Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abaheburayo 11:1-40

11  Ukwizera+ ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe+, iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa+.  Kuko biciye kuri ukwo kwizera ari ho abantu bo mu bihe vya kera bashingiwe intahe+.  Kubera ukwizera turatahura yuko ibihe*+ vyashizwe mu rutonde n’ijambo ry’Imana+, ku buryo ibibonwa vyaje biva mu bitaboneka+.  Kubera ukwizera, Abeli yarashikaniye Imana ikimazi c’agaciro kanini kurusha Kayini+, biciye kuri ukwo kwizera ashingirwa intahe yuko yari umugororotsi, Imana ishingira intahe+ amashikanwa yiwe; kandi biciye kuri ukwo kwizera, naho yapfuye, aracavuga+.  Kubera ukwizera, Henoki+ yarimuwe kugira ngo ntabone urupfu, kandi nta hantu na hamwe yaboneka kubera ko Imana yari yamwimuye+; kuko imbere y’ukwimurwa kwiwe yashingiwe intahe yuko yari yahimbaye Imana rwose+.  Vyongeye, ata kwizera+ ntibishoboka kuyihimbara rwose+, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho+ be n’uko ihemba+ abayironderana ubwira+.  Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ugutinya Imana arubaka ubwato+ bwo gukiza urugo rwiwe; kandi biciye kuri ukwo kwizera yaratsindishije isi+, aba samuragwa w’ubugororotsi+ bujanye n’ukwizera.  Kubera ukwizera, Aburahamu+, igihe yahamagarwa, yaragamburutse aragenda, aja ahantu yabwirizwa kuronka bwa ntoranwa; kandi yaragiye, naho atari azi iyo yariko araja+.  Kubera ukwizera, yabayeho ari kavamahanga mu gihugu yahaweko umuhango nko mu gihugu co mu mahanga+, abana mu mahema+ na Izahaki+ na Yakobo+, abasangiye na we kuba ba samuragwa ba nya muhango nyene+. 10  Kuko yari arorereye ca gisagara+ gifise imishinge nyayo, umwubatsi n’umuhinguzi w’ico gisagara akaba ari Imana+. 11  Kubera ukwizera kandi, Sara+ ubwiwe yararonse ububasha bwo gusama inda y’uruvyaro, naho yari yararenganye imyaka yavyo+, kuko yabonye ko uwari yarasezeranye ari umwizigirwa+. 12  Ni co gituma kandi ku muntu umwe+, na we akaba yari nk’uwapfuye+, havutse abana mu bwinshi bangana nk’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nk’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga, badaharurika+. 13  Abo bose bapfiriye mu kwizera+, naho bataronse iranguka rya nya mihango+, mugabo bayiboneye kure+ barayiha ikaze bongera baratura icese yuko bari ba kavantara n’ingenzi muri nya gihugu+. 14  Kuko abavuga mwene ivyo baba batanze ikimenyamenya c’uko bariko baronderana ubwira ahantu habo bwite+. 15  Yamara, iyo baba koko bagumye bibuka ahantu bari baravuye+, baba bararonse akaryo ko gusubirayo+. 16  Mugabo ubu bariko barondera gushikira ahantu heza kuruta, ni ukuvuga ahantu ho mw’ijuru+. Ni co gituma Imana idaterwa isoni na bo, ngo iterwe isoni no kwambazwa nk’Imana yabo+, kuko yabateguriye igisagara+. 17  Kubera ukwizera, Aburahamu igihe yagezwa+, yabaye nk’aho ashikanye Izahaki, umuntu yari yakiranye umunezero ya mihango agerageza gushikana umwana wiwe w’ikinege+, 18  naho yari yabwiwe ngo: “Ikizokwitwa ‘uruvyaro* rwawe’ kizoboneka biciye kuri Izahaki+.” 