Abalewi 14:1-57
14 Yehova yongera kubwira Musa ati:
2 “Iri ni ryo rizocika itegeko rigenga umunyamibembe+ ku musi wo kwemeza ityororwa ryiwe, igihe ategerezwa kuzanwa ku muherezi+.
3 Umuherezi aze asohoke hanze y’ikambi, arabe; nimba nya cago c’imibembe cakize+ muri nya munyamibembe,
4 umuherezi aze atange itegeko. Ku bw’ukwihumanura, aze atore inyoni zibiri nzima zidahumanye+ n’igiti c’isederi+ n’igitambara c’ibara ry’agahama*+ na ezobu+.
5 Umuherezi aze atange itegeko, inyoni imwe yicirwe mu combo c’ikibumbano hejuru y’amazi atemba+.
6 Ya nyoni nzima na yo aze ayitore be na ca giti c’isederi na ca gitambara c’ibara ry’agahama na ya ezobu, aheze abijobekane na ya nyoni nzima mu maraso ya ya nyoni yicirwa hejuru y’amazi atemba.
7 Maze aze ayacucagire+ incuro indwi+ ku wuriko arihumanura imibembe, avuge ko adahumanye+, aheze arungike ya nyoni nzima mu gahinga+.
8 “Kandi uwihumanura aze amese impuzu ziwe+, yimoshe n’umushatsi wiwe wose yongere yiyuhagire+ mu mazi abe uwudahumanye; mu nyuma ashobora kwinjira mw’ikambi. Kandi ategerezwa kuba hanze y’ihema ryiwe imisi indwi+.
9 Ku musi ugira indwi, aze yimoshe umushatsi wiwe wose ku mutwe+ no ku rusakanwa no ku bigohegohe. Egome, aze yimoshe umushatsi wiwe wose, amese n’impuzu ziwe yongere yuhagire umubiri wiwe mu mazi, abone kuba uwudahumanye.
10 “Ku musi ugira umunani+ azotora impfizi z’intama zibiri zikiri nto zitagira agahonzi be n’umwagazi w’intama w’ishashi umwe utagira agahonzi+, mu mwaka wawo wa mbere, n’ivy’icumi bitatu vya efa* y’ifu inoze bwa shikanwa ry’intete+ ribombekeshejwe amavuta, n’ingero imwe ya logi* y’amavuta+;
11 kandi uwo muherezi azoba avuze ko nya muntu adahumanye aze ashikirize imbere ya Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro nya muntu ariko arihumanura na nya bintu.
12 Umuherezi aze atore impfizi y’intama ikiri nto imwe, ayishikane ku bw’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ iri kumwe na ya ngero ya logi+ y’amavuta, abizungagize irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa+ imbere ya Yehova.
13 Hanyuma aze akererere ya mpfizi y’intama ikiri nto ha hantu+ ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa riturirwa bikerererwa ubudasiba, ahantu heranda+, kuko ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha ari iry’umuherezi+, nka kumwe kw’ishikanwa ry’igicumuro. Ni ikintu ceranda rwose.
14 “Kandi umuherezi aze atore makeyi kuri ya maraso y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, ayashire kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kw’uwihumanura no ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo+.
15 Umuherezi aze atore makeyi kuri ya ngero ya logi+ y’amavuta, ayasuke ku kiganza c’ibubamfu c’umuherezi.
16 Umuherezi aze akoze urutoke rwiwe rw’iburyo muri ya mavuta ari ku kiganza ciwe c’ibubamfu, acucagire imbere ya Yehova makeyi kuri yo n’urutoke rwiwe incuro indwi+.
17 Makeyi ku yasigaye kuri ya mavuta ari ku kiganza ciwe, umuherezi azoyashira kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kw’uwihumanura, no ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo hejuru ya ya maraso y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+.
18 Ayasigaye na yo kuri ya mavuta ari ku kiganza c’umuherezi azoyashira ku mutwe w’uwihumanura, kandi umuherezi aze amutangire impongano+ imbere ya Yehova.
