Abalewi 19:1-37
19 Yehova yongera kubwira Musa ati:
2 “Vugana n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Mukwiye kwerekana ko muri beranda+, kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda+.
3 “‘Mukwiye gutinya umwe wese nyina wiwe na se wiwe+, kandi amasabato yanje mukwiye kuyubahiriza+. Ndi Yehova Imana yanyu.
4 Ntimugahindukire ngo muje ku mana ata co zimaze+, kandi ntimukihingurire imana mu cuma gishongeshejwe+. Ndi Yehova Imana yanyu.
5 “‘Nimwashikanira Yehova ikimazi c’ugusangira+, mukwiye kugishikana kugira mushimwe+.
6 Gikwiye kuribwa ku musi w’ikimazi canyu no ku musi uca ukurikira ubwo nyene, mugabo ibisigaye gushika ku musi ugira gatatu bikwiye guturirwa mu muriro+.
7 Mugabo nicaramuka kiriwe ku musi ugira gatatu, kizoba ari ikintu gihumanye+. Ntikizoshimwa+.
8 Kandi uwukiriye azokwishura ikosa ryiwe+, kuko azoba ahumanije ikintu ceranda ca Yehova. Uyo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.
9 “‘Igihe mushwabura umwimbu w’igihugu canyu, ntuze ushwabure umubari w’umurima wawe ngo ukungutuze, kandi ntuze wandure udutororwa* tw’umwimbu wawe+.
10 Vyongeye, ntuze wegeranye ivyasigaye+ mu murima wawe w’imizabibu, kandi ntuze utoragure inzabibu zakoraguritse zo mu murima wawe w’imizabibu. Kuko ukwiye kubirekera umurushwa na kavamahanga+. Ndi Yehova Imana yawe.
11 “‘Ntimukibe+, ntimugahendane+, kandi ntimugakoreshe ikinyoma umwe wese kuri mugenziwe+.
12 Ntimuze murahire mw’izina ryanje mubesha+, bigatuma uhumanya koko izina ry’Imana yawe. Ndi Yehova.
13 Ntukagunge mugenzawe+, kandi ntukambure+ ivy’abandi. Impembo y’umucangero ntuze uyirarane gushika mu gitondo+.
14 “‘Ntugahamagarire akabi ku gipfamatwi, kandi ntuze ushire imbere y’impumyi ikintu co kuyitega+; utegerezwa gutinya Imana yawe+. Ndi Yehova.
15 “‘Ntimuze murenganye mu guca urubanza. Ntukagire nkunzi mu kuntu ufata umuntu mutoyi+, kandi ntugahengamire ku wuhambaye+. Mugenzawe ukwiye kumucira urubanza mu butungane.
16 “‘Ntukagendagende mu bantu b’iwanyu ugenzwa no kubeshera+ umuntu. Ntugahagurukire kuvisha amaraso ya mugenzawe+. Ndi Yehova.
17 “‘Ntukankire mwene wanyu mu mutima wawe+. Uko bigenda kwose, ukwiye gukangira mugenzawe+, kugira ntusangire na we igicumuro.
18 “‘Ntukihore+ canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe+; kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+. Ndi Yehova.
19 “‘Mukwiye kugumya ivyagezwe vyanje: Ntukabanguriranye ibitungwa vyawe vy’ubwoko bubiri. Ntukabibe umurima wawe imbuto z’ubwoko bubiri+, kandi ntukishireko impuzu z’ubwoko bubiri bw’inyuzi, buvanganije+.
20 “‘Mu gihe na ho umugabo aryamanye n’umugore agasohora intanga, mu gihe ari umusukukazi agenewe uwundi mugabo, akaba atacunguwe mu buryo na bumwe canke ata mwidegemvyo yahawe, hategerezwa kuba igihano. Ntibaze bicwe, kuko atari yarahawe umwidegemvyo.
21 Nya mugabo aze azanire Yehova ishikanwa ryiwe ry’ukwagirwa n’icaha ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro: impfizi y’intama y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+.
22 Umuherezi aze amutangire impongano imbere ya Yehova akoresheje nya mpfizi y’intama y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze. Kandi igicumuro yakoze azokibabarirwa+.
23 “‘Kandi nimwinjira muri ca gihugu, hanyuma mugatera igiti ico ari co cose kiribwa, ivyamwa vyaco muze mubifate ko bihumanye, nk’aho ari “agashato*” kaco. Mu myaka itatu kizoguma ari ikitagenyereye kuri mwebwe. Ntigikwiye kuribwa.
24 Mugabo mu mwaka ugira kane ivyamwa+ vyaco vyose bizocika ikintu ceranda c’umwigino w’umusi mukuru kuri Yehova+.
25 Maze mu mwaka ugira gatanu murashobora kurya ivyamwa vyaco kugira ngo umwimbu waco wongerekane kuri mwebwe+. Ndi Yehova Imana yanyu.
26 “‘Ntimuze mugire ikintu na kimwe muryana amaraso+.
“‘Ntimuze murondere ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi ntimuze mugire ivy’amageza+.
27 “‘Ntimuze mukate imishatsi yo ku mpande z’umutwe wanyu ngo mugire umuzingi, kandi ntuze ukebêre udusunwa tw’ubwanwa bwawe+.
28 “‘Ntimuze mwikebagure mu mubiri wanyu ku bw’umuntu yapfuye+, kandi ntimuze mwice injorogo*. Ndi Yehova.
29 “‘Ntuhumanye umukobwa wawe mu kumugira umumaraya+, kugira ngo igihugu ntigikore ubumaraya maze kikuzura vy’ukuri ingeso mbi+.
30 “‘Muze mwubahirize amasabato yanje+, kandi muze mwamanire akoba aheranda hanje+. Ndi Yehova.
31 “‘Ntimuze mwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+, kandi ntimuze musiguze abagize umwuga ukubura ibizoba+, ngo muhumanywe na bo. Ndi Yehova Imana yanyu.
32 “‘Imbere y’umuntu w’imvi uze uhaguruke+, kandi uze wubahirize umuntu w’umutama+, kandi utegerezwa gutinya Imana yawe+. Ndi Yehova.
33 “‘Kandi mu gihe kavamahanga abanye na wewe ari kavamahanga mu gihugu canyu, ntimuze mumufate nabi+.
34 Kavamahanga abanye namwe ari kavamahanga, kuri mwebwe aze acike nk’imvukira yanyu. Utegerezwa kumukunda nk’uko wikunda+, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu.
35 “‘Ntimuze murenganye mu guca urubanza+, mu kugera ibintu, mu gupima uburemere+ canke mu kugera ibiseseka.
36 Mukwiye kugira iminzane itabesha+, amabuye y’umunzane atabesha, efa* itabesha na hini* itabesha. Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri.
37 Mutegerezwa rero kugumya ivyagezwe vyanje vyose n’ingingo zanje zose z’ubutungane, kandi mutegerezwa kubishitsa+. Ndi Yehova.’”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ni agashato ko kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.
^ Canke, “imbugu.”
^ Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.
^ Ingero ya hini yangana n’amalitiro 3,67.