Abalewi 17:1-16

17  Yehova yongera kubwira Musa ati:  “Vugana na Aroni n’abahungu biwe na bene Isirayeli bose, ubabwire uti: ‘Iki ni co kintu Yehova ategetse, ati:  “‘“Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli akereye ishūri canke impfizi y’intama y’umukangara canke impene, mw’ikambi canke hanze y’ikambi,  hanyuma vy’ukuri ntayizane ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+ kuyishikana bwa shikanwa rihabwa Yehova imbere y’itaberenakulo ya Yehova, uyo muntu azoharurwako amaraso. Azoba yasheshe amaraso, kandi uyo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+,  kugira bene Isirayeli bazane ibimazi vyabo, ivyo bashikanira mu gahinga+, babizanire Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro babihe umuherezi+, babishikanire Yehova bwa bimazi vy’ugusangira+.  Kandi umuherezi aze amijagire amaraso ku gicaniro+ ca Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, kandi aze afumbishe umwotsi ikinure+ kibe akamoto karuhura kuri Yehova+.  Ntibakwiye rero kwongera gushikanira ibimazi vyabo ya madayimoni* asa n’impene+, ayo bashurashurana+. Ico kizobabera icagezwe gushika igihe kitagira urugero, mu mayaruka yanyu yose.”’  “Kandi uze ubabwire uti: ‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe, ashikanye ishikanwa riturirwa+ canke ikimazi  hanyuma ntabizane ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro kubihereza Yehova+, uyo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+. 10  “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo. 11  Kuko ubuzima bw’umubiri buri mu maraso+, nanje nkaba nayashize ku gicaniro ku bwanyu kugira mutangirwe impongano+, kuko amaraso+ ari yo atuma haba impongano+ biciye ku buzima buri muri yo. 12  Ni co gituma nabwiye bene Isirayeli nti: “Ntihaze hagire uwo muri mwebwe arya amaraso, kandi nta kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe+ akwiye kurya amaraso+.” 13  “‘Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe, azofata igikoko canke ikiguruka kiribwa ari guhiga, aze asese amaraso yaco hasi+ hanyuma ayarenzeko umukungugu+. 14  Kuko ubuzima bw’ikiri n’umubiri cose ari amaraso yaco biciye ku buzima buri muri yo. Ku bw’ivyo rero, nabwiye bene Isirayeli nti: “Ntimuze murye amaraso y’ikiri n’umubiri na kimwe, kuko ubuzima bw’ikiri n’umubiri cose ari amaraso yaco+. Uwo wese ayariye azorandurwa+.” 15  Umuntu wese ariye umuvyimba w’icamaze gupfa canke icatabaguwe n’igikoko+, yaba imvukira canke kavamahanga, ategerezwa rero kumesa impuzu ziwe kandi akiyuhagira mu mazi, akaba uwuhumanye gushika ku mugoroba+, aheze abe uwudahumanye. 16  Mugabo natazimesa kandi ntiyuhagire umubiri wiwe, ategerezwa rero kwishura ikosa ryiwe+.’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “mu maso hanje.”