Abalewi 21:1-24

21  Yehova yongera kubwira Musa ati: “Vugana n’abaherezi, bene Aroni, ubabwire uti: ‘Ntihaze hagire uwihumanya mu gisata ciwe ku bw’umuntu* yapfuye+.  Mugabo ku bw’incuti yiwe y’amaraso ya hafi, ku bwa nyina no ku bwa se no ku bw’umuhungu wiwe no ku bw’umukobwa wiwe no ku bwa mwene wabo  no ku bwa mushikiwe, umwigeme w’isugi w’incuti yiwe ya hafi, atabiriwe, ku bw’uyo yoshobora kwihumanya.  Ntiyokwihumanya ku bw’umugore afiswe na inawe mu bantu b’iwabo ngo yiyanduze.  Ntibakwiye kwica ubuhanza ku mitwe+, kandi ntibaze bamwe udusunwa tw’ubwanwa bwabo+, kandi ntibaze bikebe ku mubiri+.  Baze berekane ko ari beranda ku Mana yabo+, kandi ntibaze bahumanye izina ry’Imana yabo+, kuko ari bo bashikiriza amashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro, umukate w’Imana yabo+; kandi bategerezwa kwerekana ko ari beranda+.  Ntibaze batware umumaraya+ canke umugore yononywe. Kandi ntibaze batware+ umugore yahukanye+ n’umugabo wiwe, kuko umuherezi ari mweranda ku Mana yiwe.  Utegerezwa rero kumweza+, kuko ari we ashikiriza umukate w’Imana yawe. Akwiye kuba mweranda kuri wewe+, kuko jewe Yehova uwuriko arabeza ndi mweranda+.  “‘Mu gihe na ho umukobwa w’umuherezi yokwihumanya mu gukora ubumaraya, aba ariko ahumanya se. Akwiye guturirwa mu muriro+. 10  “‘Nayo umuherezi mukuru wo muri bene wabo yasutswe ku mutwe amavuta yo kurobanuza+, n’ukuboko kwiwe kukaba kwujujwe ububasha ngo yambare za mpuzu+, ntakwiye kureka ngo umutwe wiwe ugume udatunganijwe+, kandi ntakwiye gutabura impuzu ziwe+. 11  Kandi ntakwiye kwegera umuvyimba n’umwe+. Ntiyokwihumanya ku bwa se na nyina. 12  Ntakwiye kandi gusohoka ngo ave aheranda canke ngo ahumanye aheranda h’Imana yiwe+, kuko ikimenyetso c’iyegurwa, ya mavuta yo kurobanuza y’Imana yiwe+, kiri kuri we. Ndi Yehova. 13  “‘Kandi we akwiye kwabira umwigeme w’isugi+. 14  Umupfakazi canke umugore yahukanye, uwononywe, umumaraya, muri abo nta n’umwe yotwara, ahubwo akwiye gutwara isugi yo mu bantu b’iwabo ngo imubere umugore. 15  Ntakwiye guhumanya uruvyaro rwiwe mu gisata ciwe+, kuko ndi Yehova uwuriko aramweza+.’” 16  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 17  “Bwira Aroni uti: ‘Nta mugabo wo mu ruvyaro rwawe mu mayaruka yabo yose abonetseko agahonzi+ akwiye kwegera hafi ngo ashikirize umukate w’Imana yiwe+. 18  Umugabo uwo ari we wese ari n’agahonzi, ntakwiye kwegera: umugabo ahumye, canke acumbagira, canke w’izuru risadutse, canke w’igihimba kirekire birenze+, 19  canke umugabo afise imvune y’ikirenge canke y’ukuboko, 20  canke inyonzo canke yonze canke arwaye amaso canke ari n’ibisekera canke afise ibihushi canke yamenetse amatengatwa+. 21  Umugabo wese wo mu ruvyaro rwa Aroni umuherezi ari n’agahonzi ntaze yegere ngo ashikirize amashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro+. Ari n’agahonzi. Ntiyokwegera ngo ashikirize umukate w’Imana yiwe+. 22  Yoshobora kurya umukate w’Imana yiwe wo ku bintu vyeranda rwose+ no ku bintu vyeranda+. 23  Ariko ntiyokwinjira hafi y’irido+, kandi ntiyokwegera igicaniro+, kuko ari n’agahonzi+. Kandi ntakwiye guhumanya aheranda hanje+, kuko ndi Yehova uwuriko arabeza+.’” 24  Nuko Musa avugana na Aroni n’abahungu biwe, na bene Isirayeli bose.

Amakuru yiyongereye

Mu giheburayo ni “nefeshi” (neʹphesh). Raba Inyongera ya 6.