Abalewi 18:1-30

18  Yehova yongera kubwira Musa ati:  “Vugana na bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ndi Yehova Imana yanyu+.  Ntimuze mukore nk’uko igihugu ca Misiri gikora, ico mwabayemwo+. Ntimuze mukore nk’uko igihugu ca Kanani gikora, ico ndiko ndabazanamwo+. Ntimuze mugendere mu vyagezwe vyabo.  Ingingo zanje z’ubutungane*+ mukwiye kuzishitsa, n’ivyagezwe vyanje+ mukwiye kubigumya kugira mugendere muri vyo+. Ndi Yehova Imana yanyu.  Kandi mutegerezwa kugumya ivyagezwe vyanje n’ingingo zanje z’ubutungane, umuntu niyabikora akaba atazobura kubeshwaho na vyo+. Ndi Yehova+.  “‘Ntihaze hagire umugabo n’umwe wo muri mwebwe yegera incuti yiwe n’imwe y’umubiri ya hafi ngo apfukure ubwambure bwiwe+. Ndi Yehova.  Ubwambure bwa so+ n’ubwambure bwa nyoko wawe ntuze ubupfukure. Ni nyoko wawe. Ntuze upfukure ubwambure bwiwe.  “‘Ubwambure bw’umugore wa so ntuze ubupfukure+. Ni ubwambure bwa so.  “‘Ubwambure bwa mushikawe, umukobwa wa so canke wa nyoko wawe, yaba uwo mwavutse mu rugo rumwe canke uwavutse hanze, ubwambure bwabo ntuze ubupfukure+. 10  “‘Ubwambure bw’umukobwa w’umuhungu wawe canke bw’umukobwa w’umukobwa wawe, ntuze ubupfukure, kuko abo ari ubwambure bwawe. 11  “‘Ubwambure bw’umukobwa w’umugore wa so, uruvyaro rwa so, uyo akaba ari mushikawe, ntuze ubupfukure. 12  “‘Ubwambure bwa mushiki wa so ntuze ubupfukure. Ni incuti ya so y’amaraso+. 13  “‘Ubwambure bwa mwene wabo na nyoko wawe ntuze ubupfukure, kuko ari incuti ya nyoko wawe y’amaraso. 14  “‘Ubwambure bwa mwene wabo na so ntuze ubupfukure. Ntuze wegere umugore wiwe. Ni mukasowanyu+. 15  “‘Ubwambure bw’umukazana+ wawe ntuze ubupfukure. Ni umugore w’umuhungu wawe. Ntuze upfukure ubwambure bwiwe. 16  “‘Ubwambure bw’umugore wa mwene wanyu+ ntuze ubupfukure. Ni ubwambure bwa mwene wanyu. 17  “‘Ubwambure bw’umugore n’umukobwa wiwe ntuze ubupfukure+. Umukobwa w’umuhungu wiwe be n’umukobwa w’umukobwa wiwe ntuze umutware ngo upfukure ubwambure bwiwe. Abo ni incuti z’amaraso. Ivyo ni ubushirasoni*+. 18  “‘Ntuze uzane umugore wongera kuri mwene wabo ngo amubere umukeba+, kugira upfukure ubwambure bwiwe, ukamumuzanako akiri muzima. 19  “‘Ntuze wegere umugore mu gihe c’ubutinyanka+ bw’ubuhumane bwiwe ngo upfukure ubwambure bwiwe+. 20  “‘Ntuze usohorere intanga mu mugore wa mugenzawe, ngo bitume uhumana+. 21  “‘Ntuze ureke ngo hagire n’umwe mu ruvyaro rwawe yegurirwa+ Moleki+. Ntuze uhumanye+ izina ry’Imana yawe muri ubwo buryo. Ndi Yehova+. 22  “‘Ntuze uryamane n’umugabo+ nk’uko uryamana n’umugore+. Ni ikintu giteye ishishi. 23  “‘Ntuze usohorere intanga mu gikoko na kimwe+ ngo bitume uhumana, kandi umugore ntakwiye guhagarara imbere y’igikoko kugira ahuze umubiri na co+. Ukwo ni ukugira ibitagirwa. 24  “‘Ntimwihumanishe na kimwe muri ivyo, kuko ivyo bintu vyose ari vyo amahanga ndiko ndirukana ngo ave imbere yanyu yihumanishije+. 25  Ni co gituma igihugu gihumanye, kandi nzogihanira ikosa ryaco, kandi kizodahwa abakibamwo+. 26  Mwebwe mutegerezwa kugumya ivyagezwe vyanje n’ingingo zanje z’ubutungane+, kandi ntimuze mukore na kimwe muri ivyo bintu vyose biteye ishishi, yaba imvukira canke kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe+. 27  Kuko ivyo bintu vyose biteye ishishi ari vyo abo muri ico gihugu b’imbere yanyu bakoze+, ku buryo ico gihugu gihumanye. 28  Mwebwe nya gihugu ntikizobadahwa kibaziza ukugihumanya, nk’uko nyene kitazobura kudahwa amahanga y’imbere yanyu+. 29  Nihagira uwo muri mwebwe akora na kimwe muri ivyo bintu vyose biteye ishishi, ababikora rero bategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+. 30  Mutegerezwa kugumya ibwirizwa ryanje: ntimuze mukore n’umwe mu migenzo iteye ishishi yakozwe imbere yanyu+, kugira ntimuvyihumanishe. Ndi Yehova Imana yanyu.’”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.