Abagalatiya 4:1-31

4  Ico mvuga rero, ni uko igihe samuragwa aba akiri uruyoya ata ho aba atandukaniye n’umushumba+, naho nyene aba ari we agaba ibintu vyose,  ahubwo aba agabwa n’abamujejwe+ be n’ababwiriza, kugeza ku musi se yashinze imbere y’igihe.  Na twebwe nyene, igihe twari inzoya, twaguma tujakariye ibintu vy’intango+ vy’isi.  Ariko aho iherezo ry’igihe gikwiye rimariye gushika+, Imana yaratumye Umwana wayo+, uwahavuye avyarwa n’umugore+ kandi akagabwa n’itegeko+,  kugira abohore+ abagabwa n’itegeko+ mu kubacungura, ngo natwe Imana ibone kutugira abana bayo+.  Ko muri abana bayo rero, Imana yararungitse impwemu+ y’Umwana wayo mu mitima yacu, iyo mpwemu ikaba isemerera iti: “Abba, Data+!”  Nuko rero ntukiri umushumba ahubwo uri umwana; kandi nimba uri umwana, uri na samuragwa bivuye ku Mana+.  Yamara rero, igihe mutari muzi Imana+, mwari mushumbiye ibisanzwe atari imana+.  Mugabo ubu ko mwamenye Imana, canke nako, ubu ko mwamenywe n’Imana+, mwongera gute gusubira ku bintu vy’intango vya goyigoyi+ kandi biteye akagongwe+, mugashaka kwongera kubishumbira+? 10  Murubahiriza cane imisi+ n’amezi+ n’ibiringo n’imyaka. 11  Munteye ubwoba, yuko noba nacumukuriye ubusa+ ku biberekeye. 12  Bene wacu, ndabinginze: nimumere nkanje+, kuko na jewe nahora meze nkamwe+. Nta kibi mwankoreye+. 13  Mugabo murazi yuko nabamenyesheje inkuru nziza ari bwo bwa mbere biciye ku ndwara y’umubiri wanje+. 14  Kandi icari ikigeragezo kuri mwebwe mu mubiri wanje, ntimwagikengereye canke ngo mugicirire inyeri; ahubwo mwanyakiriye nk’umumarayika+ w’Imana, nka Kristu Yezu+. 15  None bwa buhirwe mwari mufise buri hehe+? Kuko ndabashingira intahe yuko, iyaba vyari gushoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa+. 16  Mbega none ncitse umwansi+ wanyu kubera yuko ndababwira ukuri+? 17  Barabaronderana umwete+, atari mu buryo bwiza, mugabo bashaka kubanyonkorako, kugira ngo mubaronderane umwete+. 18  Mugabo ni vyiza ko muronderanwa umwete ku bw’imvo nziza+ ibihe vyose, atari igihe gusa ndi kumwe namwe+, 19  bana banje bato+, mwebwe abongeye kuntera ububabare bw’ukwibaruka gushika Kristu yubatswe muri mwebwe+. 20  Ariko ese icari kumpa nkaba ndi kumwe namwe ubu nyene+, nkavuga mu bundi buryo, kuko ivyanyu binzazaniye+. 21  Nimumbwire ntuze, mwebwe abashaka kugabwa n’itegeko+: Mbega ntimwumva ico Itegeko rivuga+? 22  Nk’akarorero, vyanditswe yuko Aburahamu yaronse abahungu babiri, umwe ku musukukazi+, uwundi na we ku mugore yidegemvya+; 23  mugabo uwo ku musukukazi mu vy’ukuri yavutse mu buryo bw’umubiri+, uwo wundi wo ku mugore yidegemvya na we amuronka biciye ku muhango+. 24  Ivyo bintu ni inkuru iri n’ico igereranya+; kuko abo bagore bagereranya amasezerano abiri+: rimwe ni iryo ku musozi Sinayi+, ari ryo rivyara abana b’ubushumba, rikaba ari Hagari. 25  Uyo Hagari rero agereranya Sinayi+, umusozi wo muri Arabiya, akaba ahwanye na Yeruzalemu y’ubu, kuko iri mu bushumba+ hamwe n’abana bayo. 26  Ariko Yeruzalemu+ yo hejuru iridegemvya, kandi ni yo mama+. 27  Kuko vyanditswe ngo: “Nezerwa wa mugore w’ingumba utavyara; turikisha usemerere, wa mugore utagira ububabare bw’ukwibaruka; kuko abana b’umugore w’intabwa ari benshi kuruta ab’umugore afise umugabo+.” 28  Twebwe rero ga bene wacu, turi abana b’umuhango nka kumwe kwa Izahaki+. 29  Mugabo nk’uko ico gihe uwavutse mu buryo bw’umubiri yatanguye guhama+ uwavutse mu buryo bw’impwemu, n’ubu ni ukwo+. 30  Yamara none, Icanditswe kivuga iki? Kigira giti: “Irukana umusukukazi n’umuhungu wiwe, kuko umuhungu w’umusukukazi atazogenda abaye samuragwa kumwe n’umwana w’umugore yidegemvya+.” 31  Ku bw’ivyo ga bene wacu, turi abana, atari ab’umusukukazi+, ahubwo ba wa mugore yidegemvya+.

Amakuru yiyongereye