Abaheburayo 6:1-20
6 Ku bw’ico, ubu ko twarenganye inyigisho y’intango+ yerekeye Kristu+, dutere tuja imbere tugana ku buhumure+, tutongera gushinga umushinge+, ni ukuvuga ukwigaya ibikorwa bipfuye+, be n’ukwizera Imana+,
2 inyigisho y’ivy’amabatisimu+ be n’ivy’ukurambikwako ibiganza+, izuka ry’abapfuye+ be n’urubanza rw’ibihe bidahera+.
3 Kandi ivyo tuzobikora, nimba koko Imana ibishatse+.
4 Kuko ibi bidashoboka: ku bijanye n’abamurikiwe rimwe rizima+, bagahonja ya ngabirano ya gusa yo mw’ijuru+, bakaba abasangiye impwemu nyeranda+,
5 bagahonja rya jambo+ ryiza ry’Imana n’ububasha bw’igihe* kiriko kiraza+,
6 mugabo bakagwa+, ntibishoboka ko bongera kuvyurwa ngo bigaye+, kuko baba bongeye kwimanikira Umwana w’Imana no kumutetereza ku mugaragaro+.
7 Nk’akarorero, ubutaka bunyoye imvura ibugwako kenshi bugaheza bukazana ibimera bigirira akamaro barya nyene baburimirwa+, na bwo buraheza bukaronka umuhezagiro uva ku Mana.
8 Mugabo iyo bumeze amahwa n’ibitovu, burahebwa, kandi buba buri hafi kuvumwa+; kandi buruhira guturirwa+.
9 Ariko ku biberekeye ga bakundwa, naho tuvuze gutyo, turazi neza ko ivyanyu ari vyiza kuruta be n’uko mufise ibintu bijana ku bukiriro.
10 Kuko Imana atari iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo+, kuko mwakoreye aberanda+ kandi mukaba mubandanya kubakorera.
11 Mugabo dushaka ko umwe wese muri mwebwe yerekana ubwira nk’ubwo nyene kugira ngo mushire amazinda rwose+ ku vyerekeye ca cizigiro+ gushika kw’iherezo+,
12 kugira ntimube ibinebwe+, ahubwo mwigane+ abatorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana+.
13 Kuko igihe Imana yaha umuhango wayo Aburahamu+, kubera ko itashobora kurahira uwundi muntu n’umwe ayiruta, yarirahiye+ yo ubwayo,
14 iti: “Emwe, ari ukuguhezagira nzoguhezagira, no kukugwiza nzokugwiza+.”
15 Kandi gutyo inyuma y’aho Aburahamu yerekaniye ukwihangana, yarakomorewe uwo muhango+.
16 Kuko abantu barahira uwubaruta+, kandi indahiro yabo ni yo irangiza impari zose, kuko ari icemeza cemewe kuri bo+.
17 Muri ubwo buryo, igihe Imana yishingira intumbero yo kurushirizaho kwereka ba samuragwa+ b’umuhango ingene inama yayo idahinduka+, yaserukanye indahiro,
18 kugira ngo biciye ku bintu bibiri bidahinduka muri vyo bikaba bidashoboka ko Imana ibesha+, twebwe abahungiye muri bwa buhungiro turonke indemesho ikomeye kugira ducakire ca cizigiro+ twashizwe imbere.
19 Ico cizigiro+ tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga, kandi kirinjira imbere muri rya rido+,
20 aho integuza yinjiye ku bwacu+, ari we Yezu, uwabaye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki ibihe vyose+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.