Abalewi 27:1-34

27  Yehova yongera kubwira Musa ati:  “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Umuntu niyagira indagano idasanzwe+ mu gushikanira Yehova umuntu hisunzwe agaciro kagereranijwe,  kandi ako gaciro kagereranijwe kakabwirizwa kuba ak’uw’igitsina-gabo afise imyaka iva ku mirongo ibiri gushika ku mirongo itandatu, nya gaciro kaze kabe shekeli mirongo itanu z’ifeza hisunzwe shekeli y’ahantu heranda.  Mugabo nimba ari uw’igitsina-gore, nya gaciro kaze kabe shekeli mirongo itatu.  Nimba na ho imyaka afise iva kuri itanu gushika kuri mirongo ibiri, ku w’igitsina-gabo kaze kabe shekeli mirongo ibiri, ku w’igitsina-gore na ho shekeli cumi.  Nimba na ho imyaka afise iva ku kwezi kumwe gushika ku myaka itanu, ku w’igitsina-gabo agaciro kagereranijwe kaze kabe shekeli zitanu+ z’ifeza, ku w’igitsina-gore na ho kabe shekeli zitatu z’ifeza.  “‘Nimba imyaka afise iva kuri mirongo itandatu kuduga, nimba ari uw’igitsina-gabo, agaciro kagereranijwe kaze kabe shekeli cumi na zitanu, ku w’igitsina-gore na ho shekeli cumi.  Mugabo nimba abaye mworo cane ku buryo atoronka nya gaciro kagereranijwe+, aze ahagarike nya muntu imbere y’umuherezi, umuherezi na we amushireko agaciro ko kugereranya+. Umuherezi azomushirako agaciro ko kugereranya hisunzwe ivyo nyene kuragana ashoboye kuronka+.  “‘Nimba na ho ari igikoko nka kimwe umuntu ashikiriza mu gushikanira Yehova, ikintu cose mu vyo yoha Yehova kizocika ikintu ceranda+. 10  Ntiyoshobora kugisubiriza, canke ngo agikabe, ciza na kibi canke kibi na ciza. Mugabo aramutse agikavye, igikoko akagikaba n’ikindi, ubwaco rero kizocika ikintu ceranda, eka n’ikigikabwe nyene. 11  Kandi nimba ari igikoko gihumanye+ ico ari co cose nka kimwe umuntu atoshobora gushikiriza mu gushikanira Yehova+, aze agihagarike imbere y’umuherezi+. 12  Umuherezi na we aze agishireko agaciro ko kugereranya, amenyeshe ko ari ciza canke kibi. Uko agaciro kagereranijwe+ n’umuherezi kari, ni ko bikwiye kuba. 13  Mugabo nimba koko ashaka kukigaruza, aze atange ica gatanu+ caco ciyongereye kuri nya gaciro kagereranijwe. 14  “‘Umuntu niyeza inzu yiwe bwa kintu ceranda ahaye Yehova, umuherezi aze agereranye agaciro kayo, amenyeshe ko ari nziza canke mbi+. Uko umuherezi agereranije agaciro kayo, ni ko ikwiye kurihwa. 15  Mugabo nimba nyene kuyeza ashaka kugaruza inzu yiwe, aze atange ica gatanu c’amahera y’agaciro kagereranijwe ciyongereyeko+, ibone kuba rwiwe. 16  “‘Nimba igipande c’itongo umuntu yigabira+ ari co yereje Yehova, agaciro kaco gategerezwa rero kugereranywa bivanye n’urugero rw’imbuto zohaterwa: nimba ari homeri*+ y’imbuto ya sayiri*, kazoba shekeli mirongo itanu z’ifeza. 17  Nimba yejeje itongo ryiwe kuva ku mwaka wa Yubile+ kubandanya, ikiguzi caryo kizokwisunga agaciro kagereranijwe. 18  Nimba na ho itongo ryiwe aryejeje inyuma ya Yubile, umuherezi aze amuharurire ikiguzi bivanye n’imyaka isigaye gushika ku mwaka wa Yubile ukurikira, kandi agaciro kagereranijwe kazogerurwa+. 19  Mugabo nimba nyene kuryeza ashaka koko kurigaruza, aze atange ica gatanu c’amahera y’agaciro kagereranijwe ciyongereyeko, ribone kuguma ari rwiwe+. 20  Aramutse atagaruje nya tongo, mugabo rikagurishwa ku wundi muntu, ntirizoshobora kwongera kugaruzwa. 21  Nya tongo niryarekurwa kuri Yubile, rize ricike ikintu ceranda kuri Yehova, ribe itongo rigizwe inyegu+. Rizokwegukira umuherezi+. 22  “‘Nimba yereje Yehova itongo yaguze ritari iryo mu bwatsi yigabira+, 23  umuherezi aze amuharurire urugero rw’agaciro karyo gushika ku mwaka wa Yubile, na we aze atange agaciro kagereranijwe, kuri uwo musi nyene+. Ni ikintu ceranda kuri Yehova+. 24  Mu mwaka wa Yubile nya tongo rizosubira ku wo bariguze, ku wo ryegukira+. 25  “‘Agaciro ako ari ko kose rero gakwiye kugereranywa muri shekeli y’ahantu heranda. Nya shekeli ikwiye kungana na gera* mirongo ibiri+. 26  “‘Ariko ic’uburiza co mu bikoko kivutse ari ic’uburiza ca Yehova+, nta muntu akwiye kuceza. Yaba ishūri canke intama, ni iya Yehova+. 27  Nimba na ho ari ico mu bikoko bihumanye+ kandi akaba ategerezwa kugicungura hisunzwe agaciro kagereranijwe, aze atange ica gatanu caco ciyongereyeko+. Mugabo nikitagaruzwa, kize kigurishwe hisunzwe agaciro kagereranijwe. 28  “‘Ariko nta kintu na kimwe cagizwe inyegu umuntu yoba yeguriye Yehova ku bwo gutikizwa+ kivuye mu vyiwe vyose gishobora kugurishwa, caba ico mu bantu canke mu bikoko canke mw’itongo yigabira, kandi nta kintu na kimwe cagizwe inyegu gishobora kugaruzwa+. Ni ikintu ceranda rwose kuri Yehova. 29  Nta wagizwe inyegu yoba yahebewe gutikizwa wo mu bantu yoshobora gucungurwa+. Ntaze abure kwicwa+. 30  “‘Kandi ic’icumi cose+ c’ivyo mw’itongo, kivuye ku mbuto yo mw’itongo no ku vyamye ku biti, ni ica Yehova. Ni ikintu ceranda kuri Yehova. 31  Kandi nimba umuntu ashaka kugaruza koko ico ari co cose ku c’icumi ciwe, azotanga ica gatanu caco ciyongereyeko+. 32  Nayo ic’icumi cose c’ubusho n’umukuku, ikintu cose giciye munsi y’inkoni y’inyobozo+, igitungwa kigira cumi kizocika ikintu ceranda kuri Yehova. 33  Ntakwiye gusuzuma ko ari ciza canke kibi, eka ntakwiye no kugikaba. Mugabo aramutse agikavye, ubwaco kize gicike ikintu ceranda+, n’ikigikabwe nyene. Nticoshobora kugaruzwa.’” 34  Ayo ni yo mabwirizwa+ Yehova yahaye Musa ngo abere amategeko bene Isirayeli, ku musozi Sinayi+.

Amakuru yiyongereye

Ingero ya homeri yangana n’amalitiro nka 220.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Ingero ya gera yangana n’amagarama 0,57.