Abalewi 21:1-24
21 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Vugana n’abaherezi, bene Aroni, ubabwire uti: ‘Ntihaze hagire uwihumanya mu gisata ciwe ku bw’umuntu* yapfuye+.
2 Mugabo ku bw’incuti yiwe y’amaraso ya hafi, ku bwa nyina no ku bwa se no ku bw’umuhungu wiwe no ku bw’umukobwa wiwe no ku bwa mwene wabo
3 no ku bwa mushikiwe, umwigeme w’isugi w’incuti yiwe ya hafi, atabiriwe, ku bw’uyo yoshobora kwihumanya.
4 Ntiyokwihumanya ku bw’umugore afiswe na inawe mu bantu b’iwabo ngo yiyanduze.
5 Ntibakwiye kwica ubuhanza ku mitwe+, kandi ntibaze bamwe udusunwa tw’ubwanwa bwabo+, kandi ntibaze bikebe ku mubiri+.
6 Baze berekane ko ari beranda ku Mana yabo+, kandi ntibaze bahumanye izina ry’Imana yabo+, kuko ari bo bashikiriza amashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro, umukate w’Imana yabo+; kandi bategerezwa kwerekana ko ari beranda+.
7 Ntibaze batware umumaraya+ canke umugore yononywe. Kandi ntibaze batware+ umugore yahukanye+ n’umugabo wiwe, kuko umuherezi ari mweranda ku Mana yiwe.
8 Utegerezwa rero kumweza+, kuko ari we ashikiriza umukate w’Imana yawe. Akwiye kuba mweranda kuri wewe+, kuko jewe Yehova uwuriko arabeza ndi mweranda+.
9 “‘Mu gihe na ho umukobwa w’umuherezi yokwihumanya mu gukora ubumaraya, aba ariko ahumanya se. Akwiye guturirwa mu muriro+.
10 “‘Nayo umuherezi mukuru wo muri bene wabo yasutswe ku mutwe amavuta yo kurobanuza+, n’ukuboko kwiwe kukaba kwujujwe ububasha ngo yambare za mpuzu+, ntakwiye kureka ngo umutwe wiwe ugume udatunganijwe+, kandi ntakwiye gutabura impuzu ziwe+.
11 Kandi ntakwiye kwegera umuvyimba n’umwe+. Ntiyokwihumanya ku bwa se na nyina.
12 Ntakwiye kandi gusohoka ngo ave aheranda canke ngo ahumanye aheranda h’Imana yiwe+, kuko ikimenyetso c’iyegurwa, ya mavuta yo kurobanuza y’Imana yiwe+, kiri kuri we. Ndi Yehova.
13 “‘Kandi we akwiye kwabira umwigeme w’isugi+.
14 Umupfakazi canke umugore yahukanye, uwononywe, umumaraya, muri abo nta n’umwe yotwara, ahubwo akwiye gutwara isugi yo mu bantu b’iwabo ngo imubere umugore.
15 Ntakwiye guhumanya uruvyaro rwiwe mu gisata ciwe+, kuko ndi Yehova uwuriko aramweza+.’”
16 Yehova abandanya kubwira Musa ati:
17 “Bwira Aroni uti: ‘Nta mugabo wo mu ruvyaro rwawe mu mayaruka yabo yose abonetseko agahonzi+ akwiye kwegera hafi ngo ashikirize umukate w’Imana yiwe+.
18 Umugabo uwo ari we wese ari n’agahonzi, ntakwiye kwegera: umugabo ahumye, canke acumbagira, canke w’izuru risadutse, canke w’igihimba kirekire birenze+,
19 canke umugabo afise imvune y’ikirenge canke y’ukuboko,
20 canke inyonzo canke yonze canke arwaye amaso canke ari n’ibisekera canke afise ibihushi canke yamenetse amatengatwa+.
21 Umugabo wese wo mu ruvyaro rwa Aroni umuherezi ari n’agahonzi ntaze yegere ngo ashikirize amashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro+. Ari n’agahonzi. Ntiyokwegera ngo ashikirize umukate w’Imana yiwe+.
22 Yoshobora kurya umukate w’Imana yiwe wo ku bintu vyeranda rwose+ no ku bintu vyeranda+.
23 Ariko ntiyokwinjira hafi y’irido+, kandi ntiyokwegera igicaniro+, kuko ari n’agahonzi+. Kandi ntakwiye guhumanya aheranda hanje+, kuko ndi Yehova uwuriko arabeza+.’”
24 Nuko Musa avugana na Aroni n’abahungu biwe, na bene Isirayeli bose.
Amakuru yiyongereye
^ Mu giheburayo ni “nefeshi” (neʹphesh). Raba Inyongera ya 6.