Abafilipi 3:1-21

3  Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kunezerwa mu Mukama+. Kubandikira vya bindi nyene jewe nta ngorane bintera, ahubwo ni uburinzi kuri mwebwe.  Mwiyubare za mbwa+, mwiyubare bamwe bakora ikibi, mwiyubare barya bakebagura umubiri+.  Kuko ari twe dufise ukugenyerwa nyakwo+, twebwe abariko barakora igikorwa ceranda babihawe n’impwemu y’Imana+, tukaba twirata muri Kristu Yezu+ tukaba kandi tutizigira umubiri+,  naho na jewe nyene mfise imvo z’ukwizigira umubiri kuruta uwo ari we wese. Nimba hari uwundi yiyumvira ko afise imvo z’ukwizigira umubiri, jeho ndi agahebuza+:  nagenyerewe ku musi ugira umunani+, nkaba nkomoka mu bwoko bwa Isirayeli, mu muryango wa Benyamini+, nkaba Umuheburayo yavutse ku Baheburayo+; ku bijanye n’itegeko, ndi Umufarizayo*+;  ku bijanye n’umwete, narahama ishengero+; ku bijanye n’ubugororotsi buboneka biciye kw’itegeko, ndi uwabonetse ko atagirako umugayo.  Yamara ivyahora ari inyungu kuri jewe, nabibonye nk’uruhombo kubera Kristu+.  Mbere ku bw’ivyo ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje+. Kubera we, naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda+, kugira ngo nunguke Kristu  kandi nze nsangwe mu bumwe na we, ntafise ubugororotsi bwanje bwite, bumwe buva kw’itegeko+, mugabo mfise ububoneka biciye ku kwizera+ Kristu, ari bwo bugororotsi buva ku Mana hishimikijwe ukwizera+, 10  kugira ngo ndamumenye, menye n’ububasha bw’izuka ryiwe+ nongere menye gufatanya na we mu mibabaro yiwe+, nkemera gupfa urupfu nk’urwiwe+, 11  ngo ndabe ko uko biba kwose noshikira izuka rya kare+ mu bapfuye. 12  Si uko maze guhabwa ico niteze canke kugirwa uwutagira akanenge+, ahubwo mbandanya+ urugendo rwanje ngo ndabe ko na jewe nocakira+ kimwe catuma nanje ncakirwa+ na Kristu Yezu. 13  Bene wacu, siniyumvira ko ubwanje namaze kugicakira; mugabo ico nzi co ni iki: Mu kwibagira ibiri inyuma+ nkaramiriza ku biri imbere+, 14  ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro+ ngo ndonke agashimwe+ k’ihamagarwa ryo kuduga+ twahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu. 15  Abo bose muri twebwe rero bahumuye+, tugire uwo mutima+; kandi nimba mwiyumvira ukundi ku kintu kanaka, Imana izobahishurira uwo mutima uhejeje kuvugwa. 16  Uko biri kwose, ku rugero tugezeko mu gutera imbere, tubandanye kugendera ku rutonde+ muri iyo nzira nyene. 17  Munyigane+ mwunze ubumwe, bene wacu, kandi mugumize ijisho ku bagenda bisunga akarorero twabahaye+. 18  Kuko hariho benshi, abo nahora nkunda kuvuga kera ariko ubu ho nkaba nongera kubavuga ndira, bariko bagenda nk’abansi b’igiti co kubabarizwako ca Kristu+, 19  kandi iherezo ryabo ni ugutikizwa+, kandi imana yabo ni inda yabo+, ubuninahazwa bwabo na bwo ni ibimaramare+, kandi imizirikanyi yabo iri ku bintu vyo kw’isi+. 20  Nayo twebwe, ubwenegihugu+ bwacu buri mw’ijuru+, ari na ho turindiranye igishika+ ko hazova umukiza, Umukama Yezu Kristu+, 21  ari we azohindura ukundi umubiri wacu wateterejwe+, ngo umere nk’umubiri wiwe uninahaye+, nk’uko ububasha afise bukora+, mbere bwo gushira ibintu vyose munsi y’ubuyobozi bwiwe ngo abiganze+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.