Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abakolosayi 1:1-29

1  Jewe Paulo intumwa ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+, na Timoteyo+ mwene wacu,  turabandikiye mwebwe aberanda mukaba n’abavukanyi b’abizigirwa bunze ubumwe+ na Kristu i Kolosayi: Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana ari yo Data+.  Twama dukengurukira+ Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu iyo tubasengeye+,  kuva igihe twumva ivy’ukwizera kwanyu mu bijanye na Kristu Yezu be n’urukundo mufitiye aberanda bose+  kubera icizigiro+ mubikiwe mw’ijuru+. Ico cizigiro mwacumvise kera igihe havugwa ukuri kw’iyo nkuru nziza+  yaje muri mwebwe, nk’uko nyene iriko irama ivyamwa+ kandi ikagwira+ mw’isi+ yose nk’uko iriko irabigira no muri mwebwe, kuva umusi mwumva kandi mukamenya neza ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana mu kuri+.  Ivyo ni vyo mwamenyeye kuri Epafura+ umushumba mugenzi wacu mukundwa, akaba ari umusuku w’umwizigirwa wa Kristu mu kibanza cacu,  ari na we yaduhishuriye urukundo+ rwanyu mu buryo bw’impwemu.  Ni na co gituma twebwe, kuva umusi twavyumva, tudahengeshanya kubasengera+ no gusaba yuko mwokwuzuzwa ubumenyi butagira amakosa+ bw’ukugomba kwayo mu bukerebutsi+ bwose n’ugutegera kwo mu vy’impwemu+, 10  kugira ngo mugende nk’uko bibereye+ Yehova+ ngo mumushimishe bimwe bishitse, uko mubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose+ no kugwira mu bumenyi butagira amakosa+ bw’Imana, 11  mukagirwa abanyabubasha n’ububasha bwose ku rugero rw’ubushobozi bwayo buninahaye+, ngo mubone kwihangana+ bimwe bishitse mwongera mwiyumanganya munezerewe, 12  mukengurukira Data yabagize ababereye kuronka ku ntoranwa+ y’aberanda+ mu muco+. 13  Yaraturokoye adukiza ububasha+ bw’umwiza atwimurira+ mu bwami+ bw’Umwana w’urukundo rwiwe+, 14  muri uyo tukaba turonka ukubohorwa biciye ku ncungu*, ukubabarirwa ibicumuro vyacu+. 15  Ni we shusho+ y’Imana itaboneka+, imfura+ mu biremwa vyose; 16  kuko biciye kuri we+ ari ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami canke ubutware canke intwaro canke ububasha+. Ibindi bintu vyose vyaremwe biciye kuri we+ kandi biremerwa we. 17  Vyongeye, ni uw’imbere y’ibindi bintu vyose+, kandi biciye kuri we ni ho ibindi bintu vyose vyabeshejweho+, 18  akaba na we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero+. Ni we ntango, imfura mu kuva mu bapfuye+, kugira ngo abe uwa mbere+ muri vyose; 19  kuko Imana yabonye ari vyiza ko ukunengesera+ kwose kuba muri we, 20  kandi biciye kuri we ikongera kwisubizako+ ibindi bintu vyose+ mu kugarukana amahoro+ biciye ku maraso+ yasheshe ku giti co kubabarizwako+, vyaba ivyo kw’isi canke ivyo mw’ijuru. 21  Egome, mwebwe abari barigijwe kure+ kera mukaba n’abansi kubera yuko imizirikanyi yanyu yari ku bikorwa bibi+, 22  ubu yarabasubije hamwe+ ikoresheje umubiri w’inyama w’uyo, biciye ku rupfu rwiwe+, kugira ngo mushikirizwe muri beranda kandi mutagirako ikirabagu+, ata n’ico muregwa+ imbere yayo, 23  mukire gusa kuguma mu kwizera+, mushinzwe ku mushinge+ kandi mushikamye+ mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise+ kandi yamamajwe+ mu vyaremwe vyose+ biri munsi y’ijuru. Iyo nkuru nziza ni yo jewe Paulo nabereye umusuku+. 24  Ubu ndanezerwa mu mibabaro ndimwo ku bwanyu+, nanje nkaba ndiko ndakwiza ivyasigaye ku makuba+ ya Kristu mu mubiri wanje ku bw’umubiri wiwe, ari wo shengero+. 25  Nabaye umusuku+ w’iryo shengero mu buryo buhuye n’ububwiriza+ buva ku Mana, ubwo nahawe ku neza yanyu kugira ngo ijambo ry’Imana ryamamazwe bimwe bishitse, 26  rya banga ryeranda+ ryari ryaranyegejwe kuva mu bihe*+ vyarenganye no mu mayaruka yarenganye. Ariko ubu ryarahishuriwe+ aberanda bayo, 27  abo Imana yahimbawe no kumenyesha ubutunzi bw’ubuninahazwa+ bw’iryo banga ryeranda+ mu mahanga. Iryo banga ni Kristu+ yunze ubumwe namwe, icizigiro c’ubuninahazwa bwiwe+. 28  Ni we tumenyekanisha+, tugakebura umuntu wese kandi tukigisha umuntu wese mu bukerebutsi bwose+, kugira ngo umuntu wese tumushikirize ari uwukwiye+, yunze ubumwe na Kristu. 29  Egome, ico ni co ndiko nkorera cane, nihata+ mu buryo buhuye n’ukuntu ikora+, ari na kwo kuriko gukorana ububasha muri jewe+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.