Abalewi 1:1-17

1  Hanyuma Yehova ahamagara Musa, avugana na we ari muri rya hema ry’ihuriro+, ati:  “Vugana na bene Isirayeli+, ubabwire uti: ‘Umuntu wo muri mwebwe niyagomba gushikiriza Yehova ishikanwa rivuye mu bitungwa, mukwiye gushikiriza ishikanwa rivuye mu busho no mu mukuku.  “‘Nimba ishikanwa ryiwe ari ishikanwa riturirwa+ ryo mu busho, ikigabo kitagira agahonzi+ ni co akwiye gushikiriza. Akwiye kugishikiririza ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro avyigombeye, imbere ya Yehova+.  Kandi aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe wa nya shikanwa riturirwa, maze rizokwemeranwa umutima mwiza+ ku bwiwe kugira atangirwe impongano*+.  “‘Maze ca kimasa kize gikerererwe imbere ya Yehova; kandi bene Aroni, abaherezi+, baze bashikirize amaraso bongere bayamijagire hirya no hino kuri ca gicaniro*+ kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.  Kandi rya shikanwa riturirwa rize rikurweko urushato hanyuma rihimbagurwe mu bihimba vyaryo+.  Bene Aroni, abaherezi, baze bashire umuriro kuri ca gicaniro+ hanyuma batondeke inkwi ku muriro+.  Kandi bene Aroni, abaherezi, baze batondeke vya bipande+ kumwe n’umutwe n’umurayirayi* hejuru ya za nkwi ziri ku muriro uri ku gicaniro.  Kandi amara+ yaryo n’amaguru* yaryo bizokwozwa n’amazi. Umuherezi aze abifumbishe umwotsi vyose ku gicaniro bibe ishikanwa riturirwa, ishikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura kuri Yehova+. 10  “‘Kandi nimba ishikanwa atanga ngo ribe ishikanwa riturirwa ari irivuye mu mukuku+, mu mpfizi z’intama z’imikangara canke mu mpene, ikigabo+ kitagira agahonzi, ni co azoshikiriza+. 11  Kize gikerererwe ku ruhande rw’igicaniro amaja mu buraruko imbere ya Yehova, kandi bene Aroni, abaherezi, baze bamijagire amaraso yaco hirya no hino ku gicaniro+. 12  Aze agihimbagure mu bihimba vyaco n’umutwe waco n’umurayirayi waco, kandi umuherezi aze abitondeke hejuru ya za nkwi ziri ku muriro uri ku gicaniro+. 13  Azokwoza n’amazi amara+ n’amaguru+; kandi umuherezi aze agishikirize cose, agifumbishe umwotsi+ ku gicaniro. Ni ishikanwa riturirwa, ishikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura kuri Yehova+. 14  “‘Ariko nimba ishikanwa atanga bwa shikanwa riturirwa ryo guha Yehova ari irivuye mu biguruka, aze ashikirize ishikanwa ryiwe arikuye mu ntunguru+ canke mu numa zikiri nto+. 15  Umuherezi aze ashikirize nya nyoni ku gicaniro, anwinge+ umutwe wayo aheze ayifumbishe umwotsi ku gicaniro, mugabo amaraso yayo aze amiminurirwe ku ruhande rw’igicaniro. 16  Kandi aze akureko agatorero kayo kumwe n’amoya yako agaterere iruhande y’igicaniro, amaja mu buseruko, ha hantu h’iminyota irimwo ibinure+. 17  Aze ayisaturire ku mababa yayo. Ntaze ayitanye+. Maze umuherezi aze ayifumbishe umwotsi ku gicaniro hejuru y’inkwi ziri ku muriro. Ni ishikanwa riturirwa+, ishikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura kuri Yehova+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Umurayirayi ni ibinure vyo mu kiyunguyungu.
Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.