Abaheburayo 1:1-14
1 Imana, iyavuganye kera mu bihe vyinshi+ no mu buryo bwinshi na ba sogokuruza bacu biciye ku bahanuzi+,
2 kw’iherezo ry’iyi misi+ yavuganye natwe biciye ku Mwana wayo+, uwo yagenye kuba samuragwa w’ibintu vyose+, kandi biciye kuri we ikaba ari ho yashizeho+ ibihe*.
3 Ni we gukayangana kw’ubuninahazwa+ bwayo n’ishusho nyayo y’akamere nyene kayo+, kandi ashigikiza ibintu vyose ijambo ry’ububasha bwiwe+; kandi amaze kudutyorora ibicumuro vyacu+, yicara iburyo+ bwa Nyenubukuru mu bibanza vyo hejuru+.
4 Yabaye rero uwuruta abamarayika+, kuko yatoranye izina+ ry’agahebuza kuruta iryabo.
5 Nk’akarorero, ni nde mu bamarayika yigeze kubwira iti: “Uri umwana wanje; jewe uno musi ncitse so+”? Kandi iti: “Jewe ubwanje nzomubera se, na we azombera umwana+”?
6 Mugabo niyongera kuzana Imfura+ yayo mw’isi, ivuga iti: “Kandi abamarayika b’Imana+ bose nibikubite imbere yiwe+.”
7 Vyongeye, ku bijanye n’abamarayika ivuga ngo: “Kandi abamarayika bayo ibagira impwemu, abakozi bayo bakorera abantu ikabagira urubeya rw’umuriro+.”
8 Mugabo ku bijanye n’Umwana wayo, ngo: “Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami ibihe bitazoshira+, kandi agakoni k’ubutware k’ubwami+ bwawe ni agakoni k’ukugororoka+.
9 Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta*+ y’umwigino kuruta bagenzawe+.”
10 Kandi ngo: “Mu ntango, ewe Mukama, washinze imishinge y’isi, kandi amajuru ni ibikorwa vy’amaboko yawe+.
11 Vyo bizoyogera, mugabo wewe wamaho ibihe vyose; vyose bizosaza nka kurya kw’impuzu yo hejuru+,
12 kandi uzobizinga nk’igikwemu+, nk’impuzu yo hejuru; kandi bizohindurwa, ariko wewe wama uri wa wundi, kandi imyaka yawe ntizokwigera ihera+.”
13 Mugabo ni nde mu bamarayika yigeze kuvugako ngo: “Icara iburyo bwanje, gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+”?
14 Mbega bose si impwemu+ ku bw’igikorwa gikorerwa abantu+, zatumwe gukorera abagiye kuzotorana+ ubukiriro?