Abaheburayo 4:1-16

4  Ko rero hagisigaye umuhango wo kwinjira mu karuhuko kayo+, dutinye yuko igihe kanaka hogira uwo muri mwebwe asa n’uwananiwe kugashikira+.  Kuko na twebwe twamenyeshejwe inkuru nziza+, nk’uko na bo bayimenyeshejwe+; mugabo ijambo ryumviswe nta co ryabunguye+, kubera ko batari bunze ubumwe n’abumvise+ koko, biciye ku kwizera+.  Kuko twebwe abizeye twinjira koko muri nya karuhuko, nk’uko yavuze iti: “Nararahiye+ rero mw’ishavu ryanje nti: ‘Ntibazokwinjira+ mu karuhuko kanje+,’” naho ibikorwa vyayo vyarangijwe+ kuva kw’ishingwa ry’isi+.  Kuko ahantu hamwe yavuze ivy’umusi ugira indwi iti: “Hanyuma ku musi ugira indwi Imana iruhuka ibikorwa vyayo vyose+,”  no ng’aha ngo: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.”  Ko rero hari abakirorereye kukinjiramwo, kandi abo inkuru nziza+ yamenyeshejwe ubwa mbere bakaba batakinjiyemwo kubera ukugambarara+,  yongera gushinga umusi kanaka mu kuvuga inyuma y’igihe kirekire gutyo muri zaburi ya Dawidi ngo: “Uno musi”; nk’uko vyavuzwe aho haruguru ngo: “Uno musi nimwumviriza ijwi ryayo+, ntimukomantaze imitima yanyu+.”  Kuko iyo Yosuwa+ abinjiza ahantu h’akaruhuko+, Imana ntiba yaravuze mu nyuma+ ivy’uwundi musi.  Haracasigaye rero akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana+. 10  Kuko umuntu yinjiye mu karuhuko+ k’Imana na we ubwiwe aba aruhutse ibikorwa vyiwe+ nk’uko Imana yaruhutse ivyayo. 11  Dukore uko dushoboye kwose rero ngo twinjire muri ako karuhuko, kugira ngo ntihagire uwugwa muri ico citegererezo nyene c’ukugambarara+. 12  Kuko ijambo+ ry’Imana ari rizima+ kandi rigira ububasha+ rikaba kandi rikarishe kuruta inkota iyo ari yo yose y’ubugi bubiri+ kandi rikinjira gushika no ku gutandukanya ubuzima+ n’impwemu+, ingingo n’umusokoro wazo, kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima+. 13  Kandi nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo+, ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza+. 14  Ko rero dufise umuherezi mukuru akomeye yarenganye mu majuru+, Yezu Umwana w’Imana+, tugume tumwatura icese+. 15  Kuko umuherezi mukuru dufise atari uwudashobora gusangira+ natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu, ahubwo ni uwagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo ntiyagira igicumuro+. 16  Twegere+ rero intebe y’ubuntu ata wari abukwiriye dufise umwidegemvyo wo kuvuga+, kugira duhabwe imbabazi twongere turonke ubuntu ata wari abukwiriye kugira dutabarwe ku gihe nyaco+.

Amakuru yiyongereye