Abalewi 22:1-33
22 Yehova yongera kubwira Musa ati:
2 “Barira Aroni n’abahungu biwe, bagume bitandukanije n’ibintu vyeranda vya bene Isirayeli, ntibahumanye izina ryanje ryeranda+ mu bintu bariko bereza jewe+. Ndi Yehova.
3 Babwire uti: ‘Mu mayaruka yanyu yose, umugabo wese wo mu ruvyaro rwanyu rwose yegereye ibintu vyeranda, ivyo bene Isirayeli bazokwereza Yehova kandi ubuhumane bwiwe buri kuri we+, uyo muntu ategerezwa kurandurwa akava imbere yanje. Ndi Yehova.
4 Nta mugabo wo mu ruvyaro rwa Aroni w’umunyamibembe+ canke afise urunyigimbe rwisuka+ yorya ku bintu vyeranda, gushika ahumanutse+, habe n’uwukoze ku wo ari we wese yahumanijwe n’uwapfuye+, canke umugabo intanga zavuyemwo+,
5 canke umugabo akoze ku kintu cose kigwirirana gihumanye kuri we+, canke akoze ku muntu ahumanye kuri we ku bijanye n’ubuhumane bwiwe ubwo ari bwo bwose+.
6 Umuntu akoze ku kintu cose bene ico ategerezwa kuba uwuhumanye gushika ku mugoroba, kandi ntiyorya na kimwe mu bintu vyeranda, mugabo ategerezwa kwuhagira umubiri wiwe mu mazi+.
7 Izuba rimaze kurenga, azoba rero uwudahumanye. Mu nyuma ashobora kurya ku bintu vyeranda, kuko ari wo mukate wiwe+.
8 Ntakwiye no kurya umuvyimba n’umwe w’icamaze gupfa canke ikintu na kimwe catabaguwe n’ibikoko ngo bimuhumanye+. Ndi Yehova.
9 “‘Bategerezwa kugumya ibwirizwa ryanje, kugira ngo igicumuro ntikibajeko, bigatuma bapfa+ ku bw’ico, kubera bariko barabihumanya. Ndi Yehova uwuriko arabeza.
10 “‘Kandi nta w’ahandi n’umwe yoshobora kurya ikintu na kimwe ceranda+. Nta nyambukira iba ku muherezi, canke umucangero, yoshobora kurya ikintu na kimwe ceranda.
11 Mugabo mu gihe umuherezi yogura umuntu ku mahera yiwe, uyo, ku bw’ico ari, yoshobora kubiryako. Nayo abashumba bavukiye mu nzu yiwe, abo, ku bw’ico bari, boshobora kurya ku mukate wiwe+.
12 Mu gihe umukobwa w’umuherezi yokwabirwa n’umugabo w’ahandi, uwo mukobwa, ku bw’ico ari, ntiyoshobora kurya ku ntererano y’ibintu vyeranda.
13 Mugabo mu gihe umukobwa w’umuherezi yopfakara canke akirukanwa ata ruvyaro afise, hanyuma agategerezwa kugaruka mu nzu ya se nko mu buto bwiwe+, yoshobora kurya ku mukate wa se wiwe+; mugabo nta w’ahandi n’umwe yoshobora kuwuryako.
14 “‘Mu gihe na ho umugabo ariye ikintu ceranda ku kwihenda+, ategerezwa rero kucongerako ica gatanu+ caco, akagiha umuherezi.
15 Ntibakwiye rero guhumanya ibintu vyeranda vya bene Isirayeli, ivyo boterera babiha Yehova+,
16 bigatuma vy’ukuri bikorera igihano c’ukwagirwa n’icaha kubera bariye ibintu vyabo vyeranda; kuko ndi Yehova uwuriko arabeza.’”
17 Yehova yongera kubwira Musa ati:
18 “Vugana na Aroni n’abahungu biwe na bene Isirayeli bose, ubabwire uti: ‘Umugabo wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke kavamahanga wese muri Isirayeli ashikirije ishikanwa ryiwe+, ku bw’iyo ari yo yose mu ndagano zabo+ canke iryo ari ryo ryose mu mashikanwa yabo atangwa ku bushake+, iryo boshikiriza Yehova ngo ribe ishikanwa riturirwa,
19 kugira mushimwe+ ritegerezwa kuba ritagira agahonzi+, ikigabo kivuye mu busho, mu mpfizi z’intama z’imikangara canke mu mpene.
20 Ikintu cose kiri n’agahonzi ntimuze mugishikirize+, kuko kitazotuma mushimwa.
21 “‘Kandi mu gihe umugabo yoshikiriza Yehova ikimazi c’ugusangira+ kugira ashitse indagano+ canke akagishikiriza bwa shikanwa ritangwa ku bushake, gikwiye kuba ikitagira agahonzi co mu busho canke mu mukuku, kugira ashimwe. Nta gahonzi na gatoyi gakwiye kuba kuri co.
22 Caba igifise ubuhumyi canke imvune canke gifise aho gikaswe canke isununu canke igisekera canke igihushi+, nta na kimwe muri ivyo mukwiye gushikiriza Yehova, kandi nta shikanwa rishikanishwa umuriro+ rivuye muri vyo mukwiye gushira ku gicaniro ku bwa Yehova.
23 Ishūri canke intama ifise igihimba kirekire birenze canke kigufi birenze+, woshobora kuyigira ishikanwa ritangwa ku bushake; mugabo itanzwe ku bwo gushitsa indagano, ntizoshimwa.
24 Mugabo igifise amatengatwa afyondekaye+ canke afyonyotse canke akwegutse canke acitse, ntimuze mugishikirize Yehova, kandi mu gihugu canyu ntimukwiye kubitangako ishikanwa.
25 Kandi ico ari co cose muri ivyo vyose kivuye mu kuboko kw’umunyamahanga ntimuze mugishikirize bwa mukate w’Imana yanyu, kuko ubwononekare bwavyo buri muri vyo. Biri n’agahonzi+. Ntibizoshimwa+ ku bwanyu.’”
26 Yehova yongera kubwira Musa ati:
27 “Haramutse havutse ishūri canke impfizi y’intama y’umukangara canke impene, ize rero igume munsi ya nyina imisi indwi+, mugabo kuva ku musi ugira umunani no kubandanya, izokwemerwa bwa shikanwa, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova.
28 Ku bijanye n’ishūri be n’intama, ntimuze muyikererane n’umwana wayo ku musi umwe+.
29 “Nimwashikanira Yehova ikimazi c’ugukenguruka+, mukwiye kugishikana kugira mushimwe.
30 Gikwiye kuribwa kuri uyo musi+. Ntimuze mugire ico musigaza kuri co gushika mu gitondo+. Ndi Yehova.
31 “Kandi mutegerezwa kugumya amabwirizwa yanje, mukayashitsa+. Ndi Yehova.
32 Ntimuze muhumanye izina ryanje ryeranda+, kandi ntegerezwa kwezwa hagati muri bene Isirayeli+. Ndi Yehova uwuriko arabeza+,
33 Umwe ariko arabakura mu gihugu ca Misiri, ngo nerekane ko ndi Imana kuri mwebwe+. Ndi Yehova.”