Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abalewi 15:1-33

15  Yehova yongera kubwira Musa na Aroni ati:  “Vugana na bene Isirayeli, mubabwire muti: ‘Umugabo niyagira urunyigimbe rwisuka+ ruva mu gihimba c’irondoka ciwe, urunyigimbe rwiwe ruzoba ruhumanye.  Ubu ni bwo buzoba ubuhumane bwiwe bivuye ku runyigimbe rwiwe: Igihimba ciwe c’irondoka nicaba carekuye urunyigimbe canke kikaba cazivye bivuye ku runyigimbe rwiwe, ni ubuhumane bwiwe.  “‘Igitanda cose uwufise urunyigimbe rwisuka aryamyeko kizoba gihumanye, kandi ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye.  Umuntu akoze ku gitanda ciwe aze amese impuzu ziwe kandi yiyuhagire mu mazi, abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+.  Umuntu wese yicaye ku kintu uwufise urunyigimbe rwisuka yari yicayeko aze amese+ impuzu ziwe kandi yiyuhagire mu mazi, abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.  Umuntu wese akoze ku mubiri w’uwufise urunyigimbe rwisuka+ aze amese impuzu ziwe kandi yiyuhagire mu mazi, abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+.  Mu gihe uwufise urunyigimbe rwisuka aciriye ku muntu adahumanye, uno rero aze amese impuzu ziwe kandi yiyuhagire mu mazi, abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.  Itandiko+ ryose uwufise urunyigimbe rwisuka yagiye yicayeko, rizoba rihumanye. 10  Uwo wese akoze ku kintu ico ari co cose kiri munsi yiwe, azoba ahumanye gushika ku mugoroba. Kandi uwutwaye ivyo bintu azomesa impuzu ziwe, yongere yiyuhagire mu mazi, abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 11  Kandi uwo wese uwufise urunyigimbe rwisuka+ akozeko atarongoroye amaboko yiwe mu mazi, aze amese impuzu ziwe yongere yiyuhagire mu mazi, abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 12  Kandi icombo c’ikibumbano uwufise urunyigimbe rwisuka akozeko bakwiye kukimena+; kandi icombo ico ari co cose c’igiti+ gikwiye kwugunyuzwa n’amazi. 13  “‘Mu gihe na ho uwufise urunyigimbe rwisuka yoba ahumanutse urunyigimbe rwiwe, aze yiharūrire rero imisi indwi y’ityororwa ryiwe+, kandi aze amese impuzu ziwe yongere yuhagire umubiri wiwe mu mazi atemba+, abe uwudahumanye. 14  Hanyuma ku musi ugira umunani aze atore intunguru zibiri+ canke inuma zibiri zikiri nto, aheze aze imbere ya Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, azihe umuherezi. 15  Umuherezi na we aze azishikane, imwe ibe ishikanwa ry’igicumuro, iyindi na yo ishikanwa riturirwa+. Kandi umuherezi aze amutangire impongano imbere ya Yehova ku bijanye n’urunyigimbe rwiwe rwisuka. 16  “‘Mu gihe na ho intanga zisutse+ ziva mu mugabo, ategerezwa kwuhagira umubiri wiwe wose mu mazi, hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 17  Kandi impuzu iyo ari yo yose n’urushato urwo ari rwo rwose nya ntanga zigiyeko, bitegerezwa kumeswa n’amazi, hanyuma bibe ibihumanye gushika ku mugoroba+. 18  “‘Nayo umugore aryamanye n’umugabo hakaba isohoka ry’intanga, bategerezwa kwiyuhagira mu mazi hanyuma babe abahumanye+ gushika ku mugoroba. 19  “‘Kandi mu gihe umugore agize urunyigimbe rwisuka, kandi urwo runyigimbe rwo mu mubiri wiwe rukaba ari amaraso+, akwiye kuguma mu buhumane+ bw’ubutinyanka+ bwiwe imisi indwi, kandi uwo wese amukozeko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 20  Ikintu cose aryamyeko ari mu buhumane bw’ubutinyanka bwiwe kizoba gihumanye, kandi ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye+. 21  Uwo wese akoze ku gitanda ciwe akwiye kumesa impuzu ziwe, kandi ategerezwa kwiyuhagira mu mazi hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 22  Kandi uwo wese akoze ku kintu cose yari yicayeko akwiye kumesa impuzu ziwe, kandi ategerezwa kwiyuhagira mu mazi hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 23  Kandi nimba ku gitanda canke ku kindi kintu ari ho nya mugore yari yicaye, niyabikorako+ azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 24  Kandi hagize umugabo aryamana na we hanyuma ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe bukamujako+, nya mugabo rero ategerezwa kuba uwuhumanye imisi indwi, kandi igitanda cose aryamyeko kizoba gihumanye. 25  “‘Ku vyerekeye umugore, mu gihe urunyigimbe rwisuka rw’amaraso yiwe rwotemba imisi myinshi+ kandi atari igihe gisanzwe c’ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe+, canke hamwe yova igihe kirekire kuruta ic’ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe, imisi yose y’urunyigimbe rwiwe ruhumanye izoba nko mu misi y’ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe. Azoba ahumanye. 26  Igitanda ico ari co cose aryamyeko ku wo ari wo wose mu misi y’urunyigimbe rwiwe rwisuka, kuri we kizocika nk’igitanda c’ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe+, kandi ikintu cose yicayeko kizoba igihumanye kurya kw’umwanda w’ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe. 27  Uwo wese abikozeko+ azoba ahumanye, kandi ategerezwa kumesa impuzu ziwe akongera akiyuhagira mu mazi hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 28  “‘Ariko nimba yahumanutse urunyigimbe rwiwe rwisuka, aze yiharurire rero imisi indwi, hanyuma abe uwudahumanye+. 29  Ku musi ugira umunani aze atore intunguru zibiri+ canke inuma zibiri zikiri nto, azizanire umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+. 30  Imwe, umuherezi aze ayigire ishikanwa ry’igicumuro, iyindi na yo ishikanwa riturirwa+. Kandi umuherezi aze amutangire impongano+ imbere ya Yehova ku bijanye n’urunyigimbe rwisuka rwiwe ruhumanye. 31  “‘Kandi muze mufashe bene Isirayeli kuguma bitandukanije n’ubuhumane bwabo, ntibahave bapfira mu buhumane bwabo kubera bahumanije itaberenakulo yanje, iyiri hagati muri bo+. 32  “‘Iryo ni ryo tegeko ku biraba umugabo afise urunyigimbe rwisuka+, n’umugabo intanga zisutse+ zimuvamwo ku buryo bimuhumanya, 33  no ku biraba umugore ari mu butinyanka+ mu buhumane bwiwe, n’uwo wese ava urunyigimbe rwisuka+, yaba uw’igitsina-gabo canke uw’igitsina-gore, yaba kandi umugabo aryamanye n’umugore ahumanye.’”

Amakuru yiyongereye