Abacamanza 6:1-40

6  Maze bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Yehova rero abatanga mu kuboko kwa Midiyani+ imyaka indwi.  Nuko ukuboko kwa Midiyani kunesha Isirayeli+. Kubera Midiyani, bene Isirayeli bigirira ububiko bwo mu kuzimu bwari mu misozi, n’amasenga be n’ibibanza bigoye gushikamwo+.  Ibi ni vyo vyaba: Iyo Isirayeli ibivye imbuto+, Midiyani na Amaleki+ n’Abanyabuseruko+ baca baduga kubatera.  Barakambika kugira ngo babatere, bakayogeza umwimbu w’isi gushika i Gaza; nta bifungurwa canke intama canke ishūri canke indogobwa basigaza muri Isirayeli+.  Kuko baduga, bo n’ibitungwa vyabo, kumwe n’amahema yabo. Baza ari benshi nk’inzige+, kandi bo n’ingamiya zabo ntibagira igitigiri+; baraza mu gihugu kugira bakiyogeze+.  Isirayeli isigara yifumbereje bimwe bibi kubera Midiyani; maze bene Isirayeli batangura gutabaza Yehova+.  Nuko kubera ko bene Isirayeli batabaje Yehova kubera Midiyani+,  Yehova arungika kuri bene Isirayeli umugabo umwe, umuhanuzi+, ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ni jewe nabaduganye ndabakuye mu Misiri+, gutyo ndabakura mu nzu y’abaja+.  Narabarokoye rero mu kuboko kwa Misiri no mu kuboko kw’ababahahaza bose, ndabirukana imbere yanyu ndaheza mbaha igihugu cabo+. 10  Vyongeye, nababwiye nti: “Ndi Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mutinye imana z’Abamori+ bene igihugu mubayemwo+.” Mugabo ntimwumvirije ijwi ryanje+.’” 11  Mu nyuma umumarayika wa Yehova araza+, yicara munsi y’igiti kinini cari i Ofura, icegukira Yowasi Umwabiyezeri+, mu gihe Gideyoni+ umuhungu wiwe yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu kugira azikureho ningoga Midiyani ntizibone. 12  Maze umumarayika wa Yehova aramubonekera, amubwira ati: “Yehova ari kumwe nawe+, yewe ntwari, munyenkomezi.” 13  Gideyoni aca amubwira ati: “Ntunga mukama wanje, mugabo nimba Yehova ari kumwe natwe, kubera iki none ibi vyose vyadushikiye+, kandi biri hehe vya bikorwa vy’agatangaza+ vyiwe vyose ba data batwiganiye+, bati: ‘None mu Misiri si ho Yehova yatuduganye adukuye+?’ None ubu Yehova yaradutaye+, adutanga mu kiganza ca Midiyani.” 14  Yehova aca amuraba mu maso, avuga ati: “Jana izo nkomezi ufise+, kandi uzokiza ata gukeka Isirayeli uyikure mu kiganza ca Midiyani+. None singutumye+?” 15  Na we amubwira ati: “Ntunga Yehova. Nzokirisha Isirayeli iki+? Ehe umuryango wanje* ni wo nkehwa muri Manase, kandi ni jewe ndi mutoyi mu nzu ya dawe+.” 16  Mugabo Yehova amubwira ati: “Ni uko nzobana nawe+, kandi ntuzobura kwica Midiyani+ nk’aho yoba ari umuntu umwe.” 17  Na we amubwira ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe+, ukwiye rero kunkorera ikimenyetso cerekana ko ari wewe uriko uvugana nanje+. 18  Ndakwinginze ntuve ng’aha gushika nje aho uri+ nzanye ingabirano yanje nkayishira imbere yawe+.” Na we avuga ati: “Ndaguma nicaye ng’aha gushika ugarutse.” 19  Gideyoni arinjira maze atangura gutegura akagazi k’impene+, na efa* imwe y’ifu ayikoramwo udutsima tutarimwo umwambiro+. Inyama azishira mu gisimbo, umufa na wo awushira mu nkono, hanyuma arabisohokana, abimuzanira munsi ya ca giti kinini maze arabimushikiriza. 20  Wa mumarayika w’Imana y’ukuri amubwira ati: “Fata izo nyama n’utwo dutsima tutarimwo umwambiro ubishire kuri kirya gitandara+ hanyuma usukeko uwo mufa.” Agira kuno. 21  Maze nya mumarayika wa Yehova atuma isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, akora kuri za nyama na twa dutsima tutarimwo umwambiro, umuriro uca utangura kuduga uvuye muri nya gitandara, uyigiza za nyama na twa dutsima tutarimwo umwambiro+. Nya mumarayika wa Yehova aca arakamangana ntiyasubira kumubona. 