Abalewi 5:1-19
5 “‘Mu gihe na ho umuntu+ acumuye mu kuba yumvise imivumo+ ivuzwe icese, akaba ari icabona canke yabibonye canke yabimenye, natabimenyesha+, azotegerezwa kwishura ikosa ryiwe.
2 “‘Canke igihe umuntu akoze ku kintu kanaka gihumanye, waba umuvyimba w’igikoko gihumanye, canke umuvyimba w’igitungwa gihumanye, canke umuvyimba w’ikiremwa kigwirirana gihumanye+, naho yoba atabimenye+, ntikizobuza ko aba uwuhumanye kandi akagirwa n’icaha+.
3 Canke mu gihe akoze ku buhumane bw’umuntu, ari ubuhumane+ bw’umuntu ubwo ari bwo bwose bwotuma acika uwuhumanye, naho yoba atari yabimenye, yamara agahava akabimenya, aba yagiriwe n’icaha.
4 “‘Canke umuntu niyarahira, akavugisha iminwa yiwe atiyumviriye+, akarahira yiyemeza gukora inabi+ canke ineza ku bijanye n’ikintu ico ari co cose uyo muntu yovuga atiyumviriye mu ndahiro+, naho yoba atari yabimenye, yamara ubwiwe agahava akabimenya, aba yagiriwe n’icaha ku bijanye na kimwe muri ivyo bintu.
5 “‘Kandi uko bizogenda ni uku: niyagirwa n’icaha ku bijanye na kimwe muri ivyo bintu, ategerezwa rero kwatura+ ingene yacumuye.
6 Aze azanire Yehova ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ ku bw’igicumuro yakoze, ni ukuvuga ikigore kivuye mu mukuku, umwagazi w’intama w’ishashi canke umwagazi w’impene w’ishashi+, bibe ishikanwa ry’igicumuro; kandi umuherezi aze amutangire impongano ku bw’igicumuro ciwe+.
7 “‘Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama+, bwa shikanwa ryiwe ry’ukwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze, aze azanire Yehova intunguru+ zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, imwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+ iyindi ku bw’ishikanwa riturirwa.
8 Aze azizanire umuherezi, na we abanze gushikiriza imwe bwa shikanwa ry’igicumuro, aheze anwinge+ umutwe wayo ku ruhande rw’imbere rw’izosi ryayo, mugabo ntawucacure.
9 Aze acucagire ku ruhande rw’igicaniro makeyi ku maraso y’ishikanwa ry’igicumuro, mugabo ayasigaye kuri nya maraso azomiminurirwa ku ntaba y’igicaniro+. Ni ishikanwa ry’igicumuro.
10 Iyindi azoyigira ishikanwa riturirwa, nk’uko bisanzwe bigirwa+. Umuherezi aze amutangire impongano+ ku bw’igicumuro yakoze, abone kukibabarirwa+.
11 “‘Nimba na ho adafise uburyo+ bwo kuronka intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, bwa shikanwa ryiwe ku bw’igicumuro yakoze, aze azane ic’icumi c’ingero ya efa*+ c’ifu inoze kibe ishikanwa ry’igicumuro. Ntaze arishireko amavuta+, kandi ntaze arishireko imibavu ya olibani, kuko ari ishikanwa ry’igicumuro+.
12 Aze arizanire umuherezi, umuherezi na we akamate kuri ryo urushi rwiwe bwa cibutsa+ caryo aheze arifumbishe umwotsi ku gicaniro, ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro+. Ni ishikanwa ry’igicumuro+.
13 Kandi umuherezi aze amutangire impongano+ ku bw’igicumuro yakoze, ico ari co cose muri ivyo bicumuro, abone kukibabarirwa; kandi rize ryegukire umuherezi+ cokimwe n’ishikanwa ry’intete.’”
14 Yehova abandanya kubarira Musa ati:
15 “Umuntu niyahemuka mu gucumura ku bintu vyeranda vya Yehova bivuye ku kwihenda+, bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ aze azanire Yehova impfizi y’intama itagira agahonzi ivuye mu mukuku, hisunzwe agaciro kagereranijwe muri shekeli+ z’ifeza, hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, ribe ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha.
16 Azotanga inshumbusho ku bw’igicumuro yakoze ku hantu heranda, ayongereko ica gatanu+ cayo, kandi aze abihe umuherezi, kugira umuherezi amutangire impongano+ akoresheje ya mpfizi y’intama y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, abone kukibabarirwa+.
17 “Kandi nimba umuntu acumuye mu gukora kimwe mu bintu Yehova ategeka ko bidakwiye gukorwa, naho yoba atari yabimenye+, ntikibuza ko yagirwa n’icaha, kandi ategerezwa kwishura ikosa ryiwe+.
18 Aze azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agahonzi ivuye mu mukuku hisunzwe agaciro kagereranijwe, ibe ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+. Umuherezi aze amutangire impongano + ku bw’ikosa yakoze atabishaka, naho ubwiwe yoba atari yabimenye, abone kuribabarirwa+.
19 Ni ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha. Nta kabuza, aba yagiriwe n’ugucumura+ kuri Yehova.”
Amakuru yiyongereye
^ Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.