19  Mugabo yabonye yuko Imana yari ishoboye no kumuzura mu bapfuye+; kandi yaranamuronse koko avuyeyo, mu buryo bw’ikigereranyo+. 20  Kubera ukwizera kandi, Izahaki yarahezagiye Yakobo+ na Esawu+ ku bintu bizoza. 21  Kubera ukwizera, Yakobo, igihe yagira apfe+, yarahezagiye umwe wese mu bahungu ba Yozefu+ yongera arasenga yishimikije umutwe w’inkoni yiwe+. 22  Kubera ukwizera, Yozefu, igihe yari yegereje iherezo ryiwe, yaravuze ivy’ukuvayo+ kwa bene Isirayeli; kandi yaratanze itegeko ku vyerekeye amagufa yiwe+. 23  Kubera ukwizera, Musa yaranyegejwe n’abavyeyi biwe amezi atatu inyuma y’ivuka ryiwe+, kuko babonye ko nya mwana mutoyi yari mwiza+, ntibatinya itegeko+ ry’umwami. 24  Kubera ukwizera, Musa amaze gukura+, yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo+, 25  ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato, 26  kuko yabonye ko iceyi+ ca Kristu ari ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri; kuko yashinze ijisho itangwa ry’impembo+. 27  Kubera ukwizera yaravuye mu Misiri+, mugabo atari kubera ugutinya ishavu ry’umwami+, kuko yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka+. 28  Kubera ukwizera yarahimbaje pasika*+ na kwa kumija amaraso+, kugira ngo umuranduzi ntakore ku mfura zabo+. 29  Kubera ukwizera, baraciye mu kiyaga Gitukura nko kw’isi yumutse+, mugabo Abanyamisiri bahirahiye ngo bahace baca baramirwa+. 30  Kubera ukwizera, impome za Yeriko zaratemvye zimaze kuzungurukwa imisi indwi+. 31  Kubera ukwizera, Rahabu+ wa mumaraya, ntiyatikiranye n’abagambaraye, kuko yakiriye ba batasi mu buryo burangwa amahoro+. 32  Mvuge iki kandi? Kuko ata mwanya noronka hamwe nobandanya kuvuga ivya Gideyoni+, Baraki+, Samusoni+, Yefuta+, Dawidi+ hamwe na Samweli+ be na ba bahanuzi bandi+, 33  kubera ukwizera bakaba baranesheje ubwami mu ntambara+, barashitsa ubugororotsi+, barakomorerwa imihango+, baraziba iminwa y’intambwe+, 34  barahagarika inguvu z’umuriro+, barakira ubugi bw’inkota+, baragirwa abanyabubasha kandi bari goyigoyi+, baraba intwari mu ntambara+, barakinagiza ingabo z’abanyamahanga+. 35  Abagore bararonse abapfuye babo biciye kw’izuka+; mugabo abandi bantu barasinzikarijwe ubuzima kuko batemera kubohorwa biciye ku ncungu kanaka, kugira ngo bashikire izuka ryiza kuruta. 36  Egome, abandi bararonse ikigeragezo cabo mu gutwengwa no mu gushishagurwa, mbere n’ibiruta ivyo, mu mvuto+ n’amabohero+. 37  Baratewe amabuye+, barageragejwe+, barakekagujwe imisumeno, barapfuye+ bakerejwe inkota, barayerereye bari mu nsato z’intama+, mu nsato z’impene, bari mu bukene+, mu makuba+, bagirirwa nabi+; 38  kandi isi ntiyari ibabereye. Barayerereye mu bugaragwa no mu misozi no mu masenga+ no mu myobo y’isi. 39  Yamara abo bose, naho bashingiwe intahe bivuye ku kwizera kwabo, ntibaronse iranguka rya wa muhango+, 40  kuko Imana yatuboneye imbere y’igihe ikintu ciza kuruta+, kugira ngo ntibagirwe+ abatagira akanenge+ tutari kumwe+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “ibiriho.” Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Raba Inyongera ya 21.