Abaheburayo 7:1-28
7 Kuko uyo Melekisedeki, umwami wa Salemu, umuherezi w’Imana Musumbavyose+, umwe yasanganira Aburahamu agarutse avuye gusasika abami akamuhezagira+,
2 ari na we Aburahamu yagabanirije ikigira cumi ku bintu vyose+, imbere ya vyose ni “Umwami w’Ubugororotsi” nk’uko bisobanurwa, akaba rero n’umwami wa Salemu+, ni ukuvuga, “Umwami w’Amahoro.”
3 Mu kuba atagira se, atagira nyina canke amamuko canke intango y’imisi+ canke iherezo ry’ubuzima, mugabo akaba yagizwe nk’Umwana w’Imana+, aguma ari umuherezi ibihe vyose+.
4 Nimurabe rero ingene uwo muntu yari ahambaye, uwo Aburahamu wa mukuru w’umuryango yahaye ikigira cumi mu binyagano nyavyonyavyo+.
5 Ego ni ko, ba bantu bo muri bene Lewi+ baronka ibanga ryabo ry’ubuherezi barafise ibwirizwa ryo kwegeranya ivy’icumi+ mu bantu+ nk’uko Itegeko riri, ni ukuvuga muri bene wabo, naho nyene bano bakomotse mu mafyinga ya Aburahamu+;
6 mugabo wa muntu amamuko+ yiwe adaturuka muri bo yarakiriye ivy’icumi ahawe na Aburahamu+ yongera ahezagira umwe yari yarahawe imihango+.
7 Ata mpari na nkeyi rero, umuto ahezagirwa n’umukuru+.
8 Kandi mu vya mbere abantu bapfa ni bo baronka ivy’icumi+, mugabo mu vya kabiri ni umuntu ashingirwa intahe yuko ariho+.
9 Kandi, nimba nokoresha iyi mvugo, biciye kuri Aburahamu, mbere na Lewi umwe aronka ivy’icumi, yaratanze ivy’icumi,
10 kuko yari akiri mu mafyinga+ ya sekuruza igihe Melekisedeki yamusanganira+.
11 Iyo rero ukutagira akanenge+ kuba vy’ukuri kuboneka biciye ku buherezi bw’Abalewi+ (kuko biciye kuri iyo ndinganizo ari ho abantu bahawe Itegeko+), vyokenerewe iki+ kandi ko hahaguruka uwundi muherezi mu buryo bwa Melekisedeki+, ntibivugwe ko ari mu buryo bwa Aroni?
12 Ko rero ubuherezi buriko burahindurwa+, bica biba ngombwa ko n’itegeko rihindurwa+.
13 Kuko umuntu avugwako ivyo bintu yabaye uwo mu wundi muryango+ ata n’umwe awukomokamwo yakoreye ku gicaniro*+.
14 Kuko vyibonekeza neza yuko Umukama wacu yamutse kuri Yuda+, umuryango Musa ata na kimwe yawuvuzeko ku vyerekeye abaherezi.
15 Kandi birarushiriza kwibonekeza cane yuko, mu buryo busa na Melekisedeki+, hahaguruka uwundi muherezi+
16 yamubaye hatisunzwe itegeko ry’ibwirizwa rijanye n’umubiri+, ahubwo hisunzwe ububasha bw’ubuzima budashobora gusamburwa+,
17 kuko mu gushinga intahe bivugwa ngo: “Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.”
18 Mu vy’ukuri rero, ibwirizwa rya mbere rirakurwaho kubera ubugoyagoye+ bwaryo no kubera ko ata co rishikako+.
19 Kuko Itegeko ata co ryatumye kiba ikitagira akanenge+, mugabo ukuzanwa kw’icizigiro kirushirije kuba ciza kwarabigize+, biciye kuri co tukaba turiko turegera Imana+.
20 Vyongeye, ku rugero rw’uko ivyo bitabaye ata ndahiro irahiwe,
21 (kuko vy’ukuri hariho abantu babaye abaherezi ata ndahiro irahiwe, mugabo hari umwe yamubaye habaye indahiro irahiwe n’Umwe yavuga ku bimwerekeye ati: “Yehova yararahiye+ (kandi ntazokwicuza), ati: ‘Uri umuherezi ibihe vyose+’”),
22 kuri urwo rugero nyene Yezu yacitse uwatanzweko ingwati y’isezerano ryiza kuruta+.
23 Ikigeretseko, benshi babwirijwe gucika abaherezi basubiriranira+ kubera babuzwa n’urupfu+ kubandanya iryo banga,
24 mugabo we kubera ko abandanya kubaho ibihe vyose+, arafise ubuherezi bwiwe butagira abasubirizi.
25 Kubera ico, arashoboye no gukiza rwose abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo+.
26 Kuko umuherezi mukuru nk’uwo ari we yari atubereye+, uwuri intahemuka+, inziraburyarya+, uwudahumanye+, uwutandukanijwe n’abacumuzi+, kandi yacitse uwuri hejuru kuruta amajuru+.
27 Ntakeneye ku musi ku musi+, nka ba baherezi bakuru, gushikana ibimazi, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite+ hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu+ (kuko ivyo yabigize rimwe rizima+ igihe yishikana+ ubwiwe);
28 kuko Itegeko rigena kuba abaherezi bakuru+ abantu bafise ubugoyagoye+, mugabo ijambo rya ya ndahiro irahiwe+ ryaje inyuma y’Itegeko rikagena Umwana, uwagizwe uwutagira akanenge+ ibihe vyose.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.