Abalewi 5:1-19

5  “‘Mu gihe na ho umuntu+ acumuye mu kuba yumvise imivumo+ ivuzwe icese, akaba ari icabona canke yabibonye canke yabimenye, natabimenyesha+, azotegerezwa kwishura ikosa ryiwe.  “‘Canke igihe umuntu akoze ku kintu kanaka gihumanye, waba umuvyimba w’igikoko gihumanye, canke umuvyimba w’igitungwa gihumanye, canke umuvyimba w’ikiremwa kigwirirana gihumanye+, naho yoba atabimenye+, ntikizobuza ko aba uwuhumanye kandi akagirwa n’icaha+.  Canke mu gihe akoze ku buhumane bw’umuntu, ari ubuhumane+ bw’umuntu ubwo ari bwo bwose bwotuma acika uwuhumanye, naho yoba atari yabimenye, yamara agahava akabimenya, aba yagiriwe n’icaha.  “‘Canke umuntu niyarahira, akavugisha iminwa yiwe atiyumviriye+, akarahira yiyemeza gukora inabi+ canke ineza ku bijanye n’ikintu ico ari co cose uyo muntu yovuga atiyumviriye mu ndahiro+, naho yoba atari yabimenye, yamara ubwiwe agahava akabimenya, aba yagiriwe n’icaha ku bijanye na kimwe muri ivyo bintu.  “‘Kandi uko bizogenda ni uku: niyagirwa n’icaha ku bijanye na kimwe muri ivyo bintu, ategerezwa rero kwatura+ ingene yacumuye.  Aze azanire Yehova ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ ku bw’igicumuro yakoze, ni ukuvuga ikigore kivuye mu mukuku, umwagazi w’intama w’ishashi canke umwagazi w’impene w’ishashi+, bibe ishikanwa ry’igicumuro; kandi umuherezi aze amutangire impongano ku bw’igicumuro ciwe+.  “‘Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama+, bwa shikanwa ryiwe ry’ukwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze, aze azanire Yehova intunguru+ zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, imwe ku bw’ishikanwa ry’igicumuro+ iyindi ku bw’ishikanwa riturirwa.  Aze azizanire umuherezi, na we abanze gushikiriza imwe bwa shikanwa ry’igicumuro, aheze anwinge+ umutwe wayo ku ruhande rw’imbere rw’izosi ryayo, mugabo ntawucacure.  Aze acucagire ku ruhande rw’igicaniro makeyi ku maraso y’ishikanwa ry’igicumuro, mugabo ayasigaye kuri nya maraso azomiminurirwa ku ntaba y’igicaniro+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 10  Iyindi azoyigira ishikanwa riturirwa, nk’uko bisanzwe bigirwa+. Umuherezi aze amutangire impongano+ ku bw’igicumuro yakoze, abone kukibabarirwa+. 11  “‘Nimba na ho adafise uburyo+ bwo kuronka intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, bwa shikanwa ryiwe ku bw’igicumuro yakoze, aze azane ic’icumi c’ingero ya efa*+ c’ifu inoze kibe ishikanwa ry’igicumuro. Ntaze arishireko amavuta+, kandi ntaze arishireko imibavu ya olibani, kuko ari ishikanwa ry’igicumuro+. 12  Aze arizanire umuherezi, umuherezi na we akamate kuri ryo urushi rwiwe bwa cibutsa+ caryo aheze arifumbishe umwotsi ku gicaniro, ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro+. Ni ishikanwa ry’igicumuro+. 13  Kandi umuherezi aze amutangire impongano+ ku bw’igicumuro yakoze, ico ari co cose muri ivyo bicumuro, abone kukibabarirwa; kandi rize ryegukire umuherezi+ cokimwe n’ishikanwa ry’intete.’” 14  Yehova abandanya kubarira Musa ati: 15  “Umuntu niyahemuka mu gucumura ku bintu vyeranda vya Yehova bivuye ku kwihenda+, bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ aze azanire Yehova impfizi y’intama itagira agahonzi ivuye mu mukuku, hisunzwe agaciro kagereranijwe muri shekeli+ z’ifeza, hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, ribe ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha. 16  Azotanga inshumbusho ku bw’igicumuro yakoze ku hantu heranda, ayongereko ica gatanu+ cayo, kandi aze abihe umuherezi, kugira umuherezi amutangire impongano+ akoresheje ya mpfizi y’intama y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, abone kukibabarirwa+. 17  “Kandi nimba umuntu acumuye mu gukora kimwe mu bintu Yehova ategeka ko bidakwiye gukorwa, naho yoba atari yabimenye+, ntikibuza ko yagirwa n’icaha, kandi ategerezwa kwishura ikosa ryiwe+. 18  Aze azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agahonzi ivuye mu mukuku hisunzwe agaciro kagereranijwe, ibe ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+. Umuherezi aze amutangire impongano + ku bw’ikosa yakoze atabishaka, naho ubwiwe yoba atari yabimenye, abone kuribabarirwa+. 19  Ni ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha. Nta kabuza, aba yagiriwe n’ugucumura+ kuri Yehova.”

Amakuru yiyongereye

Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.