Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 18:1-31

18  Muri iyo misi, nta mwami yariho muri Isirayeli+. Kandi muri iyo misi, umuryango w’Abadani+ wariko wironderera intoranwa yo kubamwo; kuko gushika uwo musi batari bwaronke intoranwa hagati mu miryango ya Isirayeli+.  Amaherezo bene Dani batuma abagabo batanu bo mu muryango wabo, abagabo bo muri bo, abagabo b’intwari, bavuye i Zora+ n’i Eshitayoli+, kugira batate+ igihugu no kugira bakigendure. Bababwira rero bati: “Gende mugendure ico gihugu.” Barahava binjira mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, bashika ku nzu ya Mika+, bararaho.  Bari hafi y’inzu ya Mika, bamenya ijwi rya wa musore, wa Mulewi, baca bakeberezayo. Bamubwira bati: “Ni nde yakuzanye ng’aha? Ukora iki aha hantu, kandi ugumijwe n’iki ng’aha?”  Na we ababwira ati: “Mika yangiriye gutya na gutya kugira ampere+, no kugira ndamubere umuherezi+.”  Maze bamubwira bati: “Turakwinginze usiguze+ Imana+ kugira tumenye niba inzira yacu, inzira tujanye, izororanirwa.”  Nya muherezi rero ababwira ati: “Nimugende amahoro. Imbere ya Yehova ni ho inzira yanyu iri, inzira mujanye.”  Nya bagabo batanu barabandanya rero maze bashika i Layishi+, babona ingene abantu bariyo bari babayeho batazera inze, nk’uko umugenzo w’Abanyasidoni wari, batekanye kandi ata co binona+; kandi nta munyazi w’intara w’agahahazo yasindira ikintu na kimwe muri ico gihugu, kuko baba kure y’Abanyasidoni+ bakaba kandi ata co bari bahuriyeko n’abantu.  Amaherezo bashikira bene wabo i Zora+ n’i Eshitayoli+, maze bano batangura kubabwira bati: “Vyabagendeye gute?”  Na bo bishura bati: “Haguruke, tuduge kubatera; kuko twabonye ico gihugu, kandi ni ciza cane+. Namwe muriko mugonanwa. Ntimugire ubute bwo kugenda, kugira mwinjire maze mwigarurire ico gihugu+. 10  Nimwinjira, muzoshikira ku bantu ata co binona+, kandi ico gihugu kiragutse rwose; kuko Imana igitanze mu kuboko kwanyu+; ni ahantu ata kintu c’ubwoko na bumwe co mw’isi kihabuze+.” 11  Nuko abagabo amajana atandatu bakenyeye ibirwanisho vy’intambara bo mu muryango w’Abadani+, baragenda bavuye ng’aho, ni ukuvuga bavuye i Zora n’i Eshitayoli+. 12  Baraduga maze bakambika i Kiriyati-yeyarimu+ muri Yuda. Ni co catumye aho hantu bahita Mahane-dani*+ gushika n’uyu musi. Ehe haherereye mu burengero bwa Kiriyati-yeyarimu. 13  Hanyuma bava ng’aho baja mu karere k’imisozi ka Efurayimu hanyuma bashika ku nzu ya Mika+. 14  Maze ba bagabo batanu bari bagiye gutata+ igihugu ca Layishi+ babwira bene wabo bati: “Mwari muzi yuko muri aya mazu hari efodi na terafimu+ n’igishusho c’ikibazano+ be n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+? Ubu rero nimwiyumvire ico muri bukore+.” 15  Bakeberezayo rero maze bashika ku nzu ya wa musore, wa Mulewi+, ku nzu ya Mika, baraheza batangura kubaza amakuru yiwe+. 16  Muri ico gihe, ba bagabo amajana atandatu bakenyeye ibirwanisho vyabo vy’intambara+ bo muri bene Dani+, bari bahagaze ku bwinjiriro bw’irembo. 17  Ba bagabo batanu bari bagiye gutata ico gihugu+ baraduga rero, kugira ngo binjireyo gutora ca gishusho c’ikibazano+ na ya efodi+ na ya terafimu+ na ca gishusho co mu cuma gishongeshejwe+. (Kandi wa muherezi+ yari ahagaze mu bwinjiriro bw’irembo ari kumwe na ba bagabo amajana atandatu bakenyeye ibirwanisho vy’intambara.) 18  Nuko nya bagabo batanu binjira mu nzu ya Mika maze batora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi na ya terafimu na ca gishusho co mu cuma gishongeshejwe+. Nya muherezi+ ababwira ati: “Ivyo mugira ni ibiki?” 19  Mugabo bamubwira bati: “Tekereza. Shira ikiganza cawe ku munwa, uheze ujane natwe utubere data+ be n’umuherezi+. Mbega icoba ciza kuruta, ni uko wobandanya kuba umuherezi w’inzu y’umuntu umwe+ canke ko uba umuherezi w’umuryango n’inzu muri Isirayeli+?” 20  Umutima wa nya muherezi uca urahimbarwa+, atora rero ya efodi na ya terafimu na ca gishusho c’ikibazano+, aja hagati mu bantu. 21  Maze barahindukira bafata inzira, bashira imbere yabo abana batoyi n’ibitungwa n’ibintu vy’agaciro+. 22  Bamaze gushika kure y’inzu ya Mika, abagabo bari mu mazu yari hafi y’inzu ya Mika+ barakorana, maze bagerageza guhamvya bene Dani. 23  Bagumye batera akamo bene Dani, bano baca barahindukira, babwira Mika bati: “Ni amaki wewe+, ko wakoranije abo bantu?” 24  Aca avuga ati: “Imana zanje+ nahinguye+ mwazitwaye, n’umuherezi+ muratwara, muraheza muragenda; none nsigaranye iki+? Mushobora gute none kumbwira ngo: ‘Ni amaki wewe?’” 25  Bene Dani baca bamubwira bati: “Ntiwumvikanishe ijwi ryawe hafi yacu, kugira ngo abagabo b’umutima udundumiwe+ ntibahave babagurukirako, mwe n’urugo rwawe mukahasiga ubuzima.” 26  Bene Dani babandanya kugenda; Mika abona ko bakomeye kumurusha+, aca arahindukira asubira ku nzu iwe. 27  Nayo bo, batwara ivyo Mika yari yarahinguye na wa muherezi+ wiwe, babandanya kuja i Layishi+, gutera abantu batekanye kandi ata co binona+. Batangura kubakubitisha ubugi bw’inkota+, igisagara na co bagiha umuriro+. 28  Ntihaboneka umurokozi, kuko hari kure y’i Sidoni+, bakaba kandi ata co bari bahuriyeko na gato n’abantu; hari mu kiyaya co hasi cegukira Beti-rehobu+. Maze bongera kwubaka ico gisagara, hanyuma bakibamwo+. 29  Vyongeye, ico gisagara bacita Dani bisunze izina rya se Dani+, uwari yavutse kuri Isirayeli+. Ariko mu ntango ico gisagara citwa Layishi+. 30  Inyuma y’ivyo, bene Dani bishingira igishusho c’ikibazano+; Yonatani+ mwene Gerishomu+, Gerishomu wa Musa, we n’abahungu biwe baba abaherezi b’umuryango w’Abadani gushika umusi ico gihugu cajanwa mu bunyagano+. 31  Nya gishushanyo c’ikibazano ca Mika, ico yari yarahinguye, baguma bagishinze imisi yose inzu+ y’Imana y’ukuri yabandanije kubaho i Shilo+.

Amakuru yiyongereye

Bisobanura ngo “Ikambi ya Dani.”