Abaheburayo 3:1-19

3  Nuko rero, bene wacu beranda basangiye uguhamagarirwa ijuru+, muzirikane ya ntumwa+ akaba n’umuherezi mukuru twemera icese+, ari we Yezu.  Yabaye umwizigirwa+ kuri Umwe yamugira gutyo, nk’uko na Musa+ yari umwizigirwa mu nzu yose y’Uwo+.  Kuko uwo wa kabiri abonwa ko abereye ubuninahazwa+ kuruta Musa, kubera yuko uwubaka+ inzu afise iteka kuruta nya nzu+.  Nkako, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana+.  Kandi Musa bwa musuku+, yari umwizigirwa mu nzu yose y’Uwo nk’intahe y’ibintu vyabwirizwa kuvugwa mu nyuma+,  mugabo Kristu bwa Mwana+, yabaye umwizigirwa ku nzu y’Uwo. Twebwe turi inzu y’Uwo+, nimba tugumya rwose umwidegemvyo wacu wo kuvuga be n’ukwirata kwacu ku bw’icizigiro cacu gushika kw’iherezo+.  Ku bw’ico, nk’uko impwemu nyeranda+ ivuga ngo: “Uno musi nimwumviriza ijwi ryayo+,  ntimukomantaze imitima yanyu nka ca gihe c’ugutera ishavu ry’umururazi+, nko kuri wa musi w’ukugerageza+ mu gahinga+,  aho ba sogokuruza banyu bangezesha ikigeragezo, kandi bari barabonye ibikorwa+ vyanje mu kiringo c’imyaka mirongo ine+. 10  Ni co catumye nsesemwa n’iri yaruka, nkavuga nti: ‘Bama bazimira mu mitima yabo+, kandi ntibamenye inzira zanje+.’ 11  Nararahiye rero mw’ishavu ryanje nti: ‘Ntibazokwinjira+ mu karuhuko kanje+.’” 12  Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+; 13  mugabo mugume muhimirizanya+ ku musi ku musi, hacitwa “Uno musi+,” kugira ngo ntihagire uwo muri mwebwe akomantazwa n’ububasha buhendana+ bw’igicumuro. 14  Kuko ducika vy’ukuri abasangiye Kristu+ nimba gusa tugumya rwose kwa kujijuka twari dufise mu ntango gushika kw’iherezo+, 15  mu gihe bikivugwa ngo: “Uno musi nimwumviriza ijwi ryayo+, ntimukomantaze imitima yanyu nka ca gihe c’ugutera ishavu ry’umururazi+.” 16  Kuko, ni bande bumvise yamara bagatera ishavu ry’umururazi+? Mbega nkako si abavuye mu Misiri bose barongōwe na Musa+? 17  Vyongeye, ni bande Imana yasesemwe na bo mu myaka mirongo ine+? Mbega si bamwe bacumura, imivyimba yabo ikagwa mu gahinga+? 18  Mugabo ni bande yarahiye+ yuko batokwinjiye mu karuhuko kayo atari bamwe bagambarara+? 19  Turabona rero ko batashoboye kwinjira kubera ukutizera+.

Amakuru yiyongereye