Abaheburayo 2:1-18
2 Ni co gituma ari nkenerwa ko twitwararika ivyo twumvise+ kuruta uko bisanzwe, kugira ntitwigere tugenda akayombekere+.
2 Kuko, nimba ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika+ ryabonetse ko ritanyiganyiga, kandi ukugabitanya kwose be n’ukugambarara kwose bikaba vyararonse agahembo gahuye n’ubutungane+,
3 tuzorusimba dute+ nimba twafashe minenegwe+ ubukiriro buhambaye gutyo+ mu buryo bw’uko bwatanguye kuvugwa biciye ku Mukama+ wacu kandi bukemezwa+ ku bwacu n’abamwumvise,
4 mu gihe Imana yagiyemwo igashinga intahe biciye ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha+ bitari bimwe, no ku kugabanganywa+ kw’impwemu nyeranda nk’uko ukugomba kwayo kuri+?
5 Kuko abamarayika atari bo yahaye isi izoza ngo bayiganze+, ari yo turiko turavuga.
6 Mugabo hari icabona catanze ikimenyamenya ahantu hamwe, giti: “Umuntu ni iki ku buryo umwibuka+, canke umwana w’umuntu ku buryo umwitaho+?
7 Wamugize uwuri munsi gatoyi y’abamarayika; wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’iteka+, wongera umushinga kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe+.
8 Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.” Kuko, kubera ko yamuhaye kuganza ibintu vyose+, Imana nta na kimwe yasize ngo ntakiganze+. Ariko ubu ibintu vyose ntiturabona biganzwa na we+;
9 mugabo tubona Yezu, uwagizwe uwuri munsi gatoyi y’abamarayika+, yambitswe urugori rw’ubuninahazwa+ n’iteka ku bwo kuba yarashikiwe n’urupfu+, kugira ngo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ahonjereze urupfu umuntu wese+.
10 Kuko vyari bibereye kuri wa wundi ibintu vyose biriho ku bwiwe+ kandi ibintu vyose bikaba biriho biciye kuri we, mu kuzana abana benshi ku buninahazwa+, yuko atunganya ya Mboneza+ y’ubukiriro bwabo biciye ku mibabaro+.
11 Kuko uwuriko areza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, kandi ico ni co gituma adaterwa isoni no kubita “bene wabo+,”
12 igihe avuga ngo: “Nzomenyesha izina ryawe bene wacu; hagati mw’ishengero nzogushemeza n’ururirimbo+.”
13 Kandi ngo: “Nzomwizigira+.” Kandi ngo: “Raba! Jewe n’abana batoyi, abo Yehova yampaye+.”
14 Rero, kubera ko nya “bana batoyi” ari abasangiye amaraso n’umubiri, na we nyene yaronse kuri ivyo bintu nyene+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe+ ahindure ubusa+ umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ari we Shetani*+;
15 no kugira ngo aronse umwidegemvyo+ abo bose bari mu buja ubuzima bwabo bwose+ kubera ugutinya urupfu+.
16 Kuko vy’ukuri atariko afasha abamarayika na gato, ahubwo ariko afasha uruvyaro* rwa Aburahamu+.
17 Ku bw’ico rero yabwirijwe gucika nka “bene wabo” mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru w’umunyembabazi n’umwizigirwa mu vyerekeye Imana+, kugira ngo atange ikimazi c’impongano+ ku bw’ibicumuro vy’abantu+.
18 Kuko, kubera ko we ubwiwe yababajwe igihe yariko aragezwa+, arashoboye gutabara abariko baragezwa+.
Amakuru yiyongereye
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “urubuto.”