Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 21:1-25

21  Kandi abagabo ba Isirayeli bari bararahiriye i Mizipa+, bati: “Nta muntu n’umwe muri twebwe azoshingira umukobwa wiwe Benyamini+.”  Nuko rero abantu baja i Beteli+, baguma bicaye ng’aho imbere y’Imana y’ukuri+ gushika ku mugoroba; babandanya gushira ijwi hejuru, bararira bimwe bikomeye+.  Baza baravuga ngo: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, kubera iki ibi vyashitse muri Isirayeli, umuryango umwe ukabura uyu musi muri Isirayeli+?”  Nuko ku musi ukurikira, abantu bavyuka kare bubaka igicaniro ng’aho, baraheza bashikana amashikanwa aturirwa+ be n’amashikanwa y’ugusangira+.  Maze bene Isirayeli bavuga bati: “Ni nde mu miryango yose ya Isirayeli ataduze mw’ishengero imbere ya Yehova? Kuko habaye indahiro+ ikomeye ku bijanye n’uwutaduze imbere ya Yehova i Mizipa, igira iti: ‘Ntaze abure kwicwa+.’”  Bene Isirayeli batangura kwicuza ku bijanye na Benyamini mwene wabo. Bavuga rero bati: “Uyu musi umuryango umwe waranduwe muri Isirayeli.  Tugirire iki abasigaye ku bijanye n’abagore, ko twebwe ubwacu twarahiye+ Yehova yuko tutazobashingira n’umwe mu bakobwa bacu+?”  Babandanya kuvuga bati: “Ni uwuhe mu miryango ya Isirayeli utaduze imbere ya Yehova i Mizipa+?” Nuko basanga ata n’umwe yari yaraje mw’ikambi, mw’ishengero, avuye i Yabeshi-gileyadi+.  Baharūye abantu, erega, basanga ata mugabo n’umwe ahari mu baba i Yabeshi-gileyadi. 10  Nuko ikoraniro rirungikayo abagabo ibihumbi cumi na bibiri b’intwari kuruta abandi, babategeka bati: “Gende mukubitishe ubugi bw’inkota ababa i Yabeshi-gileyadi, mbere n’abagore n’abana batoyi+. 11  Iki ni co muzogira: Uw’igitsina-gabo wese n’umugore wese yigeze kuryamana n’uw’igitsina-gabo muze mutikize+.” 12  Ariko mu baba i Yabeshi-gileyadi+ basangamwo abakobwa amajana ane b’isugi+ batigeze bahuza ibitsina n’umugabo mu kuryamana na we. Babazana rero kw’ikambi i Shilo+, ahari mu gihugu ca Kanani. 13  Nuko ikoraniro ryose rituma abaja kuvugana na bene Benyamini bari ku rutare rwa Rimoni+, babamenyesha ko ari amahoro. 14  Nuko bene Benyamini baragaruka ico gihe. Maze babaha ba bigeme bari bazigamiye ubuzima mu bagore b’i Yabeshi-gileyadi+; mugabo ntibabaronkera abahagije+. 15  Abantu baricuza ku bijanye na Benyamini+, kuko Yehova yari yatumye haba umukokwe hagati y’imiryango ya Isirayeli. 16  Ku bw’ivyo abagabo b’inararibonye b’ikoraniro bavuga bati: “Tuzogirira iki abagabo basigaye, ku bijanye n’abagore, ko abagore bazimanganijwe muri Benyamini?” 17  Maze bavuga bati: “Hakwiye kuba intoranwa ku bw’abacitse kw’icumu bo muri Benyamini+, kugira ngo umuryango ntuhanagurwe muri Isirayeli. 18  Mugabo twebwe, ntitwemerewe kubaha abagore mu bakobwa bacu, kuko bene Isirayeli barahiye bati: ‘Aravumwe uwuzoha umugore Benyamini+.’” 19  Amaherezo bavuga bati: “Ehe ku mwaka ku mwaka haraba umusi mukuru wa Yehova i Shilo+, ahari mu buraruko bwa Beteli, mu buseruko bw’inzira y’ikirari iduga i Shekemu+ ivuye i Beteli, no mu bumanuko bwa Lebona.” 20  Nuko bategeka bene Benyamini bati: “Gende mubunde mu mirima y’imizabibu. 21  Murereke, maze nimwabona abakobwa b’i Shilo basohotse gutamba+ intambo z’umuzingi, muce muva muri iyo mirima y’imizabibu hanyuma umwe wese yitwarire ku nguvu umugore mu bakobwa b’i Shilo, muheze muje mu gihugu ca Benyamini. 22  Ba se canke basaza babo nibaza kutwitwarira, natwe ntituzobura kubabwira duti: ‘Nimutugirire ubutoni ku neza yabo, kubera ko umwe wese tutamuronkeye umugore biciye ku ntambara+, kuko atari mwebwe mwababihereye bikaba vyotumye mwagirwa n’icaha+.’” 23  Nuko bene Benyamini bagira gutyo nyene, batwara abagore bahwanye n’igitigiri cabo+, babakuye mu bigeme bariko batamba+ bazunguruka, abo banyakuye; hanyuma baragenda, basubira mu ntoranwa yabo maze bubaka ibisagara+, batangura kubibamwo. 24  Maze bene Isirayeli batangura gushwiragira bavuye ng’aho ico gihe, umwe wese aja mu muryango wiwe no ku rugo rwiwe; bava ng’aho baragenda, umwe wese aja ku ntoranwa yiwe+. 25  Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyari bibereye mu maso yiwe+.

Amakuru yiyongereye