Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abalewi 12:1-8

12  Hanyuma Yehova abwira Musa ati:  “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Umugore niyasama inda*+ akavyara umuhungu, ategerezwa kuba uwuhumanye imisi indwi; nka kurya kwo mu misi y’ubuhumane igihe ari mu butinyanka, azoba uwuhumanye+.  Ku musi ugira umunani agashato* k’umubiri wa nya mwana kazogenyerwa+.  Mu misi mirongo itatu n’itatu yindi uwo mugore azoguma mu maraso y’ityororwa. Ntakwiye gukora ku kintu ceranda na kimwe, kandi ntakwiye kwinjira ahantu heranda gushika iyo misi y’ityororwa ryiwe ikwiye+.  “‘Nimba na ho avyaye umukobwa, ategerezwa rero kuba uwuhumanye imisi cumi n’ine, nko mu gihe c’ubutinyanka bwiwe. Mu misi mirongo itandatu n’itandatu yindi azoguma mu maraso y’ityororwa.  Maze imisi y’ityororwa ryiwe ku bw’umuhungu canke ku bw’umukobwa niyakwira, azozana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro impfizi y’intama ikiri nto, mu mwaka wayo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+, n’inuma ikiri nto canke intunguru+ ku bw’ishikanwa ry’igicumuro, abihe umuherezi.  Na we aze abishikirize imbere ya Yehova aheze amutangire impongano, uno abe uwuhumanuwe isôko ry’amaraso yiwe+. Iryo ni ryo tegeko ku biraba umugore avyaye umuhungu canke umukobwa.  Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama, aze atore intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+, imwe ibe iy’ishikanwa riturirwa, iyindi ibe iy’ishikanwa ry’igicumuro, umuherezi aheze amutangire impongano+, uwo mugore aheze abe uwudahumanye.’”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Ni agashato ko kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.