22  Gideyoni atahura rero ko yari umumarayika wa Yehova+. Gideyoni aca avuga ati: “Ndagowe, Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wa Yehova amaso mu yandi+!” 23  Mugabo Yehova amubwira ati: “Gira amahoro+. Ntutinye+. Ntupfa+.” 24  Gideyoni ahubakira rero igicaniro+ Yehova, kikaba kicitwa+ Yehova-shalomu* gushika n’uyu musi. Kiracari i Ofura+ h’Ababiyezeri. 25  Nuko muri iryo joro Yehova yongera kumubwira ati: “Tora ca kimasa, ca kimasa ca so, ni ukuvuga ca kimasa kigira kabiri c’imyaka indwi, usambure ca gicaniro ca Bayali+ ca so, na ca gikingi ceranda kiri iruhande yaco ucicire+. 26  Wubakire igicaniro Yehova Imana yawe ku mutwe w’iki gihome gikomeye, n’umurongo w’amabuye, maze ufate nya kimasa kigira kabiri ugishikane bwa shikanwa riturirwa, ku nkwi za nya gikingi ceranda uzoba wiciye.” 27  Gideyoni afata rero abagabo cumi mu basuku biwe maze akora nk’uko Yehova yari yamubwiye+; mugabo kubera ko yatinya cane urugo rwa se n’abagabo bo mu gisagara ku buryo atari kubikora ku murango, abikora mw’ijoro+. 28  Abagabo bo mu gisagara bavyutse kare mu gitondo nk’uko bisanzwe, basanga igicaniro ca Bayali cari casituriwe hasi, na ca gikingi ceranda+ cari iruhande yaco ciciwe, ca kimasa kigira kabiri na co cashikanywe ku gicaniro cari cubatswe. 29  Batangura rero kubazanya bati: “Ni nde yakoze iki kintu?” Nuko barabaza bongera bararondera. Amaherezo bavuga bati: “Gideyoni mwene Yowasi ni we yakoze iki kintu.” 30  Nya bagabo bo mu gisagara rero babwira Yowasi bati: “Sohora umuhungu wawe apfe+, kuko yasituriye hasi ca gicaniro ca Bayali, akongera akicira ca gikingi ceranda cari iruhande yaco.” 31  Yowasi+ aca abwira abari bahagaze bahanganye na we+ bose ati: “Mbega ni mwebwe muburanira Bayali kugira murabe ko mwoyikiza? Uwuyiburanira wese abwirizwa kwicwa muri iki gitondo nyene+. Nimba ari Imana+, niyiburanire+, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.” 32  Nuko kuri uwo musi yita Gideyoni Yerubayali*+, avuga ati: “Bayali niyiburanire, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo+.” 33  Maze Midiyani+ yose na Amaleki+ n’Abanyabuseruko+ bakoranira hamwe nk’umuntu umwe+, barajabuka hanyuma bakambika mu kiyaya co hasi ca Yezireyeli+. 34  Impwemu ya Yehova+ itwikira Gideyoni ku buryo atangura kuvuza inzamba+, Ababiyezeri+ barakoranywa ngo bamukurikire. 35  Arungika intumwa+ kwa Manase hose, na bo nyene barakoranywa ngo bamukurikire. Arungika kandi intumwa kwa Asheri no kwa Zebuloni no kwa Nafutali, na bo baduga kumusanganira. 36  Maze Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: “Nimba ugira ukize Isirayeli biciye kuri jewe, nk’uko wasezeranye+, 37  ehe nshize ubwoya ku mbuga y’ikubitiro. Ikime nicaba kuri ubwo bwoya gusa mugabo hasi hose hakaba humye, nca menya koko yuko uzokiza Isirayeli biciye kuri jewe, nk’uko wasezeranye.” 38  Biba gutyo nyene. Avyutse kare ku musi ukurikira maze agakanya nya bwoya, abukuramwo ikime gihagije cokwuzuza amazi ibakure nini y’inzimano. 39  Ariko Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: “Ishavu ryawe ntirindurumbire, mugabo nkundira mvuge rindi rimwe gusa. Ndakwinginze ngezeshe ubu bwoya rindi rimwe gusa. Ndakwinginze ubwoya bwonyene bwume, mugabo hasi hose habe ikime.” 40  Nuko Imana igira gutyo iryo joro; ubwoya bwonyene buba ari bwo bwuma, mugabo hasi hose haboneka ikime.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “igihumbi canje.”
Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.
Bisobanura ngo “Yehova ni amahoro.”
Bisobanura ngo “Bayali niyiburanire.”