Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 7:1-25

7  Maze Yerubayali+, ari we Gideyoni+, n’abantu bose bari kumwe na we, bahaguruka kare hanyuma bakambika kw’iriba rya Harodi; ikambi ya Midiyani yari mu buraruko bwiwe, hafi y’umurambi wa More, mu kiyaya co hasi.  Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu bari kumwe nawe ni benshi cane ku buryo ntotanga Midiyani mu kuboko kwabo+. Hari aho Isirayeli yonyiyemerako+ iti: ‘Ukuboko kwanje ni kwo kwankijije+.’  Ubu rero ndakwinginze usemerere abantu bumva uti: ‘Ni nde atinya kandi ajugumira? Niyisubirire inyuma+.’” Gutyo Gideyoni arabagerageza. Ibihumbi mirongo ibiri na bibiri muri nya bantu baca basubira inyuma, hasigara ibihumbi cumi.  Mugabo Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu baracari benshi birenze+. Bamanukane ku mazi kugira ndabakugeragereze. Uwo ndakubwira nti: ‘Uyu arajana nawe,’ ni we ajana nawe, mugabo uwo wese ndakubwira nti: ‘Uyu ntajana nawe,’ ni we atagenda.”  Amanukana rero abantu ku mazi+. Maze Yehova abwira Gideyoni ati: “Uwo wese aza kunywesha amazi ururimi nk’imbwa, umushire ukwiwe, n’uwo wese aza gupfukama kugira anywe+.”  Igitigiri c’abanywereye amazi ku rushi barudugije ku munwa kiba abagabo amajana atatu. Mugabo abasigaye bose muri nya bantu, barapfukamye kugira banywe amazi.  Yehova abwira rero Gideyoni ati: “Abo bagabo amajana atatu banywereye amazi ku rushi ni bo ndabakirisha, kandi ndatanga Midiyani mu kuboko kwawe+. Nayo abandi bose, nibigire umwe wese ahantu hiwe.”  Nuko batora impamba za nya bantu mu kuboko kwabo, n’inzamba+ zabo, maze Gideyoni arungika abo bagabo ba Isirayeli bose, umwe wese aja i muhira iwe; agumya gusa abo bagabo amajana atatu. Nayo ikambi ya Midiyani, yari hepfo yiwe mu kiyaya co hasi+.  Maze muri iryo joro+ Yehova amubwira ati: “Haguruka, umanuke gutera irya kambi, kuko ndayitanze mu kuboko kwawe+. 10  Mugabo nimba utinya kumanuka, manukana na Pura umusuku wawe kuri iryo kambi+. 11  Wumvirize ivyo baza kuvuga+, maze amaboko yawe arakomera+ ata gukeka, nawe uramanuka koko gutera nya kambi.” Nuko we na Pura umusuku wiwe baramanuka ku mubari w’abari batonze urugamba bari muri nya kambi. 12  Midiyani na Amaleki n’Abanyabuseruko+ bose bari barundaniye mu kiyaya co hasi ari benshi nk’inzige+; kandi ingamiya zabo+ ntizagira igitigiri, ari nyinshi nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga. 13  Nuko Gideyoni arashika, asanga hari umugabo yariko yiganira mugenziwe indoto, avuga ati: “Ng’iyi indoto narose+. Ehe, agatsima k’umuzingi k’umukate wa sayiri* kariko kazunguruka kisubiriza mw’ikambi ya Midiyani. Nuko kaza kw’ihema kararikubita riratemba+, kararyubika, maze nya hema rirambarara hasi.” 14  Uwo mugenziwe aca yishura+ ati: “Ico si ikindi ni inkota ya Gideyoni+ mwene Yowasi, umugabo wo muri Isirayeli. Imana y’ukuri+ itanze Midiyani n’ikambi yose mu kuboko kwiwe+.” 15  Gideyoni akimara kwumva inkuru y’iyo ndoto n’insobanuro yayo+, aca atangura gusenga+. Inyuma y’ivyo asubira kw’ikambi ya Isirayeli, avuga ati: “Haguruke+, kuko Yehova atanze ikambi ya Midiyani mu kuboko kwanyu.” 16  Aca agabura ba bagabo amajana atatu mu migwi itatu maze ashira inzamba+ mu maboko yabo bose n’imibindi mininiminini igaragara, ashira n’ibimuri muri nya mibindi mininiminini. 17  Ababwira kandi ati: “Muze kwitegereza uko ngira, abe ari ko mugira. Ninashika ku mubari w’ikambi, uko nza kugira abe ari ko mugira. 18  Ninamara kuvuza inzamba, jewe n’abari kumwe nanje bose, namwe rero muce muvuza inzamba irya n’ino y’ikambi yose+, muheze muvuge muti: ‘Iya Yehova+ n’iya Gideyoni!’” 19  Mu nyuma, Gideyoni, ari kumwe na ba bagabo ijana bari kumwe na we, ashika ku mubari w’ikambi iterama ryo mu gicugu+ ritanguye. Ni ho bari bagiheza kugombora abanyezamu. Baca bavuza inzamba+, bongera basavya ya mibindi mininiminini y’amazi yari mu maboko yabo+. 20  Ya migwi itatu ica ivuza inzamba+ yongera isavya ya mibindi mininiminini, bafata vya bimuri mu kuboko kwabo kw’ibubamfu, ukuboko kw’iburyo na kwo gufata inzamba kugira bazivuze, maze batangura gusemerera bati: “Inkota ya Yehova+ n’iya Gideyoni!” 21  Muri ico gihe, baguma bahagaze umwe wese mu kibanza ciwe irya n’ino y’ikambi; nya kambi yose itangura kwiruka no kwiha akaruru no guhunga+. 22  Bamwe amajana atatu+ babandanya kuvuza inzamba+, maze Yehova arabisha inkota y’umwe wese kuri mugenziwe barazibagurana mw’ikambi yose+; nya kambi ibandanya guhunga gushika i Beti-shita, yerekeza i Zerera, gushika ku mubari wa Abeli-mehola+ iruhande ya Tabati. 23  Muri ico gihe, abagabo ba Isirayeli barakorana bavuye muri Nafutali+ no muri Asheri+ no muri Manase+ hose, maze boma+ inyuma Midiyani. 24  Gideyoni atuma intumwa mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ kose kuvuga ziti: “Manuke guhura na Midiyani, mubatange gufata amazi gushika i Beti-bara, mufate na Yorodani.” Nuko abagabo bose ba Efurayimu barakorana, maze bafata amazi+ gushika i Beti-bara, bafata na Yorodani. 25  Bafata kandi abaganwa babiri ba Midiyani, ari bo Orebu na Zeyebu+; nuko bicira Orebu ku gitandara ca Orebu+, Zeyebu na we bamwicira ku gikono c’umuvinyu ca Zeyebu. Babandanya kwoma inyuma Midiyani+, hanyuma bazanira Gideyoni umutwe wa Orebu n’uwa Zeyebu mu karere ka Yorodani+.

Amakuru yiyongereye

Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.