Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 4:1-24

4  Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova Ehudi amaze gupfa+.  Nuko Yehova abagurisha+ mu kuboko kwa Yabini umwami wa Kanani yaganza i Hazori+; kandi umukuru w’ingabo ziwe yari Sisera+, uno akaba yaba i Harosheti+ h’amahanga.  Bene Isirayeli batangura rero kuririra Yehova+, kuko Yabini yari afise imikogote y’intambara amajana icenda ifise ibikeruzo vy’icuma+, kandi ubwiwe akaba yari amaze imyaka mirongo ibiri ahahaza bene Isirayeli+ bimwe bibi.  Kandi Debora, umuhanuzikazi+, umugore wa Lapidoti, ni we yacira imanza Isirayeli ico gihe nyene.  Yaba munsi y’ikigazi ca Debora hagati ya Rama+ na Beteli+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu; kandi bene Isirayeli baraduga iwe ngo abacire imanza.  Atumako rero Baraki+ mwene Abinowamu i Kedeshi-nafutali+, amubwira ati: “Yehova Imana ya Isirayeli ategetse ati: ‘Genda ushware umusozi Tabori+, kandi ujane n’abagabo ibihumbi cumi bo muri bene Nafutali+ no muri bene Zebuloni+.  Nanje ata gukeka, Sisera+ umukuru w’ingabo za Yabini+ n’imikogote yiwe y’intambara be n’isinzi ryiwe nzomukwegakwegera kuri wewe+, mu mwonga Kishoni+, kandi nzomutanga koko mu kuboko kwawe+.’”  Nuko Baraki amubwira ati: “Niwajana nanje, nanje sinzobura kugenda; mugabo nutajana nanje, sinzogenda.”  Na we avuga ati: “Sinzobura kujana nawe. Ariko ubwiza ntibuzoba ubwawe ku nzira ujanye, kuko mu minwe y’umugore+ ari ho Yehova azogurisha Sisera.” Debora aca arahaguruka, ajana na Baraki i Kedeshi+. 10  Baraki atangura gukoraniriza Zebuloni+ na Nafutali i Kedeshi; nuko abagabo ibihumbi cumi baduga bakurikiye intambuko ziwe+; Debora na we adugana na we. 11  Kandi Heberi+ Umukeni yari yaratandukanye n’Abakeni+, bene Hobabu, uwo Musa yari yarabereye umukwe+, akaba yari yashinze ihema ryiwe iruhande y’igiti kinini i Zayananimu, ahari i Kedeshi. 12  Maze Sisera amenyeshwa yuko Baraki mwene Abinowamu+ yari yaduze ku musozi Tabori+. 13  Sisera aca akoranya imikogote y’intambara yiwe yose, ya mikogote y’intambara amajana icenda ifise ibikeruzo vy’icuma+, n’abantu bose bari kumwe na we, bava i Harosheti h’amahanga baja ku mwonga Kishoni+. 14  Nuko Debora abwira Baraki ati: “Haguruka, kuko uyu ari wo musi Yehova aza gutanga ata gukeka Sisera mu kuboko kwawe. None Yehova si we akugiye imbere+?” Nuko Baraki atangura kumanuka avuye ku musozi Tabori, inyuma yiwe hari abagabo ibihumbi cumi. 15  Yehova atangura guta mu muvurungano+ Sisera n’imikogote y’intambara yiwe yose n’ikambi yose, abicisha ubugi bw’inkota imbere ya Baraki. Amaherezo Sisera yururuka umukogote, ahunga n’amaguru. 16  Nuko Baraki yoma inyuma+ nya mikogote y’intambara+ na nya kambi gushika i Harosheti h’amahanga, ku buryo ikambi ya Sisera yose igwishwa n’ubugi bw’inkota. Ntihasigara n’umwe+. 17  Nayo Sisera+, ahungira n’amaguru kw’ihema rya Yayeli+ umugore wa Heberi Umukeni+, kuko hari amahoro hagati ya Yabini umwami wa Hazori+ n’urugo rwa Heberi Umukeni. 18  Maze Yayeli asohoka gusanganira Sisera, amubwira ati: “Kebereza ng’aha, mukama wanje, kebereza ng’aha iwanje. Ntutinye.” Akebereza iwe mw’ihema. Mu nyuma amupfuka uburengeti. 19  Haciye umwanya Sisera amubwira ati: “Ndakwinginze umpe utuzi two kunywa, kuko nyotewe.” Nuko yugurura umukuza w’urushato+ w’amata, amuha utwo anywa+, araheza aramupfuka. 20  Sisera yongera kumubwira ati: “Hagarara ku bwinjiriro bw’ihema, maze nihagira uwuza akakubaza ati: ‘Hari umugabo ari ng’aha?’, uce uvuga uti: ‘Oya!’” 21  Yayeli umugore wa Heberi rero atora urumambo rwa nya hema, hanyuma afata inyundo mu kuboko kwiwe. Maze aja iyo ari yomboka, amushinga nya rumambo mu misaya+, araruhonda rwinjira mw’isi, mu gihe yari asinziriye ubutikoma, yarushe. Nuko arapfa+. 22  Maze ehe, Baraki yari akurikiye Sisera. Nuko Yayeli asohoka kumusanganira, amubwira ati: “Ingo ndakwereke umugabo uriko urarondera.” Yinjira rero iwe, maze asanga Sisera yari arambaraye yapfuye, rwa rumambo ruri mu misaya yiwe. 23  Gutyo kuri uwo musi Imana imara igabo+ Yabini umwami wa Kanani imbere ya bene Isirayeli. 24  Maze ukuboko kwa bene Isirayeli kugenda kurushiriza gukomera ku bwo kurwanya Yabini umwami wa Kanani+, gushika baranduye Yabini umwami+ wa Kanani.

Amakuru yiyongereye