Abagalatiya 6:1-18

6  Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.  Mubandanye kwikoreranira imizigo+, gutyo mushitse rya tegeko rya Kristu+.  Kuko nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa+, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe.  Ariko umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze+, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya+ n’uwundi.  Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite+.  Vyongeye, umuntu wese ariko yigishwa+ ku munwa ijambo ry’Imana, nasangire+ ivyiza vyose n’uwutanga mwene iyo nyigisho+.  Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;  kuko uwubiba ku bw’umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe+, ariko uwubiba ku bw’impwemu+ azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu+.  Ntiduhebe rero gukora ivyiza+, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa+. 10  Nuko rero+, tugifise umwanya ubereye wo kubigira, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera+. 11  Raba ibidome bininibinini nkoresheje mu kubandikira n’ukuboko kwanje bwite+. 12  Abo bose bashaka kwerekana ko baboneka neza mu mubiri ni bo bagerageza kubagobera ngo mugenyerwe+, kugira gusa ntibahamwe bahorwa igiti co kubabarizwako ca Kristu+, ari we Yezu. 13  Kuko na barya bagenyerwa ubwabo batagumya Itegeko+, ahubwo bashaka ko mugenyerwa kugira baronke imvo yo kwirata mu mubiri wanyu. 14  Ntibikabe yuko nokwirata, kiretse niratiye igiti co kubabarizwako+ c’Umukama wacu Yezu Kristu. Biciye kuri uyo, kuri jewe isi yaramanitswe+, kuri yo nanje nkaba naramanitswe. 15  Kuko kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+ ata co bivuze, ahubwo ikiremwa gishasha+ ni co kiri n’ico kivuze. 16  Kandi abo bose bazogendera ku rutonde bisunga iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana+. 17  Ku bw’ivyo rero, ntihagire umuntu n’umwe angora, kuko ku mubiri ndiko imyotso+ y’umushumba wa Yezu+. 18  Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane n’agatima+ mwerekana, bene wacu. Amen.

Utujambo tw'epfo