Abaheburayo 7:1-28

7  Kuko uyo Melekisedeki, umwami wa Salemu, umuherezi w’Imana Musumbavyose+, umwe yasanganira Aburahamu agarutse avuye gusasika abami akamuhezagira+,  ari na we Aburahamu yagabanirije ikigira cumi ku bintu vyose+, imbere ya vyose ni “Umwami w’Ubugororotsi” nk’uko bisobanurwa, akaba rero n’umwami wa Salemu+, ni ukuvuga, “Umwami w’Amahoro.”  Mu kuba atagira se, atagira nyina canke amamuko canke intango y’imisi+ canke iherezo ry’ubuzima, mugabo akaba yagizwe nk’Umwana w’Imana+, aguma ari umuherezi ibihe vyose+.  Nimurabe rero ingene uwo muntu yari ahambaye, uwo Aburahamu wa mukuru w’umuryango yahaye ikigira cumi mu binyagano nyavyonyavyo+.  Ego ni ko, ba bantu bo muri bene Lewi+ baronka ibanga ryabo ry’ubuherezi barafise ibwirizwa ryo kwegeranya ivy’icumi+ mu bantu+ nk’uko Itegeko riri, ni ukuvuga muri bene wabo, naho nyene bano bakomotse mu mafyinga ya Aburahamu+;  mugabo wa muntu amamuko+ yiwe adaturuka muri bo yarakiriye ivy’icumi ahawe na Aburahamu+ yongera ahezagira umwe yari yarahawe imihango+.  Ata mpari na nkeyi rero, umuto ahezagirwa n’umukuru+.  Kandi mu vya mbere abantu bapfa ni bo baronka ivy’icumi+, mugabo mu vya kabiri ni umuntu ashingirwa intahe yuko ariho+.  Kandi, nimba nokoresha iyi mvugo, biciye kuri Aburahamu, mbere na Lewi umwe aronka ivy’icumi, yaratanze ivy’icumi, 10  kuko yari akiri mu mafyinga+ ya sekuruza igihe Melekisedeki yamusanganira+. 11  Iyo rero ukutagira akanenge+ kuba vy’ukuri kuboneka biciye ku buherezi bw’Abalewi+ (kuko biciye kuri iyo ndinganizo ari ho abantu bahawe Itegeko+), vyokenerewe iki+ kandi ko hahaguruka uwundi muherezi mu buryo bwa Melekisedeki+, ntibivugwe ko ari mu buryo bwa Aroni? 12  Ko rero ubuherezi buriko burahindurwa+, bica biba ngombwa ko n’itegeko rihindurwa+. 13  Kuko umuntu avugwako ivyo bintu yabaye uwo mu wundi muryango+ ata n’umwe awukomokamwo yakoreye ku gicaniro*+. 14  Kuko vyibonekeza neza yuko Umukama wacu yamutse kuri Yuda+, umuryango Musa ata na kimwe yawuvuzeko ku vyerekeye abaherezi. 15  Kandi birarushiriza kwibonekeza cane yuko, mu buryo busa na Melekisedeki+, hahaguruka uwundi muherezi+ 16  yamubaye hatisunzwe itegeko ry’ibwirizwa rijanye n’umubiri+, ahubwo hisunzwe ububasha bw’ubuzima budashobora gusamburwa+, 17  kuko mu gushinga intahe bivugwa ngo: “Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.” 18  Mu vy’ukuri rero, ibwirizwa rya mbere rirakurwaho kubera ubugoyagoye+ bwaryo no kubera ko ata co rishikako+. 19  Kuko Itegeko ata co ryatumye kiba ikitagira akanenge+, mugabo ukuzanwa kw’icizigiro kirushirije kuba ciza kwarabigize+, biciye kuri co tukaba turiko turegera Imana+. 20  Vyongeye, ku rugero rw’uko ivyo bitabaye ata ndahiro irahiwe, 21  (kuko vy’ukuri hariho abantu babaye abaherezi ata ndahiro irahiwe, mugabo hari umwe yamubaye habaye indahiro irahiwe n’Umwe yavuga ku bimwerekeye ati: “Yehova yararahiye+ (kandi ntazokwicuza), ati: ‘Uri umuherezi ibihe vyose+’”), 22  kuri urwo rugero nyene Yezu yacitse uwatanzweko ingwati y’isezerano ryiza kuruta+. 23  Ikigeretseko, benshi babwirijwe gucika abaherezi basubiriranira+ kubera babuzwa n’urupfu+ kubandanya iryo banga, 24  mugabo we kubera ko abandanya kubaho ibihe vyose+, arafise ubuherezi bwiwe butagira abasubirizi. 25  Kubera ico, arashoboye no gukiza rwose abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo+. 26  Kuko umuherezi mukuru nk’uwo ari we yari atubereye+, uwuri intahemuka+, inziraburyarya+, uwudahumanye+, uwutandukanijwe n’abacumuzi+, kandi yacitse uwuri hejuru kuruta amajuru+. 27  Ntakeneye ku musi ku musi+, nka ba baherezi bakuru, gushikana ibimazi, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite+ hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu+ (kuko ivyo yabigize rimwe rizima+ igihe yishikana+ ubwiwe); 28  kuko Itegeko rigena kuba abaherezi bakuru+ abantu bafise ubugoyagoye+, mugabo ijambo rya ya ndahiro irahiwe+ ryaje inyuma y’Itegeko rikagena Umwana, uwagizwe uwutagira akanenge+ ibihe vyose.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.