Abaheburayo 2:1-18

2  Ni co gituma ari nkenerwa ko twitwararika ivyo twumvise+ kuruta uko bisanzwe, kugira ntitwigere tugenda akayombekere+.  Kuko, nimba ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika+ ryabonetse ko ritanyiganyiga, kandi ukugabitanya kwose be n’ukugambarara kwose bikaba vyararonse agahembo gahuye n’ubutungane+,  tuzorusimba dute+ nimba twafashe minenegwe+ ubukiriro buhambaye gutyo+ mu buryo bw’uko bwatanguye kuvugwa biciye ku Mukama+ wacu kandi bukemezwa+ ku bwacu n’abamwumvise,  mu gihe Imana yagiyemwo igashinga intahe biciye ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha+ bitari bimwe, no ku kugabanganywa+ kw’impwemu nyeranda nk’uko ukugomba kwayo kuri+?  Kuko abamarayika atari bo yahaye isi izoza ngo bayiganze+, ari yo turiko turavuga.  Mugabo hari icabona catanze ikimenyamenya ahantu hamwe, giti: “Umuntu ni iki ku buryo umwibuka+, canke umwana w’umuntu ku buryo umwitaho+?  Wamugize uwuri munsi gatoyi y’abamarayika; wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’iteka+, wongera umushinga kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe+.  Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.” Kuko, kubera ko yamuhaye kuganza ibintu vyose+, Imana nta na kimwe yasize ngo ntakiganze+. Ariko ubu ibintu vyose ntiturabona biganzwa na we+;  mugabo tubona Yezu, uwagizwe uwuri munsi gatoyi y’abamarayika+, yambitswe urugori rw’ubuninahazwa+ n’iteka ku bwo kuba yarashikiwe n’urupfu+, kugira ngo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ahonjereze urupfu umuntu wese+. 10  Kuko vyari bibereye kuri wa wundi ibintu vyose biriho ku bwiwe+ kandi ibintu vyose bikaba biriho biciye kuri we, mu kuzana abana benshi ku buninahazwa+, yuko atunganya ya Mboneza+ y’ubukiriro bwabo biciye ku mibabaro+. 11  Kuko uwuriko areza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, kandi ico ni co gituma adaterwa isoni no kubita “bene wabo+,” 12  igihe avuga ngo: “Nzomenyesha izina ryawe bene wacu; hagati mw’ishengero nzogushemeza n’ururirimbo+.” 13  Kandi ngo: “Nzomwizigira+.” Kandi ngo: “Raba! Jewe n’abana batoyi, abo Yehova yampaye+.” 14  Rero, kubera ko nya “bana batoyi” ari abasangiye amaraso n’umubiri, na we nyene yaronse kuri ivyo bintu nyene+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe+ ahindure ubusa+ umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ari we Shetani*+; 15  no kugira ngo aronse umwidegemvyo+ abo bose bari mu buja ubuzima bwabo bwose+ kubera ugutinya urupfu+. 16  Kuko vy’ukuri atariko afasha abamarayika na gato, ahubwo ariko afasha uruvyaro* rwa Aburahamu+. 17  Ku bw’ico rero yabwirijwe gucika nka “bene wabo” mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru w’umunyembabazi n’umwizigirwa mu vyerekeye Imana+, kugira ngo atange ikimazi c’impongano+ ku bw’ibicumuro vy’abantu+. 18  Kuko, kubera ko we ubwiwe yababajwe igihe yariko aragezwa+, arashoboye gutabara abariko baragezwa+.

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”