19 “Umuherezi aze ahereze ishikanwa ry’igicumuro+, atangire impongano uwihumanura ubuhumane bwiwe, mu nyuma akerere rya shikanwa riturirwa.
20 Umuherezi aze ashikane ishikanwa riturirwa be n’ishikanwa ry’intete+ ku gicaniro, umuherezi+ amutangire impongano+, abone kuba uwudahumanye+.
21 “Ariko nimba ari umuntu mutoyi+ kandi akaba adafise uburyo buhagije+, aze atore impfizi y’intama ikiri nto imwe bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, ribe ishikanwa rizungagizwa kugira atangirwe impongano, n’ic’icumi c’ingero ya efa c’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta bwa shikanwa ry’intete be n’ingero ya logi y’amavuta,
22 n’intunguru+ zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, bivanye n’uburyo yoba afise, imwe ize ibe ishikanwa ry’igicumuro, iyindi na yo ishikanwa riturirwa.
23 Ku musi ugira umunani+ aze abizanire umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+ imbere ya Yehova, kugira yemeze ityororwa ryiwe+.
24 “Kandi umuherezi aze atore ya mpfizi y’intama ikiri nto y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ na ya ngero ya logi y’amavuta, abizungagize irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa imbere ya Yehova+.
25 Aze akerere ya mpfizi y’intama ikiri nto y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, aheze atore makeyi kuri ya maraso y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha ayashire kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kw’uwihumanura, no ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo+.
26 Umuherezi azosuka makeyi kuri ya mavuta ku kiganza ciwe c’ibubamfu+.
27 Umuherezi aze acucagire+ n’urutoke rwiwe rw’iburyo makeyi kuri nya mavuta ari ku kiganza ciwe c’ibubamfu incuro indwi imbere ya Yehova.
28 Umuherezi aze afate makeyi kuri nya mavuta ari ku kiganza ciwe ayashire kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kw’uwihumanura, no ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo hejuru ya ha hantu h’amaraso y’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+.
29 Ayasigaye na yo kuri nya mavuta ari ku kiganza c’umuherezi azoyashira ku mutwe+ w’uwihumanura kugira atangirwe impongano imbere ya Yehova.
30 “Kandi aze ahereze imwe muri za ntunguru canke muri za numa zikiri nto yoba afitiye uburyo+,
31 imwe muri izo yoba afitiye uburyo ibe ishikanwa ry’igicumuro+ iyindi na yo ibe ishikanwa riturirwa+, hamwe n’ishikanwa ry’intete. Umuherezi aze atangire impongano+ uwihumanura, imbere ya Yehova.
32 “Iryo ni ryo tegeko rigenga umuntu yarimwo icago c’imibembe yoshobora kuba adafise uburyo mu gihe c’ukwemezwa kw’ityororwa ryiwe.”
33 Hanyuma Yehova atangura kubwira Musa na Aroni ati:
34 “Nimwinjira mu gihugu ca Kanani+, ico ngira ndabahe ngo kibabere itongo+, hanyuma ngashira icago c’imibembe mu nzu yo mu gihugu mwigabira+,
35 nyene iyo nzu ategerezwa rero kuza akabwira umuherezi ati: ‘Hari ikintu mbonye kimeze nk’icago mu nzu.’
36 Umuherezi aze atange amategeko, bakure ibintu vyose muri nya nzu imbere y’uko umuherezi yinjira kuraba nya cago, ntahave amenyesha ko ikintu cose kiri muri nya nzu gihumanye; inyuma y’ivyo umuherezi azokwinjira kuraba nya nzu.
37 Niyamara kubona nya cago, maze kikaba kiri mu mpome za nya nzu, hakaba hari ibicokwe vy’urwatsi rutoto rugomba gusa n’umuhondo canke bigomba gutukura, kandi bikaba biboneka ko cinjiye mu ruhome,
38 umuherezi aze asohoke nya nzu aje ku bwinjiriro bwayo, aheze ayikumire+ imisi indwi.
