangira+,
38 nk’uko Yehova yari yategetse Musa ku musozi Sinayi+ ku musi yategeka bene Isirayeli gushikiriza Yehova amashikanwa yabo, mu gahinga ka Sinayi+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo ni “nefeshi” (neʹphesh). Raba Inyongera ya 6.
^ Raba Inyongera ya 21.