Abaheburayo 8:1-13
8 Ku vyo turiko turaganira rero, iciyumviro nyamukuru ng’iki: Dufise umuherezi mukuru+ mwene uyo, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenubukuru mw’ijuru+,
2 umukozi akorera abantu w’ahantu heranda+ akaba n’uw’ihema nyakuri ryashinzwe na Yehova+, ritashinzwe n’umuntu+.
3 Kuko umuherezi mukuru wese agenwa ngo ashikane amashikanwa n’ibimazi+; ni co gituma vyari bikenewe ko uyo na we aronka ico ashikana+.
4 Iyo rero aba ari kw’isi, ntiyobaye umuherezi+, kuko hari abantu bashikana amashikanwa hisunzwe Itegeko,
5 mugabo nya bantu bakaba bakora igikorwa ceranda bwa kigereranyo+ n’igitutu+ c’ibintu vyo mw’ijuru; nk’uko Musa igihe yagira yubake ihema+ gushika rirangiye, yahawe itegeko ry’Imana+: Kuko ivuga iti: “Urabe neza ukore vyose wisunze icitegererezo cavyo weretswe ku musozi+.”
6 Mugabo ubu Yezu yaronse igikorwa gikorerwa abantu kirushirije kuba agahebuza, ku buryo ari we kandi muhuza+ w’isezerano rirushirije kuba ryiza ugereranije+, iryashinzwe mu buryo bwemewe ku mihango myiza kuruta+.
7 Kuko iyo rya sezerano rya mbere riza kuba ritagira amahinyu, ntihari kuronderwa ikibanza c’irigira kabiri+;
8 kuko itora amahinyu abantu igihe ivuga iti: “‘Ehe imisi iriko iraza,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi nzogirana isezerano rishasha+ n’inzu ya Isirayeli be n’inzu ya Yuda;
9 atari nka rya sezerano+ nagiranira na ba sekuruza babo ku musi nabafata ukuboko kugira ngo ndabasohore mu gihugu ca Misiri+, kubera ko batabandanije mw’isezerano ryanje+, ku buryo naretse kubababara,’ ni ko Yehova avuga+.”
10 “‘Kuko iri ari ryo sezerano nzosezerana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’iyo misi,’ ni ko Yehova avuga. ‘Nzoshira amategeko yanje mu muzirikanyi wabo+, kandi nzoyandika mu mitima yabo. Kandi nzoba Imana yabo+, na bo bazoba abantu banje+.
11 “‘Kandi umwe wese muri bo ntazogenda yigishije umunyagihugu mugenziwe canke ngo umwe wese yigishe mwene wabo, ngo: “Menya Yehova+!” Kuko bose bazomenya+, guhera ku muto kugeza ku wuhambaye kuruta abandi bose muri bo.
12 Kuko nzoba umunyembabazi ku bikorwa vyabo bitagororotse, kandi sinzogenda nongeye kwibuka+ ibicumuro vyabo+.’”
13 Igihe ivuga ngo: “isezerano rishasha,” irya mbere iba irigize iryataye igihe+. Ikigizwe rero icataye igihe kandi kigasaza kiba kiri hafi kuvaho+.