39 “Umuherezi aze agaruke ku musi ugira indwi, yihweze+; maze nimba nya cago cakwiragiye mu mpome za nya nzu,
40 umuherezi aze atange amategeko, na bo barandure+ amabuye arimwo nya cago, bayate hanze y’igisagara ahantu hahumanye.
41 Hanyuma azotegeka ko nya nzu ikwaragurwa imbere muri yo hose, maze ubudongo bw’ibumba bahomoye babusuke hanze y’igisagara, ahantu hahumanye.
42 Baze batore ayandi mabuye bayasobeke mu kibanza ca ya mabuye ya kera. Azotegeka ko hatorwa ubundi budongo bw’ibumba, ategeke kandi ko nya nzu ihomwa.
43 “Ariko nimba nya cago kigarutse kikaduka koko mu nzu inyuma y’aho nya mabuye aranduriwe n’inyuma y’aho nya nzu ihomorewe ikongera igahomwa,
44 umuherezi+ aze yinjire rero yihweze; maze nimba nya cago cakwiragiye mu nzu, izoba ari imibembe ikaze+ muri nya nzu. Irahumanye.
45 Aze ategeke ko nya nzu isiturirwa hasi kumwe n’amabuye yayo n’ibiti vyayo n’ubudongo bw’ibumba bwayo bwose, yongere ategeke ko bijanwa hanze y’igisagara, ahantu hahumanye+.
46 Mugabo umuntu wese yinjiye muri nya nzu ku musi uwo ari wo wose mu misi nya nzu izoba ikumiriwe+, azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba+;
47 kandi umuntu wese aryamye muri nya nzu aze amese impuzu ziwe+, n’umuntu wese aririye muri nya nzu aze amese impuzu ziwe.
48 “Ariko umuherezi aramutse aje akihweza koko, maze agasanga nya cago nticakwiragiye mu nzu inyuma y’aho imariye guhomwa, umuherezi aze avuge ko nya nzu idahumanye, kuko nya cago cakize+.
49 Kandi kugira nya nzu ityororwe igicumuro, aze atore inyoni zibiri+ n’igiti c’isederi+ n’igitambara c’ibara ry’agahama+ na ezobu.
50 Kandi aze yicire inyoni imwe mu combo c’ikibumbano hejuru y’amazi atemba+.
51 Aze atore ca giti c’isederi na ya ezobu+ na ca gitambara c’ibara ry’agahama na ya nyoni nzima, abijobeke mu maraso ya ya nyoni yicwa no muri ya mazi atemba, ayacucagire+ kuri nya nzu incuro indwi+.
52 Kandi aze atyorore nya nzu igicumuro akoresheje amaraso ya nya nyoni, na ya mazi atemba, na ya nyoni nzima, na ca giti c’isederi, na ya ezobu, na ca gitambara c’ibara ry’agahama.
53 Aze arungike nya nyoni nzima hanze y’igisagara, mu gahinga, kandi atangire impongano+ nya nzu, ibe iyidahumanye.
54 “Iryo ni ryo tegeko ku bijanye n’icago ico ari co cose c’imibembe+, no ku bijanye n’ukumunguka kw’umushatsi kudasanzwe+,
55 no ku bijanye n’imibembe y’impuzu+ n’iyo mu nzu,
56 no ku bijanye n’igiturika n’igisekera n’ikibibi+,
57 kugira nya tegeko ritange amabwirizwa+ igihe ikintu gihumanye n’igihe ikintu kidahumanye. Iryo ni ryo tegeko ku vyerekeye imibembe+.”
Amakuru yiyongereye
^ Ni iry’agakoko kitwa kosheniye.
^ Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.
^ Logi yari ingero yababa ica gatatu c’ilitiro. Raba Inyongera ya 11.