Abagalatiya 3:1-29
3 Yemwe Bagalatiya b’imburabwenge, ni nde yaboheje nabi+, mwebwe aberetswe icese imbere y’amaso yanyu Yezu Kristu amanitswe+?
2 Iki gusa ni co nshaka ko munsigurira: Mbega mwaronse impwemu+ kubera ibikorwa vy’itegeko+ canke kubera mwumvise+ hanyuma mukizera?
3 Mwakabaye muri imburabwenge bigeze iyo? Inyuma y’aho mutanguriye+ mu mpwemu, ubu muriko munonosorerwa mu mubiri+?
4 None ya mibabaro myinshi mwagira, mwayigiriye ubusa+? Iyo vy’ukuri mupfuma muyigirira ubusa.
5 Umwe none abaronsa impwemu+ akanakorera ibikorwa vy’ububasha muri mwebwe+, yoba abikora kubera ibikorwa vy’itegeko canke kubera mwumvise hanyuma mukizera?
6 Nk’uko Aburahamu “yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+.”
7 Nta nkeka murazi yuko abumira ku kwizera+ ari bo bana ba Aburahamu+.
8 Icanditswe rero, kubera cabonye hakiri kare yuko Imana yokwise abanyamahanga abagororotsi bivuye ku kwizera, camenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, ari yo y’iyi: “Biciye kuri wewe amahanga yose azohezagirwa+.”
9 Abumira ku kwizera rero bariko barahezagirirwa+ hamwe na wa mwizigirwa Aburahamu+.
10 Kuko abo bose biheka ku bikorwa vy’itegeko bari munsi y’umuvumo; kuko vyanditswe ngo: “Aravumwe uwo wese ataguma mu bintu vyose vyanditswe mu muzingo w’Itegeko ngo abishitse+.”
11 Vyongeye, ivy’uko ata n’umwe yitwa umugororotsi+ ku Mana bivuye kw’itegeko biribonekeza, kuko “umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+.”
12 Itegeko rero ntiryumira ku kwizera, mugabo “uwubishitsa azobeshwaho na vyo+.”
13 Kristu mu kuducungura+ yaratubohoye+ umuvumo w’Itegeko mu gucika umuvumo+ mu kibanza cacu, kuko vyanditswe ngo: “Aravumwe umuntu wese amanitswe ku giti+.”
14 Kwari ukugira ngo umuhezagiro wa Aburahamu uze biciye kuri Yezu Kristu ku bw’amahanga+, kugira ngo turonke ya mpwemu yasezeranywe+ biciye ku kwizera kwacu+.
15 Bene wacu, mvuga nkoresheje ikigereranyo kijanye n’abantu: Iyo isezerano ryemejwe, naho riba ari iry’umuntu, nta n’umwe aryigiza ku ruhande canke ngo agire ivyo aryongerako+.
16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+.
17 Ico mvuga kandi ni iki: Ku bijanye n’isezerano ryemejwe n’Imana kera+, Itegeko ryaje inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu+ ntirishobora kurihindura ubusa ku buryo rikuraho umuhango+.
18 Kuko nimba intoranwa iboneka bivuye kw’itegeko, ntiba ikibonetse bivuye ku muhango+; mugabo Imana yahaye intoranwa Aburahamu n’umutima ukunze biciye ku muhango+.
19 None Itegeko rihari kubera iki? Ryongeweko kugira ngo ibigabitanyo bije ahabona+, kugeza hashitse+ uruvyaro rwari rwarahawe umuhango; kandi ryashikirijwe biciye ku bamarayika+, ricishwa mu kuboko kw’umuhuza+.
20 Yamara rero nta muhuza ahaba iyo ari ivyerekeye umuntu umwe gusa, ariko Imana ni imwe gusa+.
21 None Itegeko ryoba rirwanya imihango Imana yatanze+? Ntibikabe! Kuko iyo haza kuba haratanzwe itegeko rishoboye gutanga ubuzima+, ubugororotsi buba vy’ukuri bwarabonetse biciye kw’itegeko+.
22 Mugabo Icanditswe+ caratanze ibintu vyose hamwe ngo vyugaranwe n’igicumuro+, kugira ngo umuhango uva ku kwizera kwerekeye Yezu Kristu uhabwe abizera+.
23 Ariko imbere y’uko ukwizera gushika+, twari turindiwe munsi y’itegeko+, tukaba twari twaratanzwe tukugaranirwa hamwe, duhanze amaso kwa kwizera kwabwirizwa guhishurwa+.
24 Itegeko rero ryabaye umurezi atujana kuri Kristu+ kugira ngo twitwe abagororotsi+ bivuye ku kwizera.
25 Mugabo ubu ko ukwizera kwashitse+, ntitukigabwa n’umurezi+.
26 Nkako, mwese muri abana+ b’Imana biciye ku kwizera mufise muri Kristu Yezu.
27 Kuko mwese ababatijwe muri Kristu+ mwambaye Kristu+.
28 Nta Muyuda ariho canke Umugiriki+, nta mushumba ariho canke uwidegemvya+, nta mugabo ariho canke umugore+; kuko mwese muri umwe mu bumwe na Kristu Yezu+.
29 Vyongeye, nimba mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri+, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango+.
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “urubuto.”