Abaheburayo 9:1-28
9 Isezerano rya mbere rero ryoryo ryari rifise amategeko y’igikorwa ceranda+ be n’ahantu heranda haryo ho kw’isi+.
2 Kuko hari harubatswe igihimba ca mbere c’ihema+ carimwo igitereko c’amatara+ hamwe n’imeza+ be n’imikate yerekanwa+; kandi citwa “Aheranda+.”
3 Mugabo inyuma y’irido rigira kabiri+ hari igihimba c’ihema citwa “Aheranda Rwose*+.”
4 Ico cari gifise icotezo+ c’inzahabu be n’isandugu y’isezerano+ ikuyengejeko inzahabu hose+, ikabamwo ikarabo ry’inzahabu ririmwo manu*+ na ya nkoni ya Aroni yanaga+ be na vya bisate+ vy’isezerano;
5 mugabo hejuru yayo hari ba bakerubi*+ b’ubuninahazwa batwikiriza igitutu umurumyo w’impongano+. Mugabo ubu si co gihe co kuvuga ido n’ido ivy’ivyo bintu.
6 Ivyo bimaze kwubakwa gutyo, abaherezi barinjira mu gihimba ca mbere c’ihema+ ibihe vyose kugira ngo bakore ibikorwa vyeranda+;
7 mugabo mu gihimba kigira kabiri umuherezi mukuru ni we wenyene yinjirayo rimwe mu mwaka+, atibagiye amaraso+, ayo ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu bakoze ku kutamenya+.
8 Gutyo impwemu nyeranda iratomora neza yuko inzira+ ija ahantu heranda itari bwerekanwe igihe rya hema rya mbere ryari rihagaze+.
9 Iryo hema nyene ni ikigereranyo+ ku bw’igihe cashinzwe ubu cashitse+, kandi hisunzwe ico kigereranyo amashikanwa n’ibimazi birashikanwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda aba uwutagira akanenge+ ku vyerekeye ijwi ryiwe ryo mu mutima+,
10 mugabo bijanye gusa n’ibifungurwa+ n’ibinyobwa+ be n’amabatisimu atari amwe+. Vyari ibisabwa n’amategeko bijanye n’umubiri+, kandi vyagizwe itegeko gushika ku gihe cashinzwe co kugorora ibintu+.
11 Ariko igihe Kristu yaza bwa muherezi mukuru+ w’ibintu vyiza bimaze kuba, biciye kw’ihema rinini kuruta kandi ritunganye kuruta ritakozwe n’amaboko, ni ukuvuga, ritari iryo muri ibi biremwa+,
12 yarinjiye, mugabo atinjiranye amaraso+ y’impene n’ay’ibimasa, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+, rimwe rizima, ahantu heranda, hanyuma aronka ukurokorwa kwacu kw’ibihe bidahera+.
13 Kuko nimba amaraso y’impene+ n’ay’amashūri+ be n’iminyota+ y’ishashi imijagiwe abahumanijwe+ yeza gushika ku guhumanuka kw’umubiri+,
14 none amaraso+ ya Kristu, uwishikanye ku Mana atagira ikirabagu+ biciye ku mpwemu idahera+, ntazorushiriza guhumanura amajwi yacu yo mu mutima agakira ibikorwa bipfuye+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+?
15 Ni co gituma rero ari umuhuza+ w’isezerano rishasha, kugira ngo abahamagawe baronke wa muhango w’intoranwa idahera+, kubera ko habayeho urupfu kugira ngo biciye ku ncungu*+ babohorwe mu bigabitanyo bakoze mu gihe c’isezerano rya kera+.
16 Kuko ahari isezerano+, habwirizwa gutangwa urupfu rw’uwugize isezerano.
17 Kuko isezerano rigira ububasha habaye ugupfa, kuko ritigera rikora iyo uwugize isezerano ariho.
18 Ku bw’ico, n’isezerano rya kera+ ntiryatangujwe ata maraso+.
19 Kuko igihe Musa yari amaze kubwira abantu bose ibwirizwa rimwerimwe ryose nk’uko Itegeko riri+, yafashe amaraso y’ibimasa n’ay’impene n’amazi n’ubwoya bw’agahama na ezobu+ akamijagira igitabu ubwaco n’abantu bose,
20 avuga ati: “Aya ni amaraso y’isezerano Imana ibashizeko bwa tegeko+.”
21 Hanyuma ihema+ be n’ivyombo vyose vy’igikorwa gikorerwa abantu na vyo nyene abimijagira amaraso+.
22 Egome, hafi ibintu vyose birahumanuzwa amaraso+ nk’uko Itegeko riri, kandi hadasheshwe amaraso+ nta kubabarirwa kuhaba+.
23 Vyari nkenerwa rero yuko ibigereranyo+ vy’ibintu vyo mw’ijuru bihumanurwa hakoreshejwe ubwo buryo+, mugabo ibintu vyo mw’ijuru ubwavyo bigahumanuzwa ibimazi vyiza kuruta mwene ivyo bimazi.
24 Kuko Kristu atinjiye ahantu heranda hakozwe n’amaboko+, aho hakaba ari ikigereranyo c’ahantu nyaho+, ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaho+, kugira ngo ubu aduserukire imbere y’Imana+.
25 Eka mbere si kugira ngo aze arishikana kenshi, nk’uko vy’ukuri umuherezi mukuru yinjira ahantu heranda+ uko umwaka utashe+ afise amaraso atari ayiwe.
26 Ahandiho, yobwirijwe kubabara kenshi kuva kw’ishingwa+ ry’isi. Mugabo ubu yariyerekanye+ rimwe+ rizima ku nsozero y’ibihe+ kugira ngo akureho igicumuro biciye ku kimazi ciwe ubwiwe+.
27 Kandi nk’uko abantu babikiwe+ gupfa rimwe rizima, mugabo mu nyuma hakaba urubanza+,
28 ni ko na Kristu yashikanywe rimwe+ rizima kugira ngo yiremeke ibicumuro vya benshi+; kandi aho azobonekera+ irigira kabiri+ hazoba atari ku bw’igicumuro+, abonekere abamurindiranye igishika ku bw’ubukiriro bwabo+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.