Abagalatiya 6:1-18
6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.
2 Mubandanye kwikoreranira imizigo+, gutyo mushitse rya tegeko rya Kristu+.
3 Kuko nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa+, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe.
4 Ariko umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze+, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya+ n’uwundi.
5 Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite+.
6 Vyongeye, umuntu wese ariko yigishwa+ ku munwa ijambo ry’Imana, nasangire+ ivyiza vyose n’uwutanga mwene iyo nyigisho+.
7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;
8 kuko uwubiba ku bw’umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe+, ariko uwubiba ku bw’impwemu+ azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu+.
9 Ntiduhebe rero gukora ivyiza+, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa+.
10 Nuko rero+, tugifise umwanya ubereye wo kubigira, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera+.
11 Raba ibidome bininibinini nkoresheje mu kubandikira n’ukuboko kwanje bwite+.
12 Abo bose bashaka kwerekana ko baboneka neza mu mubiri ni bo bagerageza kubagobera ngo mugenyerwe+, kugira gusa ntibahamwe bahorwa igiti co kubabarizwako ca Kristu+, ari we Yezu.
13 Kuko na barya bagenyerwa ubwabo batagumya Itegeko+, ahubwo bashaka ko mugenyerwa kugira baronke imvo yo kwirata mu mubiri wanyu.
14 Ntibikabe yuko nokwirata, kiretse niratiye igiti co kubabarizwako+ c’Umukama wacu Yezu Kristu. Biciye kuri uyo, kuri jewe isi yaramanitswe+, kuri yo nanje nkaba naramanitswe.
15 Kuko kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+ ata co bivuze, ahubwo ikiremwa gishasha+ ni co kiri n’ico kivuze.
16 Kandi abo bose bazogendera ku rutonde bisunga iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana+.
17 Ku bw’ivyo rero, ntihagire umuntu n’umwe angora, kuko ku mubiri ndiko imyotso+ y’umushumba wa Yezu+.
18 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane n’agatima+ mwerekana, bene wacu. Amen.