Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abagalatiya 1:1-24

1  Jewe Paulo+, uwabaye intumwa+ bitavuye ku bantu canke biciye ku muntu, ariko biciye kuri Yezu Kristu+ no ku Mana ari yo Data+, imwe yamuzura mu bapfuye+,  hamwe na bene wacu bose turi kumwe+, turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya+:  Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu.  Yaritanze ku bw’ibicumuro vyacu+ kugira aturokore mu vy’iki gihe* kibi+, nk’uko ukugomba+ kw’Imana yacu ikaba na Data kuri;  ubuninahazwa bube ubwayo ibihe bitazoshira+. Amen.  Ndatangazwa n’ingene muriko mukurwa ningoga gutyo kuri Umwe+ yabahamagaza ubuntu ata wari abukwiriye bwa Kristu+, mukaja ku nkuru nziza y’ubundi bwoko+.  Mugabo si iyindi; ni uko gusa hari abantu bamwebamwe bariko barabadurumbanya+ kandi bagashaka gutitura inkuru nziza yerekeye Kristu+.  Ariko naho yoba twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze inkuru nziza twebwe twabamenyesheje, arakavumwa+.  Nk’uko duhejeje kubivuga, n’ubu ndabivuze: Uwo wese abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze ico mwakiriye+, arakavumwa. 10  Mbega none, mugira ngo ubu abo ndiko ngerageza gutuma banyurwa ni abantu canke Imana? Canke ndiko ndondera gushimisha abantu+? Hamwe noba ngishimisha abantu+, sinoba ndi umushumba wa Kristu+. 11  Kuko mbamenyesheje, bene wacu, yuko inkuru nziza jewe namenyesheje bwa nkuru nziza, atari ikintu gikomoka ku muntu+; 12  kuko ntayihawe n’umuntu canke ngo ndayigishwe, atari uko nayironse biciye ku guhishurirwa na Yezu Kristu+. 13  Nkako, mwarumvise ivy’ingeso zanje za kera mw’idini ry’Abayuda+, yuko naheba nkimonogoza mu kuguma mpama+ ishengero ry’Imana nongera ndaritikiza+, 14  kandi naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu runganwe rwanje no mu bwoko bwanje+, kuko narusha abandi kure n’iyo kugirira umwete+ imigenzo+ ya ba dawe. 15  Mugabo Imana, imwe yantandukanya n’inda ya mama ikongera ikampamagara+ biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwayo+, igihe yiyumvira ko ari vyiza 16  guhishura Umwana wayo biciye muri jewe+, kugira ngo menyeshe amahanga inkuru nziza imwerekeye+, sinaciye nja mu vyo kugisha inama inyama n’amaraso+. 17  Eka mbere sinaduze i Yeruzalemu ku babaye intumwa imbere yanje+, ahubwo naciye nja muri Arabiya, hanyuma nongera kugaruka i Damasiko+. 18  Maze haciye imyaka itatu, naraduze i Yeruzalemu+ kuramutsa Kefa+, marana na we imisi cumi n’itanu. 19  Ariko nta wundi nabonye mu ntumwa, atari Yakobo+ mwene wabo+ n’Umukama. 20  Nayo ku vyo ndabandikiye, ehe raba, imbere y’Imana sindiko ndabesha+. 21  Inyuma y’ivyo, nagiye+ mu turere two muri Siriya n’utwo muri Silisiya. 22  Ariko amashengero y’i Yudaya yari yunze ubumwe na Kristu ntiyari azi uko nsa+; 23  bahora bumva gusa ngo: “Wa muntu yahora aduhama+, ubu asigaye amenyekanisha inkuru nziza yerekeye kwa kwizera yahora atikiza+.” 24  Baca batangura kuninahaza+ Imana kubera jewe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.