Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Abacamanza 17:1-13

17  Buno hari umugabo wo mu  karere  k’imisozi ka Efurayimu+ yitwa Mika.  Arahava abwira nyina ati: “Vya bice igihumbi n’ijana vy’ifeza bagutwara ukavuma+ uwavyivye, ukabivuga numva . . . erega izo feza ni je ndazifise. Ni je nazitwaye+.” Nyina aca avuga ati: “Umuhungu wanje aragahezagirwa na Yehova+.”  Nuko asubiza nyina nya bice igihumbi n’ijana vy’ifeza+; nyina abandanya kuvuga ati: “Emwe, ntegerezwa kwereza Yehova izi feza zivuye mu kuboko kwanje ku bw’umuhungu wanje, kugira ngo hakorwe igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; ubu rero ngira ndazigusubize.”  Mugabo asubiza nyina izo feza, maze nyina afata ibice amajana abiri vy’ifeza, abiha umucuzi w’ifeza+. Uno akora igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; nuko biba mu nzu ya Mika.  Uwo mugabo Mika yari afise inzu y’imana+; atangura rero gukora efodi+ na terafimu*+ no kwuzuza ububasha ukuboko+ kw’umwe mu bahungu biwe, kugira ngo amubere umuherezi+.  Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo yabona ko bibereye mu maso yiwe bwite+.  Kandi i Betelehemu+ muri Yuda hari umusore wo mu muryango wa Yuda, akaba yari Umulewi+. Yari amaze igihe gito aba ng’aho.  Nuko uwo mugabo ava mu gisagara ca Betelehemu muri Yuda kugira aje kuba arabaye aho ari ho hose yoronka ikibanza. Ariko aragenda, amaherezo yinjira mu karere k’imisozi ka Efurayimu, ashika ku nzu ya Mika+.  Maze Mika amubwira ati: “Uva he?” Na we ati: “Ndi Umulewi w’i Betelehemu muri Yuda, nkaba ndiko nja kuba ndabaye aho ari ho hose noronka ikibanza.” 10  Mika amubwira rero ati: “Niwibanire nanje, umbere dawe+ n’umuherezi+, nanje nzoguha ibice cumi vy’ifeza ku mwaka n’impuzu zikwiye zihora zikoreshwa be n’ibigutunga.” Nuko uwo Mulewi arinjira. 11  Uwo Mulewi afata rero ingingo yo kubana n’uwo mugabo, maze uwo musore amubera nk’umwe mu bahungu biwe. 12  Vyongeye, Mika yuzuza ububasha ukuboko+ kw’uwo Mulewi, kugira ngo uwo musore amubere umuherezi+ yongere agume aba mu nzu ya Mika. 13  Ku bw’ivyo Mika avuga ati: “Ubu ndamenye koko yuko Yehova azongirira neza, kuko uwu Mulewi ambereye umuherezi+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.