Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abaheburayo 10:1-39

10  Kubera ko Itegeko rifise igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza, mugabo atari umutumba nyene wa nya bintu, abantu ntibashobora kwigera batuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene bama bashikana ku mwaka ku mwaka.  Ahandiho, mbega ibimazi ntibiba vyararetse gushikanwa, kuko abakora igikorwa ceranda bari bahumanuwe rimwe rizima batosubiye kwiyumvamwo ibicumuro+?  Ahubwo riho, ivyo bimazi bituma haba ukwibukiriza ibicumuro uko umwaka utashe+,  kuko bidashoboka ko amaraso y’amashūri n’ay’impene akuraho ibicumuro+.  Ni co gituma igihe aza mw’isi avuga ati: “‘Ibimazi n’amashikanwa nta vyo washatse+, mugabo wanteguriye umubiri+.  Ntiwashimye amashikanwa aturiwe uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+.’  Maze ndavuga nti: ‘Ehe ndaje (mu muzingo w’igitabu biranditswe kuri jewe+) nje gukora ukugomba kwawe, ewe Mana+.’”  Amaze kubanza kuvuga ati: “Ntiwashatse canke ngo ushime ibimazi n’amashikanwa be n’amashikanwa aturiwe uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+”—bikaba ari ibimazi bishikanwa hisunzwe Itegeko+  maze avuga koko ati: “Ehe ndaje gukora ukugomba kwawe+.” Akuraho ivya mbere kugira ngo ashinge ivya kabiri+. 10  Biciye kuri ukwo “kugomba+” kuvuzwe, twarejejwe+ tubikesheje ugushikanwa+ kw’umubiri wa Yezu Kristu rimwe+ rizima. 11  Vyongeye, umuherezi wese araja mu kibanza ciwe+ ku musi ku musi+ ngo akore igikorwa gikorerwa abantu no kugira ngo ashikane kenshi vya bimazi nyene, kuko ivyo bitigera bishobora gukuraho ibicumuro rwose+. 12  Mugabo uwo muntu yashikanye ikimazi kimwe ku bw’ibicumuro ibihe vyose+ hanyuma yicara iburyo bw’Imana+, 13  kuva ubwo ararorera gushika abansi biwe bagizwe nk’intebe y’ibirenge vyiwe+. 14  Kuko kw’ishikanwa rimwe ry’ikimazi+ ari ho abezwa yabagize abatagira akanenge+ ibihe vyose. 15  Vyongeye, impwemu nyeranda+ na yo nyene iradushingira intahe, kuko mu nyuma yo kuvuga iti: 16  “‘Iri ni ryo sezerano nzosezerana kuri bo inyuma y’iyo misi,’ ni ko Yehova avuga. ‘Nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, kandi mu mizirikanyi yabo ni ho nzoyandika+,’” 17  irongera ikavuga iti: “Kandi sinzogenda nongeye kwibuka ibicumuro vyabo n’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji+.” 18  Rero, aho ivyo bibabariwe+, ntihaba hakiri ishikanwa ry’igicumuro+. 19  Rero ga bene wacu, ko dufise ubutinyutsi bwo guca mu nzira yinjira+ ahantu heranda+ biciye ku maraso ya Yezu, 20  iyo yadutangurije ari inzira nshasha kandi nzima ica muri rya rido+, ari ryo mubiri wiwe+, 21  kandi ko dufise umuherezi akomeye ku nzu y’Imana+, 22  twegere dufise imitima nyakuri, dufise ugushira amazinda gukwiye kuvuye ku kwizera, imitima yacu imijagiwe igakurwamwo ijwi ribi+ n’imibiri yacu yuhagijwe amazi atyoroye+. 23  Tugumye kwa gushingira intahe icese icizigiro+ cacu tudahungabana+, kuko uwasezeranye ari umwizigirwa+. 24  Kandi twiyumvirane kugira tuvyuriranire+ ugukundana n’ibikorwa vyiza+, 25  tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu+, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya+, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza+. 26  Kuko nimba tuza turacumura n’ibigirankana+ tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye+, 27  ahubwo haba hasigaye ukwitegana ubwoba ata kabuza urubanza+ hakaba n’ishari ry’umuriro rigiye kuyigiza abarwanya Imana+. 28  Umuntu wese akengereye itegeko rya Musa arapfa ata mpuhwe, ku ntahe ya babiri canke batatu+. 29  None mwiyumvira ko kizoba gikaze ukungana iki igihano+ gikwiriye umuntu yahonyanze+ Umwana w’Imana kandi agafata ibisanzwe amaraso+ y’isezerano ubwiwe yezeshejwe, akongera agatuka ya mpwemu+ y’ubuntu ata wari abukwiriye n’akagaye n’akantu? 30  Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.” 31  Birateye ubwoba gukorokera mu maboko ya ya Mana nzima+. 32  Ariko mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro+ inyuma y’aho mumariye kumurikirwa+: 33  hari igihe mwashirwa ku kabarore nko mu kibanza c’ibirori+ mu bitutsi n’amakuba, hari n’igihe mwifatanya n’abariko barashikirwa na mwene ivyo bintu+. 34  Kuko mwerekanye ko mubabarana n’abari mw’ibohero kandi mukemera munezerewe gusahurwa+ ivyanyu, muzi yuko mwebwe ubwanyu mufise itunga ryiza kuruta kandi riramba+. 35  Ntimute rero umwidegemvyo wanyu wo kuvuga+, umwe ufise impembo nini+ uzohabwa. 36  Kuko mukeneye ukwihangana+, kugira ngo nimwamara gukora ukugomba kw’Imana+, muronke iranguka rya wa muhango+. 37  Kuko hasigaye “akanya gato cane+,” kandi “umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba+.” 38  “Mugabo umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera+,” kandi, “asubiye inyuma, umutima* wanje ntuhimbarwa na we+.” 39  Twebwe rero ntituri muri bamwe basubira inyuma ngo bahone+, ahubwo turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima+.

Amakuru yiyongereye

Mu kigiriki ni “pisike” (psy·kheʹ). Raba Inyongera ya 6.