Abalewi 3:1-17
3 “‘Kandi nimba ishikanwa ryiwe ari ikimazi c’ugusangira+, nimba arishikirije arikuye mu busho, caba ikigabo canke ikigore, ikitagira agahonzi+ ni co azoshikiriza imbere ya Yehova.
2 Aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe+ w’ishikanwa ryiwe, kandi rize rikerererwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro. Abahungu ba Aroni, abaherezi, baze bamijagire amaraso hirya no hino ku gicaniro.
3 Bikeyi kuri nya kimazi c’ugusangira aze abishikirize bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova, ni ukuvuga ca kinure+ gipfuka amara, eka ikinure cose kiri hejuru y’amara+,
4 na ya mafyigo abiri+ n’ikinure kiri kuri yo, cokimwe na kirya co mu kiyunguyungu. Nayo ka gahimba ko ku gitigu, azogakuranako n’amafyigo.
5 Kandi abahungu ba Aroni+ baze babifumbishe umwotsi+ ku gicaniro, kuri rya shikanwa riturirwa riri hejuru ya za nkwi+ ziri ku muriro, bibe ishikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura+ kuri Yehova.
6 “‘Kandi nimba ishikanwa ryiwe ari iryo mu mukuku ngo ribe ikimazi c’ugusangira gihabwa Yehova, azoshikiriza ikigabo canke ikigore kitagira agahonzi+.
7 Nimba ashikirije impfizi y’intama y’umukangara bwa shikanwa ryiwe, aze ayishikirize imbere ya Yehova+.
8 Aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe+ w’ishikanwa ryiwe, kandi rize rikerererwe+ imbere y’ihema ry’ihuriro. Abahungu ba Aroni baze bamijagire amaraso yaryo hirya no hino ku gicaniro.
9 Kandi kuri nya kimazi c’ugusangira aze ashikirize ikinure caco bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+. Igitsembe kinuze+ cose ni co azokurako hafi y’uruti rw’umugongo, na ca kinure gipfuka amara, eka ikinure cose kiri ku mara+,
10 na ya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, cokimwe na kirya co mu kiyunguyungu. Nayo ka gahimba+ ko ku gitigu, azogakuranako n’amafyigo.
11 Umuherezi aze abifumbishe umwotsi+ ku gicaniro bwa bifungurwa+, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova.
12 “‘Kandi nimba ishikanwa ryiwe ari impene+, aze rero arishikirize imbere ya Yehova.
13 Aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe waryo+, kandi rize rikerererwe+ imbere y’ihema ry’ihuriro. Abahungu ba Aroni baze bamijagire amaraso yaryo hirya no hino ku gicaniro.
14 Kandi ivyo azokura kuri ryo ngo abishikirize bwa shikanwa ryiwe, bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova, ni ca kinure gipfuka amara, eka ikinure cose kiri ku mara+,
15 na ya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, cokimwe na kirya co mu kiyunguyungu. Nayo ka gahimba ko ku gitigu, azogakuranako n’amafyigo.
16 Kandi umuherezi aze abifumbishe umwotsi ku gicaniro bwa bifungurwa, ishikanwa rishikanishwa umuriro ryo kuba akamoto karuhura. Ikinure cose ni ica Yehova+.
17 “‘Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero* ku mayaruka yanyu, ahantu hose muba: ntimuze muhirahire ngo murye ikinure na kimwe canke amaraso+ n’amwe.’”
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.